Publicidade

Isaías 43

Umukiza wa Isirayeli

1 Ariko noneho, uku ni ko Uhoraho avuze.

Uwakuremye, ewe Yakobo,

akakubumba, yewe Isirayeli,

aravuze ati: "Ntutinye kuko nakurokoye;

naguhamagaye mw’izina; uri uwanje.

2 Niwaca mu mazi menshi,

nzoba ndi kumwe nawe;

niwaca mu nzuzi,

ntizizokurengera.

Niwaca mu muriro,

ntuzosha,

imbeya ntizizogutongora.

3 Kuko ndi Uhoraho Imana yawe,

Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe.

Natanze Egiputa nk’incungu yawe,

Etiyopiya na Seba ndahatanga mu gishingo cawe.

4 Kuko uri uw’agaciro, ukaba umwubahwa mu nyonga zanje;

kandi kubera ko nagukunze,

nzotanga abantu ku bwawe,

n’amahanga ku bw’ubuzima bwawe.

5 Ntutinye kuko ndi kumwe nawe;

nzokoranya abana bawe ndabakuye mu buseruko,

ndabegeranye bavuye mu burengero.

6 Nzobwira uburaruko nti: ‘Barekure!’

Ubumanuko na bwo ndabubwire nti: ‘Ntubafate.’

Nzanira abahungu banje bavuye kure,

n’abakobwa banje bavuye ku mpera z’isi;

7 munzanire uwo wese yitirirwa izina ryanje,

uwo naremye mu bwiza bwanje,

uwo nibumbiye, nkamurema."

8 Sohora abafise amaso ariko batabona,

bakagira amatwi ariko ntibumve.

9 Amahanga yose nakoranywe,

n’abantu bose bahurire hamwe.

Ni ikihe mu bigirwamana vyabo cari carabivuze,

kikatumenyesha ivyabayeho?

Nibazane ivyabona vyerekana ko bari mu kuri,

kugira ngo abandi nibavyumviriza bavuge bati: "Ni ivy’ukuri."

10 "Ni mwebwe vyabona vyanje, ni ko Uhoraho avuze,

mukaba n’abasavyi banje natoranije,

kugira ngo mumenye mwongere munyizere,

mwongere mutahure ko ndi Imana.

Imbere yanje nta mana yigeze ibaho,

kandi inyuma yanje nta yindi izohaba.

11 Ni jewe Uhoraho jenyene;

kandi uretse jewe, nta wundi mukiza ariho.

12 Ni jewe nabahishuriye ivy’agakiza, ndabakiza ndongera ndabitangaza,

ni jewe, si imana z’inyamahanga ziri muri mwebwe.

Ni mwebwe vyabona vyanje ko ndi Imana," ni ko Uhoraho avuze.

13 "Uhereye ibihe vyose, ndi Imana.

Nta wushobora kunkura mu kuboko ico mfashe.

Ngize ico nkoze, ni nde yogihindura?"

Imana igirira ubuntu Isirayeli

14 Uku ni ko Uhoraho avuze,

Umucunguzi wanyu, Uwera wa Isirayeli:

"Ku bwanyu nzotuma intumwa i Babiloni,

Abanyababiloni bose ndabamanure ari impunzi,

bahunge bakoresheje arya mato bishimira.

15 Ni jewe Uhoraho, Uwera wanyu,

umuremyi wa Isirayeli, Umwami wanyu."

16 Uku ni ko Uhoraho avuze,

we yaciye inzira mu kiyaga,

agaca inzira mu mazi menshi,

17 agasohora imikogote n’amafarasi,

ingabo n’abagwanyi b’abahizi bagakorana,

maze bakagwa hamwe, ntibongere kuvyuka,

bakazima nk’uko urumuri ruzima:

18 "Nimwibagire ivyabaye,

ntimwumire kuri kahise.

19 Ehe ngiye gukora ikintu gishasha!

Raba kimaze no kugaragara; mbega nta co mubona?

Ngiye guca inzira mu bugaragwa,

ntembeshe inzuzi ahagadutse.

20 Ibikoko vyo mw’ishamba biranyubaha,

imbwebwe n’ibihuna,

bizonyubaha,

kuko nzobiha amazi mu bugaragwa,

kugira ngo mpe abantu banje ico banywa,

abo natoranije,

21 abantu niremeye ubwanje,

kugira ngo bavuge ishimwe ryanje.

22 Ariko ntiwigeze umpamagara, yewe Yakobo,

ahubwo waranzinutswe, wewe Isirayeli!

23 Ntiwanshikaniye intama zawe nk’amashikanwa yo guturira,

canke ngo unyubahishe ibimazi vyawe.

Sinakuremereje kunzanira amashikanwa y’ifu,

canke ngo nkurambire nkwaka ibimota neza iyo bituriwe.

24 Nta bimota neza wigeze unzanira,

canke ngo umpaze ibinure vy’ibimazi vyawe.

Ariko wewe wandemereje ivyaha vyawe,

umvunisha ibicumuro vyawe.

25 Ariko jewe nyene, ni jewe mpanagura ibicumuro vyawe,

ku bw’izina ryanje,

kandi sinzosubira kuvyibuka.

26 Nyibutsa ivya kera, maze tuburane.

Shinga urubanza rwawe

maze wiregure.

27 Umuvyeyi wawe wa mbere yakoze icaha,

abarongozi bawe na bo barangararije.

28 Ni co gituma nanje nzotuma abaherezi bawe bakengerwa,

Yakobo nkamurekurirako ukurandurwa,

Isirayeli nkamuhindura ikimaramare.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-