1 "Nimucereze imbere yanje, mwa mazinga mwe!
Amahanga niyongerwe inkomezi!
Muyareke aze imbere avuge!
Naze duhurire imbere y’intahe.
2 Ni nde yahagurukije uwo ava mu buseruko,
akamuhamagaza ubugororotsi ngo aze ku gikorwa ciwe?
Amuhereza amahanga,
kandi abami abacishije bugufi imbere yiwe.
Bose abahinduje umukungugu inkota yiwe,
umuheto wiwe ubagize ibishingwe bigururwa n’umuyaga.
3 Arabakinagiza, akabacamwo ntagire ico aba,
agaca mu nzira ibirenge vyiwe bitigeze bicamwo na rimwe.
4 Ni nde yabikoze kandi akabishitsa,
mu guhamagara urunganwe uhereye mu ntango?
Ni jewe Uhoraho,
uwa mbere n’uwa nyuma. Ni jewe."
5 Amazinga yarabibonye aratinya;
impera z’isi zihinda agashitsi.
Abo ku mpera z’isi baraza begera hafi,
6 baterana intege,
umwe wese abwira mugenziwe ati: "Komera!"
7 Uwucura ivyuma atera intege uwucura inzahabu,
uwusena akoresheje inyundo
agatera intege uwuri kw’ihondero.
Bakavuga bati: "Ni igikorwa ciza cane."
Bagaheza bagafatisha imisumari ca kigirwamana
kugira ngo ntikinyiganyige.
8 "Ariko wewe Isirayeli, umusavyi wanje,
Yakobo, uwo natoranije,
yemwe ruvyaro rwa Aburahamu, umukunzi wanje,
9 nabazanye ndabakuye ku mpera z’isi,
ndabahamagara ndabakuye mu mfuruka zayo za kure.
Naravuze nti: ‘Uri umusavyi wanje’;
naragutoranije kandi sinagutaye.
10 Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
11 Abakurakiye bose
bazomaramara, bateterwe,
abakugwanya na bo bazohinduka ubusa, ndetse bazohona.
12 Naho worondera abo bakugwanya,
nta bo uzobona.
Abagutera ngo bakugwanye
bazohinduka ubusa.
13 Kuko ndi Uhoraho Imana yawe,
ni jewe ngufashe ukuboko kw’i buryo,
nkakubwira nti: Ntutinye,
nzogutabara.
14 Ntutinye, ewe Yakobo, wa musiba we,
hanga ritoya rya Isirayeli, ntuhagarike umutima,
kuko jewe ubwanje nzogutabara," ni ko Uhoraho avuze,
Umucunguzi wawe, Uwera wa Isirayeli.
15 "Ehe raba nzokugira igisekuzo gishasha,
gifise amenyo menshi akarishe.
Uzosekura imisozi uyisavye,
imitumba uyihindure umukungugu.
16 Uzobagosora umuyaga na wo ubagurure,
agashururu kabashwiragize.
Ariko uzonezerererwa Uhoraho
hamwe n’ubwiza bw’uwera wa Isirayeli.
17 Abakene n’aboro barondera amazi,
ariko nta ho bayaronka;
indimi zabo zigatuwe n’inyota.
Ariko jewe Uhoraho nzobishura;
jewe Imana ya Isirayeli, sinzobaheba.
18 Nzotembesha inzuzi ku misozi igadutse,
ntobore amariba mu biyaya.
Ubugaragwa nzobuhindura ibidengeri vy’amazi,
isi yumye na yo ndayihindure amasoko y’amazi.
19 Mu bugaragwa nzotera
amasederi n’akasiya, imiriteli na elayo.
Nzomeza amapinusi kw’isi yahebwe,
meze firu n’akajwari vyose hamwe,
20 kugira ngo abantu babone ivyo bitangaza,
hanyuma batahure,
ko ukuboko kw’Uhoraho ari kwo kwabikoze,
ko Uwera wa Isirayeli ari we yabiremye."
21 "Nimushinge urubanza rwanyu,"
ni ko Uhoraho avuze:
"Nimuzane ibirego vyanyu,"
ni ko Umwami wa Yakobo avuze.
22 "Nimutubwire, mwebwe bigirwamana,
mutubwire ibizoba.
Nimutubwire ibintu vya kera ingene vyari bimeze,
natwe tuvyiyumvireko,
tumenye n’iherezo ryavyo.
Canke nimutubwire ibigira bibe,
23 tubwire ibiri muri kazoza,
kugira ngo noneho tumenye ko muri imana.
Gira ico mukoze, caba ciza canke caba kibi,
kugira ngo tubitangarire, duhinde agashitsi.
24 Ariko si vyo, kuko muri hanyuma y’ubusa;
n’ibikorwa vyanyu nta co bimaze.
25 Ariko hari uwo nahagurukije avuye mu buraruko,
aje ava mu buseruko, yambaza izina ryanje.
Azohonyanga abatware nk’uwuhonyanga ubudongo,
canke nk’umubumvyi akata ibumba.
26 Ni nde yabivuze bikiri mu ntango, kugira ngo tubimenye?
Ni nde yabivuze bitaraba, kugira ngo tuvuge tuti:
‘Vya bintu vyari ivy’ukuri’?
Nta n’umwe yigeze abivuga,
nta n’uwabivuzeko imbere y’igihe,
nta n’uwigeze yumva ko ijambo rivuye kuri mwebwe.
27 Ni jewe nabwiye Siyoni ubwa mbere nti: ‘Ehe ng’abo.’
Kandi ni jewe narungitse i Yerusalemu uwo kuhabwira inkuru nziza.
28 Nararavye muri mwebwe mbura n’umwe,
nta na kimwe mu bigirwamana gishobora gutanga impanuro.
Nta na kimwe gishobora kumpa inyishu ndabibajije.
29 Raba vyose ni ibintu ata co bimaze.
N’ibikorwa vyavyo ni ubusa gusa;
ishusho yavyo ni umuyaga kandi ni ikiyoberane.