1 Mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya ari ku ngoma i Buyuda, iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho riti: 2 "Fata igitabu wandike muri co amajambo yose nakubwiye yerekeye Isirayeli, Yuda n’ayandi mahanga yose uhereye igihe natanguriye kuvugana nawe ku ngoma ya Yosiya kugeza n’ubu. 3 Kumbure abantu b’i Buyuda nibumva ivyago vyose nateguye kubahanisha, umwe wese azohindukira ave mu nzira yiwe mbi; maze nanje nzobababarira ibibi vyabo n’icaha cabo."
4 Nuko Yeremiya ahamagara Baruki mwene Neriya, maze Yeremiya amubwira amajambo yose Uhoraho yamubwiye, Baruki na we ayandika mu gitabu. 5 Maze Yeremiya abwira Baruki, ati: "Ndapfunzwe; sinshobora kuja ku Ngoro y’Uhoraho. 6 Nuko rero uze uduge uje mu Ngoro y’Uhoraho ku musi wo kwisonzesha uheze usomere abantu ivyo muri iki gitabu, amajambo yose y’Uhoraho wanditse nk’uko nakubwiye. Uze uyasomere abantu bose b’i Buyuda bazoza bavuye mu bisagara vyabo vyose. 7 Kumbure bazokwinginga Uhoraho, maze umwe wese ave mu nzira ziwe mbi, kuko ishavu n’uburake Uhoraho yavuze ko bizoza kuri ubu bwoko bihambaye cane."
8 Baruki mwene Neriya akora vyose nk’uko Yeremiya uwavugishwa n’Imana yabimubwiye; aja mu Ngoro y’Uhoraho ahasomera amajambo y’Uhoraho yari muri ca gitabu. 9 Mu kwezi kw’icenda kw’umwaka wa gatanu Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, hashingwa igihe co kwisonzesha imbere y’Uhoraho ku bantu bose b’i Yerusalemu no ku bari baje bavuye mu bisagara vy’i Buyuda. 10 Uhereye ku cumba ca Gemariya mwene Shafani umunyamabanga, cari mu rugo rwo haruguru ku muryango w’Irembo Rishasha ry’urusengero, Baruki asomera abantu bari mu Ngoro y’Uhoraho amajambo ya Yeremiya yari muri ca gitabu.
11 Igihe Mikaya mwene Gemariya, mwene Shafani, yumva ayo majambo y’Uhoraho yari muri ico gitabu, 12 amanuka mu cumba c’umunyamabanga mu kirimba c’umwami, aho abatware bose bari bicaye: Elishama umukarani, Delaya mwene Shemaya, Elunatani mwene Akubori, Gemariya mwene Shafani, Zedekiya mwene Hananiya, n’abandi batware bose. 13 Mikaya amaze kubabwira ivyo yumvise vyose Baruki ariko arasomera abantu biri mu gitabu, 14 abo batware bose batuma Yehudi mwene Netaniya, mwene Shelemiya, mwene Kushi, ngo abwire Baruki ati: "Zana ico gitabu wasomeye abantu kandi na wewe uze." Nuko Baruki mwene Neriya aja iyo bari afise ca gitabu mu minwe. 15 Baramubwira bati: "Niwicare, turabigusavye, maze ukidusomere."
Nuko Baruki arakibasomera. 16 Bumvise ayo majambo yose, barabana mu maso bafise ubwoba maze babwira Baruki bati: "Dutegerezwa kumenyesha umwami aya majambo yose." 17 Nuko babaza Baruki bati: "Tubwire, ibi vyose wavyanditse gute? Mbega Yeremiya ni we yabikubwiye?"
18 Baruki arabishura ati: "Egome, yambwiye aya majambo yose, nanje ndayandikisha irangi muri iki gitabu."
19 Maze ba baganwa babwira Baruki bati: "Wewe na Yeremiya, nimugende mwinyegeze. Ntihagire uwumenya aho mwinyegeje."
20 Bamaze gushira ico gitabu mu cumba ca Elishama umunyamabanga, baja aho umwami yari ari mu rugo bamubwira vyose. 21 Umwami atuma Yehudi kuzana ico gitabu, maze Yehudi arakizana agikuye mu cumba ca Elishama umunyamabanga maze agisomera umwami n’abatware bose bari bahagaze i ruhande yiwe. 22 Hari mu kwezi kw’icenda kandi umwami yari yicaye mu nzu yo kwikingira imbeho, umuriro uriko uraka mu cotero imbere yiwe. 23 Uko Yehudi yaba amaze gusoma uduce dutatu canke tune two mu gitabu, ni ko umwami yaja araducagagura akoresheje imbugita y’umwanditsi aduterera mu cotero, kugeza ca gitabu cose gihiye kigaherengetera. 24 Umwami n’abagendanyi biwe bose bumvise ayo majambo ntibagira ubwoba, canke ngo bitaburireko impuzu. 25 Naho Elunatani, Delaya na Gemariya binginze umwami ngo ntaturire ico gitabu, ntiyabumviye. 26 Ahubwo umwami yategetse Yerameyeli, umuhungu w’umwami, Seraya mwene Aziriyeli na Shelemiya mwene Abudeyeli ngo bafate Baruki umwanditsi na Yeremiya uwavugishwa n’Imana. Ariko Uhoraho yari yabanyegeje.
27 Umwami amaze guturira ico gitabu carimwo amajambo Baruki yari yanditse nk’uko Yeremiya yabimubwiye, ijambo ry’Uhoraho ritumwa kuri Yeremiya riti: 28 "Fata ikindi gitabu wandike ya majambo yari muri ca gitabu ca mbere, ico umwami Yehoyakimu w’i Buyuda yaturiye. 29 Kandi ubwire Yehoyakimu umwami w’i Buyuda uti: ‘Uhoraho avuze ati: Waturiye igitabu maze urabaza uti: ni kuki wanditse muri co ko umwami w’i Babiloni ategerezwa kuza no gusambura iki gihugu akureho abantu n’ibikoko vyo muri co? 30 Nuko rero, uku ni ko Uhoraho avuze ku vyerekeye Yehoyakimu umwami w’i Buyuda ngo: ntazoronka n’umwe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi; umuvyimba wiwe uzotererwa hanze uhure n’ubushuhe bw’izuba ku murango hamwe n’imbeho yo mw’ijoro. 31 Nzomuhana we n’abana biwe n’abamukomokako kubera ibibi bakoze; nzoshitsa kuri bo no ku baba i Yerusalemu n’i Buyuda ivyago vyose navuze ko nzobateza, kuko batumviye.’ "
32 Nuko Yeremiya afata ikindi gitabu agiha umwanditsi Baruki mwene Neriya, maze yandika muri co amajambo yose yari muri ca gitabu umwami Yehoyakimu w’i Buyuda yaturira, uko Yeremiya yayamubwira. Kandi amajambo menshi asa nk’ayo arongerwamwo.