1 Nimunyumvirize yemwe ababa mu mazinga,
mwumve ibi yemwe ababa mu mahanga ya kure.
Ntarabaho, Uhoraho yari yarampamagaye;
yampaye izina nkiri mu nda ya mama.
2 Akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe,
ampisha mu gitutu c’ukuboko kwiwe.
Yangize nk’umwampi usongoye,
anzigamira mu mutana wiwe.
3 Yarambwiye ati: "Uri umusavyi wanje,
Isirayeli, ni ho nzokwerekanira ubwiza bwanje butangaje."
4 Ariko ndavuga nti: "Nakoreye ubusa,
inkomezi zanje zapfuye ubusa.
Ariko ico ntegerezwa kuronka, kiri mu kuboko kw’Uhoraho,
kandi impera yanje ifiswe n’Imana yanje."
5 None rero Uhoraho aravuze,
uwambumbiye mu nda ya mama, kugira ngo nzomubere umukozi,
ngo nzomugarukanire Yakobo,
nongere ndamwegeranirizeko Abisirayeli;
natewe iteka mu nyonga z’Uhoraho,
kandi Imana yanje yambereye inkomezi;
6 avuga ati: "Ni ikintu gitoya cane kuba uri umukozi wanje,
ukanagura imiryango ya Yakobo,
ukagarukana Abisirayeli,
umuco ku Banyamahanga,
kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi."
7 Uku ni ko Uhoraho avuze,
Umucunguzi, akaba n’Uwera wa Isirayeli,
abwira uwo abantu basuzugura, akankwa n’amahanga,
akaba umuja w’abatware, ati:
"Abami bazokubona bahaguruke,
abaganwa na bo bakubone bakwunamire,
kuko Uhoraho, Uwera wa Isirayeli ari umwizigirwa,
akaba ari we yagutoranije."
8 Uku ni ko Uhoraho avuze:
"Igihe canje co kugira neza, nzokwishura,
kandi no ku musi wo gukirizwako, nzogutabara.
Nzokuzigama ndakugire uko ngomba,
ube isezerano hagati yanje n’abantu,
usubize igihugu uko cahora, ugisubize beneco,
9 ubwire abari mu mabohero uti: ‘Sohoka,’
n’abari mu mwijima uti: ‘Nimuje ahabona!’
Bazoba intama zanje zirisha ahatotahaye,
zironka ubwatsi ku misozi itahora imera.
10 Ntibazokwongera gusonza canke ngo banyoterwe,
kandi ntibazokwicwa n’ubushuhe canke izuba ryo mu bugaragwa.
Kuko uwubagiriye impuhwe azobaja imbere,
abajane ku masoko y’amazi.
11 Imitumba yanje yose nzoyihindura amabarabara,
kandi amabarabara yose azokwagurwa.
12 Ehe raba bazoza bavuye kure,
bamwe bazova mu buraruko, abandi bave mu burengero,
abandi bazanana mu bumanuko, ari ho muri Egiputa."
13 Nimuririmbe mwa majuru mwe,
unezerwe nawe wa si we;
muturagare muririmbe yemwe mitumba!
Kuko Uhoraho aremesheje abantu biwe,
akagirira impuhwe abari mu mibabaro.
14 Ariko Siyoni aravuga ati: "Uhoraho yarantaye,
Uhoraho yaranyibagiye."
15 Mbega umuvyeyi yokwibagira umwana yonsa,
akareka kugirira impuhwe uwo yavyaye?
Naho we yomwibagira,
jewe sinzokwibagira.
16 Ehe raba nakwanditse mu biganza vyanje,
kandi inzitiro zawe ndazihozako amaso.
17 Abana bawe bazogaruka vuba,
maze abagusambuye bazokuvako bagende.
18 Unamura amaso yawe urabe:
abana bawe barakoranye, baje aho uri.
Uhoraho aravuze ati: "Ndarahiye ukubaho kwanje,
uzobambara bose nk’ibisharizo,
kurya kw’ibisharizo vy’umugeni.
19 N’aho wageshejwe, ugasigara uri akahebwe
mbere igihugu cawe kigasigara ari amatongo yahebwe,
abawe bazokwagirwa vyanke ko bagukwirwamwo,
abagutabagura na bo baje kure yawe.
20 Abana bavukiye mu kinyago bazogaruka,
bavuge wumva,
bati: ‘Iki gihugu ntikidukwiye,
ntitugira aho twubaka.’
21 Nawe uzokwibaza mu mutima uti:
‘Aba ni nde yabamvyariye?
Ko nari naranyazwe abanje,
ata vyizigiro vyo kuronka abandi,
ndi inyagano, ndi igicibwa?
None abo ni nde yabareze?
Ko nari jenyene, abo bo bari he?’ "
22 Uhoraho Nyeninganji avuze ati:
"Ehe nzokwakura abanyamahanga,
nshingire ibendera amoko;
bazozana abahungu bawe babateruye mu maboko yabo,
abakobwa bawe babazane ku bitugu vyabo.
23 Abami bazokubera abarezi,
abamikazi na bo bakwonkereze.
Bazokwikubita imbere bubamye hasi,
baguhanagure umukungugu wo ku birenge.
Nawe uzomenya ko ndi Uhoraho,
kandi ko abanyiteze batazomaramara."
24 Mbega hari uwaka umugwanyi ivyo yanyaze,
canke abo yafashe nk’inyagano hari uwobatabara?
25 Ariko Uhoraho avuze ati:
"Ni vyo, inyagano zizokurwa mu maboko y’abahizi mu ntambara,
kandi abateye ubwoba bazonyagwa ivyabo.
Nzogwanya abakugwanya,
kandi abana bawe nzobarokora.
26 Abagutwaza umukazo nzobarisha inyama zabo ubwabo,
ndabanyweshe amaraso yabo ubwabo nk’uwunywa umuvinyu.
Maze abantu bose bazomenya
ko jewe ndi Uhoraho kandi ko ndi Umukiza wanyu,
Umucunguzi wanyu, Inyenkomezi ya Yakobo."