1 Bazobona ibara abamanuka muri Egiputa kurondera ugutabarwa,
bakizera amafarasi,
bakizera ubwinshi bw’imikogote
n’inkomezi z’abagendera ku mafarasi,
aho guhanga amaso Uwera wa Isirayeli,
canke ngo barondere ugutabarwa kuva k’Uhoraho.
2 Ariko rero Uhoraho na we arazi ubwenge, azobateza ivyago,
kandi ntazokwivuguruza.
Azohagurukira inzu y’inkozi z’ibibi,
hamwe n’abatabara inkozi z’ibibi.
3 Kuko Abanyegiputa ari abantu buntu, atari Imana;
amafarasi yabo na yo akaba ibintu vy’umubiri gusa atari impwemu.
Uhoraho niyaramvura ukuboko kwiwe,
umutabazi azotsitara,
uwutabawe azogwa,
bompi bazohonera hamwe.
4 Uhoraho yambwiye ati:
"Nk’uko intare yivuga,
kandi nk’uko intare ikomeye irohera ku co yafashe,
abungere bagakorana ngo bayigwanye,
ariko ntiterwe ubwoba n’urwamo rwabo n’induru yabo,
ni ko Uhoraho Mushoboravyose azomanurwa no kugwanira ku musozi Siyoni,
n’ahakirurutse cane hawo.
5 Nk’uko ibisiga bisanza amababa, hejuru y’ivyari
ni ko Uhoraho Mushoboravyose azokingira Yerusalemu;
azohakingira yongere aharokore,
azoca hejuru yaho ahakize.
6 Yemwe Bisirayeli, enda nimugaruke kuri Umwe mwagarariza. 7 Igihe kizogera, aho muzota ibigirwamana vy’ifeza n’ivy’inzahabu amaboko yanyu yuzuye ivyaha yakoze.
8 Ashuri hazorandurwa n’inkota itari iy’abantu;
inkota itari iy’abantu buntu ni yo izobarigita.
Bazohunga imbere y’iyo nkota,
kandi imikangara yabo izogirwa abagurano.
9 Ahantu hakomeye binyegeza hazosenyuka kubera ubwoba,
abakuru mu ntambara nibabona amabendera y’intambara,
bazota umutwe."
Uko ni ko Uhoraho avuze,
uwufise umuriro wiwe i Siyoni,
akagira n’itanure i Yerusalemu.