1 Ibi ni ivyo Yesaya mwene Amozi yeretswe vyerekeye Ubuyuda na Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya, iya Yotamu, iya Ahazi n’iya Hezekiya, abami b’i Buyuda.
2 Nimwumve mwa majuru mwe! Umviriza wa si we!
Kuko Uhoraho avuze ati:
"Naronkeje abana, ndabakuza,
ariko barangararije.
3 Inka iramenya shebuja,
n’indogoba ikamenya ubwato shebuja ayigabuririramwo.
Ariko Abisirayeli nta na kimwe bazi,
ubwoko bwanje nta co butahura."
4 Uragowe wa hanga rikora ivyaha,
abantu bagirizwa ibigabitanyo bikomeye,
uruvyaro rw’inkozi z’ibibi,
abana bononekaye!
Bataye Uhoraho,
bakengera Uwera wa Isirayeli,
bamuvako, basubira inyuma.
5 Ni igiki gitumye mushaka kwongera guhanwa?
Ni igiki gituma muguma mu bugarariji?
Ehe raba umutwe wuzuye ibikomere,
umutima na wo uragwaye.
6 Uhereye mu kirenge ugashitsa ku mutwe,
nta na hamwe hagikomeye.
Mwuzuye inguma, ibivyimba
n’ibisebe binuka,
bitigeze vyozwa canke ngo bipfukwe,
canke ngo bisigweko amavuta ya elayo.
7 Igihugu canyu carasanganguwe,
ibisagara vyanyu vyarahiye.
Amatongo yanyu ariko aranyagwa n’abanyamahanga
mubiraba n’amaso yanyu,
hasigaye ari mu gahinga,
nk’ahasenyuwe n’abanyamahanga.
8 I Siyoni hasigaye
hameze nk’akazu kashaje ko mu ruzabibu,
hameze nk’akazu k’ivyatsi k’uwurarira umurima w’imyungu,
hameze nk’igisagara gikikujwe n’ingabo zagiteye.
9 Iyo Uhoraho Mushoboravyose atadusigariza abadukomokako bakeya,
tuba twararanduwe nk’ab’i Sodomu,
tuba twaraherengetejwe nk’ab’i Gomora.
10 Nimwumve ijambo ry’Uhoraho,
yemwe batware b’i Sodomu!
Nimwumve Ivyagezwe vy’Imana yacu
yemwe bantu b’i Gomora.
11 "Mbega ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?"
ni ko Uhoraho abaza.
"Ndarambiwe n’ibimazi vyanyu bituriwe,
vyaba ivy’amapfizi y’intama n’ibindi bitungwa binuze,
ivyo mwama munshikanira, ndabihaze.
Sinezerwa n’amaraso y’amashuri,
canke ay’amapfizi y’intama, canke amasuguru y’impene.
12 Iyo muje kunshengerera,
ni nde aba yababwiye
ngo muze kumponyangira mu rugo?
13 Ntimuze musubire kunzanira ibimazi bitagira akamaro.
Ibimota neza vyanyu biranukira.
Ndarambiwe n’amakoraniro yanyu yo ku mboneko z’ukwezi n’ayo ku masabato,
sincihanganira amakoraniro yanyu avanze n’ibibi.
14 Nzinutswe imisi mikuru y’imboneko z’ukwezi
n’iyindi misi mikuru mwishingiye.
Irandemereye.
Naniwe no kuyihanganira.
15 Nimwaduza ibiganza musenga,
nanje nzobanyegeza mu nyonga hanje.
Naho mwosenga amasengesho menshi cane,
sinzobumviriza.
Ibiganza vyanyu vyuzuye amaraso.
16 Nimwiyuhagire, mushire ubuhoma.
Nimunkure mu maso ibikorwa vyanyu bibi.
Mureke gukora ibibi.
17 Nimwige gukora ivyiza.
Murondere guca izigororotse, murenganure abarenganijwe.
Muburanire impfuvyi,
muvugire abapfakazi."
18 "Ehe nimuze tuje inama,"
ni ko Uhoraho avuze.
"Naho ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku
nzovyeza vyere derere nka shelegi.
Naho vyotukura nk’amaraso,
bizohinduka nk’ubwoya bwera cane.
19 Nimwemera mukanyumvira,
muzorya ku vyiza vyo mu gihugu.
20 Ariko nimwaguma mungarariza,
inkota izobarya."
Kuko ari ko Uhoraho avuze.
21 Nimurabe ingene Yerusalemu,
umugwa wari umwizigirwa, ubu wahindutse maraya.
Wahora wuzuye imanza zigororotse,
ubugororotsi ni ho bwibera,
ariko ubu hasigaye ari ah’abicanyi.
22 Amafeza yanyu aguye ingese,
n’imivinyu yanyu nta kanovera, yasutswemwo amazi.
23 Abatware banyu ni abagarariji,
bagendana n’inkozi z’ibibi.
Bose barya ibiturire,
bagakunda gushikanirwa.
Ntibaburanira impfuvyi,
n’urubanza rw’abapfakazi ntirubashikira.
24 Ni co gituma Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,
Umunyenkomezi wa Isirayeli, avuze ati:
Nzokwimarira ishavu kuri mwebwe mungwanya,
ndabihore mwebwe abansi banje.
25 Nzohindukiza ukuboko ngwanye Yerusalemu,
nzokuvugutira ndagukureko ingese,
nzogukuramwo umwanda wose.
26 Nzogarukana abarongozi beza nk’abo mu gihe ca kera,
nsubizeho abahanuzi nk’abo mu gihe ca mbere.
Hanyuma uzokwitwa
igisagara c’ubugororotsi,
umugwa wizerwa.
27 Siyoni hazotabarwa n’ubutungane,
abazokwihana bo muri Yerusalemu bazokizwa n’ukugororoka.
28 Ariko abagarariji n’abanyavyaha bazovunagurwa,
n’abareka Uhoraho bazorandurwa.
29 "Muzoterwa isoni n’ugusenga ibigirwamana kwanyu muri musi y’imirinzi
iyo mwanezerererwamwo,
muzomaramara nimwibuka ya matongo,
ayo mwatoranirije ibigirwamana.
30 Muzomera nk’umurinzi ufise amababi akabiranye,
mumere nk’amatongo atagiramwo amazi.
31 Abahambaye bo muri mwebwe bazomera nk’icatsi cumye,
ibikorwa vyabo na vyo bimere nk’ivyatsi bifashwe n’umuriro.
Bazoshana na vyo,
habure uwuzimya umuriro."