Publicidade

Jeremias 23

Uwitwa Shami agororoka

1 Haragowe abungere bariko baratikiza bongera basanzaza intama zo mu buragiro bwanje!" Ni ko Uhoraho avuze. 2 Ku bw’ivyo, uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, abungere baragira intama zanje: "Kubera mwasanzaje umukuku wanje mukazirukana ntimuzibabare, nzobasukako igihano kubera ibibi mwakoze," ni ko Uhoraho avuze. 3 "Jewe ubwanje nzokwegeranya amasigarira y’umukuku wanje ndawukure mu bihugu nabirukaniyemwo maze ndabagarukane mu buragiro bwabo, aho bazogwirira kandi bakongerekana. 4 Nzoshiraho abungere babo bazobaragira, kandi ntibazosubira gutinya canke ngo bagwe igihumura, kandi nta n’umwe azobura muri bo," ni ko Uhoraho avuze.

5 "Ehe imisi iraje," ni ko Uhoraho avuze,

"aho nzohagurukiriza Dawidi uwitwa Shami agororotse,

umwami azoganzisha ubwenge

kandi agakora ibiroranye n’ibigororotse mu gihugu.

6 Mu misi yiwe Yuda azokizwa

na Isirayeli azoba mu mutekano.

Iri ni ryo zina azokwitwa:

Uhoraho ni Ukugororoka Kwacu."

7 "Nuko rero, imisi iraje," ni ko Uhoraho avuze, "aho abantu batazosubira kuvuga ngo: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ yakuye Abisirayeli muri Egiputa, 8 ariko bazovuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ yakuye uruvyaro rwa Isirayeli mu gihugu co mu buraruko mu bihugu yari yarabangarijemwo. Maze bazokwibera mu gihugu cabo bwite."

Ba kamenyi bavuga ibinyoma

9 Ku vyerekeye ba kamenyi:

Umutima wanje umenekeye muri jewe;

amagufa yanje yose ahinda agashitsi.

Meze nk’imborerwa,

meze nk’umugabo akomeye mugabo yaneshejwe n’umuvinyu,

kubera Uhoraho

n’amajambo yiwe yera.

10 Igihugu cuzuye abasambanyi;

kubera umuvumo utumye igihugu kigandara

kandi uburagiro bwo mu bugaragwa burakabiranye.

Abavugishwa bakurikira ikibi

kandi bakoresha ububasha bwabo ukutari kwo.

11 "Umuvugishwa n’umuherezi bompi nta vy’Imana bababaye;

no mu Ngoro yanje nsangamwo ukugira nabi kwabo,"

ni ko Uhoraho avuze.

12 "Ni co gituma inzira yabo izoba iy’ubunyerere;

bazokwirukanirwa mu mwiza

kandi aho ni ho bazogwa.

Nzobateza icago

mu mwaka bazohanirwamwo,"

ni ko Uhoraho avuze.

13 "Mu bavugishwa b’i Samariya

nabonye ikintu gisesema:

Bavugishwa mw’izina rya Bayali

bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.

14 No mu bavugishwa b’i Yerusalemu

Nabonye ikintu c’ubuyobe:

barasambana kandi bakibera mu binyoma.

Bakomeza amaboko y’abanyakibi,

kugira ngo ntihagire n’umwe ava mu bibi vyiwe.

Kuri jewe bose bameze nka Sodomu;

abantu b’i Yerusalemu bameze nka Gomora."

15 Nuko rero, uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze ku vyerekeye abo bavugishwa:

"Nzobarisha ivyokurya birura

kandi nzobanywesha amazi arimwo ishano,

kuko mu bavugishwa babo b’i Yerusalemu

havuyemwo ukutubaha Imana kwakwiye mu gihugu hose."

16 Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:

"Ntiwumvirize ivyo abo bavugishwa babavugako;

babuzuza ivyizigiro bitari vyo.

Bavuga ivyo beretswe bikuriye mu mitwe yabo,

bitavuye mu kanwa k’Uhoraho.

17 Bashishikara babwira abankengera bati:

Uhoraho avuze ngo: Muzoba amahoro.’

N’abashishikara inzira z’ugukomantara kw’imitima yabo

bababwira bati: ‘Nta co muzoba.’

18 Ariko ni nde wo muri bo yahagaze mu nama y’Uhoraho

ngo abone canke yumve ijambo ryiwe?

Ni nde yumvirije canke yumvise ijambo ryiwe?

