Publicidade

Isaías 46

Imana z’i Babiloni

1 Beli harapfukamye; Nebo harubamye hasi,

ibigirwamana vyaho bihekwa n’ibikoko.

Ibigirwamana vyahindutse umutwaro uremereye,

umutwaro uvuna ibikoko biremerewe.

2 Ivyo bigirwamana birunama bikunamira hamwe,

uretse ko izo mana zidashobora kwikingira,

ahubwo zijanywe nk’iminyago.

3 Nimunyumve yemwe abakomoka kuri Yakobo,

namwe masigarira y’abantu ba Isirayeli,

abo nahetse kuva mukivuka,

nkabaterura kuva mukiva mu nda.

4 Mbere no gushika mu myaka yanyu y’ubusaza mukamera imvi,

nguma ndi wa wundi, kandi nzoguma ndabashigikiye.

Ni jewe nabaremye, no kubaterura nzobaterura,

nzobashigikira kandi nzobarokora.

5 Mbega mwongereranya na nde canke uwo mwovuga ko tungana ni nde?

Ni nde mwibaza ko dusa ku buryo mwotugereranya?

6 Bamwe bakura inzahabu mu masaho yabo,

abandi bagapima ifeza zabo ku minzane;

bagaca bahamagara umucuzi w’inzahabu agacuramwo imana,

hanyuma bakayunamira bongera bayisenga.

7 Bakayiterura bakayishira ku bitugu, bakayijana,

bakayihagarika mu kibanza bayiteguriye, ikaguma aho nyene.

Aho bayiteretse ntihava.

Naho umuntu yosemerera gute, ntiyitaba,

ntimukiza amagorwa.

8 Nimwibuke ivyo, mubigumize mu mitwe,

nimubishireko umutima mwa bagarariji mwe.

9 Nimwibuke ibintu vya mbere; ivyabaye hakaba haciye igihe kirekire;

ndi Imana, kandi nta yindi iriho.

Ni jewe Mana, kandi nta yindi ingana nanje.

10 Ibintu bikiri mu ntango menyesha iherezo ryavyo,

mpereye mu bihe vya kera, menyesha ibizoba.

Nkavuga nti: imigambi yanje izokomera,

kandi nzokora ico nzoshaka cose.

11 Nzohamagara igisiga c’amerwe co mu buseruko;

ari we mugabo azoza gushitsa imigambi yanje;

ivyo navuze ko nzoshitsa,

n’ivyo nateguye ko nzokora.

12 Nimunyumve yemwe abafise imitima ikomantaye,

yemwe abagerereye kure y’ukugororoka kwanje.

13 Negereje hafi ukugororoka kwanje,

ntikuri kure na gatoya;

kandi agakiza kanje ntikazoteba kuza.

Nzoha agakiza Siyoni,

Isirayeli ndayihe ubwiza bwanje.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-