1 "Nihishuriye abatariko baranandondera;
mbonwa n’abatariko baranabaza ivyanje.
Ihanga ritigeze ryambaza izina ryanje
naribwiye nti: ‘Ndi hano, ndi hano!’
2 Umusi wose niriwe nshanje amaboko,
ndayategeye abantu b’intagondwa,
bagendera mu ngeso mbi,
bagakurikira ivyiyumviro vyabo bipfuye;
3 abantu bama bariko barakora ibikorwa vyo kumbabaza,
babikorera imbere yanje,
mu gutangira ibimazi mu matongo,
no mu guturirira ibimota neza ku bicaniro vy’amatafari.
4 Mw’ijoro baja kwicara mu mva,
bagahamagara imizimu,
bakarya ingurube
hamwe n’ibindi vyose bihumanye.
5 Ariko bakabarira abandi ngo: ‘Ntunyegere, wompumanya,
kuko ndi uwera kugusumvya!’
Abantu nk’abo bameze nk’umwotsi mu mazuru yanje,
ni umuriro waka bukarinda bwira.
6 Ehe raba, ivyo biguma vyanditswe imbere yanje:
sinzokomeza guhora, nzobasubiriza mu nkoko bikwiranye n’ivyo bakoze,
ni vyo, nzobibishura,
7 mbahanire ivyaha vyabo n’ivya ba sekuruza babo,"
ni ko Uhoraho avuze:
"Baturirira imibavu ku misozi,
bakantukira ku mitumba,
nzobasubiriza mu nkoko
ibikwiranye n’ivyo bakoze."
8 Uhoraho avuze ati:
"Nk’uko ihando ry’inzabibu riboneka ko ririmwo umutobe,
maze abantu bakavuga bati: ‘Ntimuwurandure
kuko ugifise akamaro,’
nanje ni ko nzogirira abasavyi banje,
sinzobarandura bose.
9 Muri Yakobo nzohakura uruvyaro,
no muri Yuda nzohakura abazokwegukira imisozi yanje;
abantu banje batoranijwe ni bo bazoyitorana,
kandi abasavyi banje ni yo bazobako.
10 Sharoni hazoba uburagiro bw’imikuku,
ikiyaya ca Akori na co kibe icanya co kuvyagiramwo.
Kubera abantu banje bandondera.
11 Ariko mwebwe mureka Uhoraho,
mukibagira umusozi wanje wera,
mugaterekera imeza ikigirwamana c’imigisha,
mugasukira umuvinyu ikigirwamana ca kazoza
12 nanje ndabateguriye kwicwa n’inkota
namwe muzotega izosi imbere y’uwuritema,
kuko nabahamagaye ntimwanyitaba,
ndavuga ntimwanyumviriza.
Mwakoreye ibibi imbere yanje,
muhitamwo ibitampimbara."
13 None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:
"Abasavyi banje bazorya,
ariko mwebwe muzokwicwa n’inzara;
abasavyi banje bazonywa,
ariko mwebwe muzokwicwa n’inyota;
abasavyi banje bazonezerwa,
ariko mwebwe muzokwicwa n’isoni.
14 Abasavyi banje bazoririmba
kubera umunezero wo mu mitima yabo,
ariko mwebwe muzorira
kubera agahinda ko mu mitima yanyu,
muborogeshwe n’ukubabara kw’imitima yanyu.
15 Izina ryanyu muzorisigira
abo natoranije, ngo baze barikoreshe mu mivumo yabo.
Uhoraho Nyeninganji azobarandura,
ariko abasavyi biwe azobaha irindi zina.
16 Uwuzogomba umugisha mu gihugu
azowusaba Imana y’ukuri;
n’uwuzorahira mu gihugu
azorahire Imana y’ukuri.
Kuko nzokwibagira imibabaro yanyu ya kera,
inyegezwe mu nyonga hanje."
17 "Ehe raba ngiye kurema ijuru rishasha
n’isi nshasha.
Ivya kera ntibizosubira kwibukwa,
ntibizosubira no guca mu mitwe y’abantu.
18 Ariko nimuhimbarwe, munezerererwe ibihe vyose
ivyo ngiye kurema,
kuko ngira ndemere Yerusalemu kuba ibihimbaro,
n’abantu baho kuba umunezero.
19 Nzonezererwa Yerusalemu,
mpimbarwe n’abantu banje;
urwamo rw’amarira n’amaborogo
ntibizosubira kwumvikana.
20 Aho ntihazokwongera kuba
abana bapfa bakiri inzoya,
canke abatama bapfa batamaze imyaka yabo.
Uwuzopfa afise imyaka ijana
azoba apfuye nk’uwukiri umwana;
kandi uwutazoyishikana
azofatwa nk’uwavumwe.
21 Bazokwubaka amazu bayabemwo,
barime imizabibu, barye ivyamwa vyayo.
22 Ntibazoba bacubaka amazu
hanyuma ngo abandi baze bayabemwo,
canke ngo barime
abandi baze bimbure.
Kuko abantu banje bazomara imyaka nk’iy’ibiti,
abo natoranije bazomara imyaka barya ivyo babiriye akuya.
23 Ntibazoruhira ubusa,
canke ngo bavyare abagenewe amagorwa;
kuko ari abantu bahezagiwe n’Uhoraho,
kandi n’uruvyaro rwabo rwarahezagiwe.
24 Nzobitaba bataranampamagara,
kandi bakivuga nzoba nabumvise.
25 Ibingira n’umwagazi w’intama bizosangira,
intare izorisha ivyatsi nk’inka,
kandi umukungugu ni wo uzoba indya y’inzoka.
Nta kwonona canke ugusambura bizosubira gukorwa,
ku musozi wanje wose wera,"
ni ko Uhoraho avuze.