Publicidade

Jeremias 22

Abami babi bacirwa urubanza

1 Uku ni ko Uhoraho yambwiye: "Manuka uje ku kirimba c’umwami w’i Buyuda, maze uvuge ubu butumwa uti: 2 ‘Niwumve ijambo ry’Uhoraho, yewe mwami w’i Buyuda, wicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, namwe baganwa hamwe n’abantu banyu muca muri aya marembo. 3 Uku ni ko Uhoraho avuze: Nimukore ibigororotse n’ibibereye, mukize uwanyazwe mumukure mu maboko y’uwumucinyiza. Ntimugirire nabi canke ngo murenganye umunyamahanga, impfuvyi canke umupfakazi, kandi ntimuvishirize aha hantu amaraso y’uwutagira icaha. 4 Kuko nimwagira umwete wo kwitondera aya mabwirizwa, abami bo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi bazokwama baca muri aya marembo y’iki kirimba, bari mu mikogote kandi bagendera ku mafarasi, baherekejwe n’abaganwa babo n’abantu babo. 5 Ariko nimutitondera aya mabwirizwa, ni ko Uhoraho avuze, indahiro ni jewe nyene; aha hantu hazohinduka umusaka.’ "

6 Kuko uku ari ko Uhoraho avuze ku vyerekeye iki kirimba c’umwami w’i Buyuda, ati:

"Naho mumeze nka Gileyadi kuri jewe,

mukamera nk’agatwe k’umusozi w’i Libani,

ni ukuri nzoguhindura nk’ubugaragwa,

nk’ibisagara ata muntu abibamwo.

7 Nzorungika abo kugusambura,

umuntu wese afise ikigwanisho ciwe,

maze bazoca ibiti vyizavyiza vy’amasederi yawe

babiterere mu muriro.

8 Abantu bo mu bihugu vyinshi bazoca i ruhande y’iki gisagara maze babazanye bati: ‘Ni kuki Uhoraho yakoreye ibi bintu iki gisagara gihambaye?’ 9 Maze bazokwishura bati: ‘Ni kubera bahemutse kw’isezerano ry’Uhoraho Imana yabo, bagasenga bakongera bagakorera izindi mana.’ "

10 Ntimuze muririre umwami apfuye canke ngo mumugandararire;

ahubwo, muze muborogere uwujanywe nk’inyagano,

kuko atazogaruka

canke ngo asubire kubona igihugu c’amavukiro.

11 Kuko ibi ari vyo Uhoraho avuze ku vyerekeye Shalumu mwene Yosiya, yasubiye ku ngoma ya se umwami w’i Buyuda ariko akaba yarajanywe nk’inyagano: "Ntazogaruka. 12 Azopfira mu gihugu bamujanyemwo nk’inyagano; ntazosubira kubona iki gihugu.

13 Aragowe uwubakisha ikirimba ciwe ibigabitanyo,

akubakisha ivyumba vyo hejuru akarenganyo,

agakoresha abantu biwe atabahemba,

ntabahembe ku bw’ubutame bwabo.

14 Avuga ati: ‘Nzokwiyubakira ikirimba kinini

gifise ivyumba vyo hejuru vyagutse.’

Maze agaca amadirisha manini kuri co,

akayashariza akoresheje amasederi

hamwe n’irangi ritukura.

15 Mbega kugwiza amasederi menshi

ni kwo kukugira umwami?

Mbega so ntiyari afise ivyokurya n’ivyokunywa?

Yakoze ibigororotse n’ibikwiye,

kandi vyose vyagenze neza kuri we.

16 Yaraburanira abakene n’impahazwa,

maze vyose bikagenda neza.

Mbega ivyo si co bisigura kumenya jewe Uhoraho?"

ni ko Uhoraho avuze.

17 "Ariko amaso yawe n’umutima wawe

vyose wabishize ku nyungu mbi,

ku kuvisha amaraso y’uwutagira icaha

gucinyiza no kunyaga."

18 None rero uku ni ko Uhoraho avuze kuri Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda:

"Ntibazomugandarira, ngo bagire bati:

‘Yo! Musazanje! Yo! Mushikanje!’

Ntibazomugandarira bati:

‘Yo! Databuja! Yo! Nyakwubahwa!’

19 Azohambwa nk’indogoba,

azokwegwa hasi maze atererwe

hanze y’amarembo y’i Yerusalemu.

20 Duga i Libani maze usemerere,

ijwi ryawe ryumvikane i Bashani,

semerera uri i Abarimu,

kuko abo wikundiye bamenaguwe.

21 Narakuburiye igihe wari ukiri mu mutekano,

ariko uravuga uti: ‘Sinzokwumviriza!’

Uko ni ko wagenda kuva mu buto bwawe;

ntiwanyumviye.

22 Umuyaga uzotwara abungere bawe ahandi,

n’abo wikundiye bazojanwa ari inyagano.

Maze na we uzomaramara uteterwe

ku bw’ibibi vyawe.

23 Wewe uba i Libani,

wubatse icari cawe mu masederi,

ese ukuntu uzoboroga mu gihe uburibwe buzogufata,

nk’umugore afashwe n’ibise!"

24 "Ndahiye uguhoraho kwanje," ni ko Uhoraho avuze, "naho wewe, Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, wari impeta yo ku kuboko kwanje kw’i buryo, nzogukura ku rutoke rwanje. 25 Nzogutanga mu maboko y’abashaka kukwica, abo utinya, ari bo Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’Abanyababiloni. 26 Wewe na nyoko yakuvyaye nzobirukana muje mu kindi gihugu mutavukiyemwo, kandi aho ni ho mwempi muzopfira. 27 Ntuzogaruka muri iki gihugu ico wipfuza kugarukamwo."

28 Mbega uwu muntu Yehoyakini, si umuntu yankwa, si inkono imenetse,

ikintu ata n’umwe agishaka?

Ni kuki we n’abana biwe birukanywe mu gihugu,

bakaja mu gihugu batigeze bamenya?

29 Yewe wa gihugu, wa gihugu, wa gihugu,

niwumve ijambo ry’Uhoraho!

30 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Nimwandike uwu muntu nk’aho ari umuntu atagira abana,

umuntu atazokwigera atera imbere mu buzima bwiwe,

kuko ata wo mu ruvyaro rwiwe azotera imbere,

nta n’umwe azokwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi

ngo aganze i Buyuda.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-