Publicidade

Isaías 16

1 Nimurungike imyagazi y’intama nk’ishikanwa ryo kwisaba

muyirungikire umurongozi w’igihugu,

uhereye i Sela ugaca mu bugaragwa,

ukageza ku musozi w’Umukobwa Siyoni.

2 Nk’uko inyoni ziyerera

iyo zisamburiwe ivyari,

ni ko abagore b’i Mowabu bazomera

ku vyambu vy’uruzi Arunoni.

3 "Tugire inama," ni ko ab’i Mowabu bavuga.

"Fata ingingo.

Tuma igitutu cawe kitubere nk’ijoro

mu mashoka y’inka.

Nyegeza abacitse kw’icumu,

ntuhemukire impunzi.

4 Reka Abanyamowabu bacitse kw’icumu bagumane nawe,

ubabere ubwihisho bubakingira umuranduzi."

Kuko uwucinyiza ivyiwe bizoteba bihere,

kandi agatikizo kazorangira,

abateye bazokamangana bave mu gihugu.

5 Ico gihe, intebe y’ubwami izokomezwa n’urukundo,

mu bwizigirwa umugabo umwe azoyicarako,

ni uwukomoka mu nzu kwa Dawidi,

uwo mu guca imanza azorondera gukora ibigororotse:

kandi azonyarutsa guca urubanza mu bugororotsi.

6 Twarumvise ivy’ubwibone bwa Mowabu,

ko yibona birengeje.

Twarumvise ivy’ukwishira hejuru kwiwe n’agasuzuguro kiwe.

Ariko ukwishira hejuru kwiwe ni ukw’ubusa.

7 Ni co gituma Abanyamowabu baboroga,

bakoraniye hamwe kuborogera Mowabu.

Nimucure intimba,

ku bw’udutsima tw’inzabibu z’i Kiru-Hareseti.

8 Imirima y’i Heshiboni irakabiranye,

co kimwe n’inzabibu z’i Sibuma.

Abategetsi b’amahanga

basiribangiye hasi inzabibu z’indobanurwa,

kera zahora zishika n’i Yazeri

zigakwira no mu bugaragwa.

Imivyaro yazo yararandarara,

igashika kure ku kiyaga.

9 Ni co gituma ndira, nk’uko ab’i Yazeri barira,

baririra uruzabibu rw’i Sibuma,

ewe Heshiboni nawe Eliyalehi,

nzobavomeza amarira yanje.

Kuko impundu zitewe no kwera kw’ivyamwa vyawe,

n’izitewe no kwimbura kwawe zitacumvikana.

10 Umunezero n’urweze bikuwe mw’itongo rimera cane;

mu nzabibu ntihazosubira kwumvikana indirimbo canke akamo k’umunezero.

Nta wuzosubira kwengera umuvinyu mu bwato,

kuko nahagaritse akamo k’umunezero.

11 Ni co gituma ncurira intimba Mowabu nkamera nk’umurya w’inanga,

mu nda yanje hakaririra Kiru-Hareseti.

12 Ab’i Mowabu nibaja ku gasozi hejuru,

bazoba biyambagurira ubusa.

Nibaduga ku dutwe tw’imisozi ngo basenge ibigirwamana,

bizoba ari ivy’impfagusa.

13 Iryo ni ryo jambo Uhoraho yavuze kuri Mowabu. 14 Ariko noneho Uhoraho aravuze ati: "Imyaka itatu itarahera, nka kurya umukozi w’umucangero ayiharura, icubahiro ca Mowabu kizokengerwa, co kimwe n’abantu baho. Kandi abazosigara bacitse kw’icumu bazoba ari inkehwa cane, ata co bamaze."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-