1 Mu mwaka kizigenza mu ntwaramiheto yarungikwa na Sarugoni, umwami wa Ashuri, gutera muri Ashidodi akahafata, 2 ni ho Uhoraho yavugisha Yesaya mwene Amozi, amubwira ati: "Niwambure ayo magunira, ukure n’ibirato wambaye." Na we abigenza gutyo, maze agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye.
3 Nuko Uhoraho aravuga ati: "Nk’uko umusavyi wanje Yesaya amaze imyaka itatu agenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, akabera Abanyegiputa n’Abanyetiyopiya imburi, 4 ni ko umwami wa Ashuri azotwara Abanyegiputa nk’abanyagano, n’Abanyetiyopiya nk’imbohe, bari gusa, batambaye n’ibirato, ata co bakenyeye, kugira ngo Egiputa hamaramare. 5 Kandi abari bizigiye Etiyopiya, bakishimira Egiputa, bazotinya, baterwe n’isoni. 6 Kuri uwo musi, ababa muri iki kiyaya cegereye ikiyaga bazovuga bati: ‘Nimurabe ivyashikiye abo twari twishimiye, abo twari twahungiyeko ngo badukize umwami wa Ashuri. Mbega none tumukira gute?’ "