Publicidade

Isaías 44

Isirayeli yatoranijwe

1 Ariko noneho niwumve yewe Yakobo umusavyi wanje,

Isirayeli, uwo natoranije.

2 Uku ni ko Uhoraho avuze,

uwakuremye, akakuremera mu nda,

akaba ari we azonagutabara,

ntutinye, yewe Yakobo, umukozi wanje,

Yeshuruni, uwo natoranije.

3 Kuko nzosuka amazi kw’isi igadutse,

ntembeshe imigende kw’isi yumye.

Nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe,

n’umugisha ku bagukomokako.

4 Bazokura nk’ubwatsi buvomererwa,

nk’ibiti vy’imilebeni biri i ruhande y’umugezi.

5 Umwe azovuga ati: ‘Jewe ndi uw’Uhoraho’;

uwundi na we azokwiyitirira izina rya Yakobo;

uwundi na we azokwandika mu kiganza ciwe ati:

‘Ndi uw’Uhoraho’;

hanyuma yiyitirire izina rya Isirayeli.

Uhoraho mu kibanza c’ibigirwamana

6 Uku ni ko Uhoraho avuze,

Umwami n’Umucunguzi wa Isirayeli,

Uhoraho Mushoboravyose:

Ndi uwa mbere nkaba n’uwa nyuma;

nta yindi Mana ibaho atari jewe.

7 Ni nde wundi ahwanye nanje? Naze abimenyeshe.

Naze abivuge abishire imbere yanje,

ambwire ivyabaye kuva nkirema abantu banje ba kera,

avuge n’ibizoza.

Ni koko naze avuge ibizoba.

8 Ntimujugumire, ntimugire ubwoba.

Sinari nabibabwiye, nkabibamenyesha kera bitaraba?

Muri ivyabona vyanje. Nta yindi Mana ihari atari jewe?

Haba na mba, nta rundi Rutare; nta rundi nzi."

9 Abakora ibishushanyo bose nta co bamaze,

n’ivyo baha agaciro vyose nta co bimaze.

Ababivugira bose ni impumyi;

ni imburabwenge, bazoteterwa.

10 Ababaza ibishushanyo canke bakabumba ibigirwamana,

bazobikuramwo iki?

11 Ababikora n’ababifatanya na bo bazomaramara;

ababikora ni abantu buntu.

Bose nibakoranire hamwe, bahagarare;

bazokwicwa n’ubwoba, isoni zibicire hamwe.

12 Umucuzi afata ico acurisha

akagishusha mu makara,

agahingura ikigirwamana akoresheje inyundo,

akagiha imero n’inkomezi z’amaboko yiwe.

Agasonza agaca acika intege,

atanyoye amazi akaraba.

13 Umubaji w’ibishushanyo apimisha umugozi,

agashira ibimenyetso ku gishushanyo n’ikaramu;

akibazisha imbazo,

akagipima cose n’icuma gipima.

Akagishushanyamwo ishusho y’umuntu,

mu bwiza bwiwe bwose,

maze akagishira mu kanyabugoro.

14 Yicira isederi,

canke agahitamwo ikindi giti.

Arakireka kigakurira hagati y’ibindi biti vyo mw’ishamba,

canke agatera pinusi, hanyuma imvura ikakimeza,

15 mu nyuma kikazoba inkwi zo gucana,

umuntu akagikurako inkwi zo kwota,

canke izo gucumba umutsima.

Ariko agikoramwo n’igishushanyo akagisenga,

akagikoramwo ikigirwamana akacikubita imbere.

16 Igice kimwe caco agicanisha umuriro;

akagitekesha ivyokurya,

akacotsako inyama, akarya agahaga.

Arongera akota, hanyuma akavuga ati:

"Ahwi! Ndasusurutse, ndonse umucanwa."

17 Igisigaye akagikoramwo imana, ikigirwamana ciwe;

akacunamira, akagisenga.

Akagisenga akibwira ati:

"Ndokora; ni wewe mana yanje."

18 Nta co bazi, nta co batahura;

amaso yabo aratwikiriwe kugira ngo ntabone,

ubwenge bwabo buracuramye kugira ngo ntibutahure.

19 Nta n’umwe yiyumvira, nta n’uwutahura

ngo avuge ati:

"Igice kimwe nagicanye,

nacumbiye ku makara yaco,

nongera notsa inyama ndazirya.

Mbega none igice gisigaye nogikoramwo imana?

Mbega nokwunamira ikigegene c’igiti?"

20 Uwo muntu arya umunyota, ayobejwe n’umutima wibesha.

Ntashobora kwikiza, canke ngo avuge ati:

"Mbega burya iki mfise mu ntoke si ikinyoma?"

21 "Niwibuke ivyo bintu, yewe Yakobo,

uvyibuke nawe Isirayeli umusavyi wanje.

Ni jewe nakuremye, uri umusavyi wanje;

yewe Isirayeli, sinzokwibagira.

22 Neyuye ivyaha vyawe nk’uko igicu ceyuka,

ivyaha vyawe ndabikuraho nk’igipfungu co mu gatondo.

Nimungarukeko,

kuko ni jewe nabacunguye."

23 Ririmbana umunezero mwa majuru mwe, kuko Uhoraho ari we yakoze ibi;

Semerera wa kuzimu we.

Nimuturagare muririmbe mwa mitumba mwe,

namwe mashamba hamwe n’ibiti vyose biri muri mwebwe,

kuko Uhoraho yarokoye Yakobo,

akerekanira icubahiro ciwe muri Isirayeli.

Yerusalemu hasubira kuba abantu

24 "Uku ni ko Uhoraho avuze,

Umucunguzi wawe, uwakubumbiye mu nda:

Ni jewe Uhoraho,

uwaremye ibintu vyose,

uwabamvye ijuru wenyene,

akagaranzura isi wenyene.

25 Ni jewe mpinyuza ibimenyetso vy’abavugishwa b’ibinyoma,

abapfumu nkabahindura ubusa,

nsubiza inyuma abanyabwenge,

ubwenge bwabo nkabuhindura ubupfu.

26 Ni jewe nshitsa amajambo y’abasavyi banje,

n’ivy’intumwa zanje zavugishijwe.

I Yerusalemu ndahavugako nti: ‘Hazosubira kuba abantu,’

ibisagara vy’i Buyuda na vyo nti: ‘Bizosubira kwubakwa,’

imisaka yaho nkayivugaka nti: ‘Nzohasanura.’

27 Mbwira ibiyaga binini nti: ‘Kama,

kandi n’inzuzi zawe nzozikamya.’

28 Ndavuga kuri Kuro nti: ‘Ni umusavyi wanje,

azoshitsa ivyo nshaka vyose;

azotegeka ati: "Yerusalemu nihubakwe,"

avuge ati: "Amatanguriro y’Ingoro nashirweho." ’

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-