1 "Semerera cane, ugumizeko.
Duza ijwi ryawe nk’inzamba.
Ubwire abantu banje ivy’ubugarariji bwabo,
n’abakomoka kuri Yakobo ubabwire ivy’ivyaha vyabo.
2 Kuko uko bukeye uko bwije barandondera,
basa n’abafise inyota yo kumenya inzira zanje,
bakaboneka nk’ihanga rikora ibigororotse,
ritataye ivyagezwe vy’Imana yaryo.
Bansaba gukora ivyo bategerezwa gukora bonyene ubwabo,
bakiyerekana nk’abashaka ko Imana ibegera.
3 Barabaza bati: ‘Ni kuki twisonzesha,
ariko ntubibone?
Ni kuki twicishije bugufi
ariko ukavyirengagiza?’
Ariko ku musi mwisonzesheje mukora ibibahimbara gusa,
mugakoresha nabi abakozi banyu bose.
4 Ukwisonzesha kwanyu guherera mu mitongano no mu matati,
mu kugwana mukubitana ingumu.
Ntimushobora kwisonzesha uko mubigira uwu musi,
ngo mwitege ko ijwi ryanyu ryumvikana mw’ijuru.
5 Mbega ukwo ni kwo kwisonzesha nahisemwo,
umusi abantu bicisha bugufi?
Umusi umuntu yunamika umutwe kurya kw’irenga rigondwa n’umuyaga,
akaryama ku magunira yisize iminyota?
Ivyo ni vyo mwita kwisonzesha,
umusi wemewe n’Uhoraho?
6 Mbega uku si kwo kwisonzesha nahisemwo:
gucagagura ingoyi z’akarenganyo,
mugapfundurura imigozi iboheye imitwaro ku bantu,
abacinyijwe bakidegemvya
mukavunagura ingogo zose?
7 Mbega si ugusangira ivyokurya vyawe n’abashonje,
no guha abakene aho baba,
mubonye uwugenda gusa mukamwambika,
ntimwirengagiza mwenewanyu?
8 Aho ni ho umuco wanyu womurika nk’umutwenzi,
n’ugukira kwanyu kukihuta kugaragara.
Maze ukugororoka kwanyu kuzobitangira imbere,
kandi ubwiza bw’Uhoraho buzoba igihome kibakingira.
9 Ni ho muzohamagara Uhoraho, na we akabishura;
muzomutabaza, na we azobishura ati: ‘Ndi hano.’
Nimwakura imitwaro ku bacinyijwe,
mukareka gutungana intoke no kubwirana nabi,
10 mukitanga kugira ngo mushobore kugaburira abashonje,
mugahaza abakene n’abahahajwe,
ico gihe umuco wanyu uzokayangana mu mwijima,
kandi ijoro ryanyu rizohinduka rimere nk’umutaga.
11 Uhoraho azokwama akurongora,
aguhere ivyo ukeneye mu gihugu kigatuwe n’uruzuba,
azokomeza ubugingo bwawe.
Uzomera nk’itongo rivomerewe neza,
umere nk’iriba ritigera rikama.
12 Abantu bawe bazosanura ivyasambutse kera,
baduze amatanguriro yashizweho n’aba kera cane;
uzokwitwa uwusanasana ibirengero vy’inzitiro,
uwusibura amayira n’amazu yo kubamwo.
13 Nimutahumanya Isabato,
mukareka gukora ivyo mwigombeye ku musi wanje wera,
mukayita umusi Uhoraho anezerererwa,
wera kandi ukwiye kwubahwa,
mukawubahisha kutigira mu ngeso zanyu
no mu kudakurikira ivyo imitima yanyu yipfuza n’amajambo y’imburakimazi,
14 muzonezerererwa Uhoraho,
nanje nzobashira hejuru muri iki gihugu,
ndabahe gutorana umugabane wa Yakobo."
Akanwa k’Uhoraho ni ko kabivuze.