19 Raba, isegenya y’Uhoraho

izoza ivuye mu burake bwiwe,

igihuhusi kizomanuka

kizunguruke ku mitwe y’abanyakibi.

20 Uburake bw’Uhoraho ntibuzosubira inyuma

kugeza aho azoba yashikije

imigabo yo mu mutima wiwe.

Mu misi izoza

muzobitahura neza.

21 Sinatumye abo ba kamenyi,

ariko bagiye bariruka bajanye ubutumwa bwabo;

sinavuganye na bo,

ariko baravugishijwe.

22 Mugabo iyo baba barashishikaye mu nama yanje,

bari kumenyesha abantu banje amajambo yanje

kandi baba baratumye bahindukira bakava mu nzira zabo mbi

no mu bikorwa vyabo bibi.

23 Mbega ndi Imana ya hafi gusa,"

ni ko Uhoraho avuze,

"mbega sindi n’Imana ya kure na ho?

24 Hari uwokwinyegeza ahantu

kugira ngo sindamubone?"

ni ko Uhoraho abaza.

"Mbega sinuzuye ijuru n’isi?"

Ni ko Uhoraho avuze.

25 "Numvise ivyo abavugishwa bavuga bavugishwa ibinyoma mw’izina ryanje. Bavuga bati: ‘Narose! Narose!’ 26 Ivyo bizobandanya gushika ryari mu mitima y’abo ba kamenyi babesha, bavugishwa ibitagira epfo na ruguru vyo mu bugunge bwabo? 27 Biyumvira ko inzozi babwirana zizotuma abantu banje bibagira izina ryanje, nk’uko ba sekuruza baryibagiye mu gusenga Bayali? 28 Uwuvugishwa afise ivyo yarose nabivuge, ariko uwufise ijambo ryanje narivuge mu bwizigirwa. Mbega ivyatsi bipfana iki n’imbuto?" Ni ko Uhoraho abaza. 29 "Mbega ijambo ryanje si nk’umuriro," ni ko Uhoraho abaza, "canke si nk’inyundo imenagura urutare?

30 Nuko rero," ni ko Uhoraho avuze, "nzogwanya abo bavugishwa b’ibisuma bibana amajambo; maze bakavuga ngo avuye iwanje. 31 Ego cane," ni ko Uhoraho avuze, "nzogwanya abo bavugishwa bavuga amajambo bishakiye bakavuga bati: ‘Uhoraho yavuze.’ 32 Ni ivy’ukuri, nzogwanya abo berekwa inzozi z’ibinyoma," ni ko Uhoraho avuze. "Babibwira abantu banje bakabazimirisha ivyo binyoma vyabo, kandi ntabatumye canke ntabatoranije. Nta co bamariye aba bantu na mba," ni ko Uhoraho avuze.

Ukuvugishwa kw’ibinyoma n’abavugishwa ibinyoma

33 "Aba bantu canke uwuvugishwa canke umuherezi, nibakubaza bati: ‘Mbega ijambo rivuye k’Uhoraho ni irihe?’ Uze ubabaze uti: ‘Ijambo irihe? Nzobaheba, ni ko Uhoraho avuze.’ 34 Uwuvugishwa canke umuherezi canke umuntu wese niyavuga ati: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ nzomuhana we n’abo mu nzu yiwe. 35 Ibi ni vyo umwe wese aguma abwira mugenziwe canke uwo mu muryango w’iwabo ati: ‘Mbega inyishu y’Uhoraho ni iyihe?’ canke ati: ‘Mbega Uhoraho avuze ngw’iki?’ 36 Ariko ntimuze musubire kuvuga ngo: ‘Iri ni ijambo rivuye k’Uhoraho’ kuko ijambo ry’umuntu wese ku giti ciwe rizoba ari irivuzwe na we. Rero mugoreka amajambo y’Imana nzima, Uhoraho Mushoboravyose, Imana yacu. 37 Mushishikara mubaza kamenyi ngo: ‘Mbega Imana yakwishuye iki?’ canke ngo: ‘Mbega Uhoraho yavuze iki?’ 38 Naho mwemeza ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ uku ni ko Uhoraho avuze: Mwakoresheje amajambo avuga ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ naho nari nababujije kuvuga ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho.’ 39 Ni co gituma, vy’ukuri nzobibagira maze ndabaterere kure y’aho ndi mwe n’igisagara nabahaye mwebwe na ba sogokuruza banyu. 40 Nzoshitsa kuri mwebwe agakengerwe n’ibimaramare bidashira kandi bitazokwigera vyibagirwa."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_09-43-29-