1 Imburi ku bugaragwa bwo ku kiyaga.
Nk’uko agashururu ko mu gihugu co mu bumanuko gasuriranya,
ni ko uwuguteye aje azananye mu bugaragwa,
avuye mu gihugu giteye ubwoba.
2 Neretswe ibintu biteye ubwoba:
Umuhemu ariko arahemuka, umunyazi ariko aranyaga.
Ewe Elamu, tera! Nawe Medi, ugariza!
Nzorangiza amaborogo yose Babiloni hahora hateza.
3 Ncitse intege kubera ububabare.
Uburibwe bumfashe nk’umuvyeyi ari ku bise.
Njugumijwe n’ivyo numvise,
ivyo mbonye bimpumye amaso.
4 Umutima wanje urasimbagurika,
ubwoba butumye njugumira.
Umugoroba nari nipfuje ko ushika
unteye guhinda agashitsi.
5 Bateguye imeza,
basasa ibirago,
bararya, baranywa!
Nimuhaguruke mwa ntwazangabo mwe,
musige amavuta inkinzo zanyu.
6 Kuko Uhoraho yambwiye ati:
"Genda ushireho umuteramyi,
na we aje arakubwira ivyo abona.
7 Niyabona imikogote iri kumwe n’amafarasi,
canke akabona abagendera ku ndogoba,
canke abagendera ku ngamiya,
yitegereze cane
kandi akobeje."
8 Maze wa muteramyi arasemerera ati:
"Mwami, imisi yose nama mpagaze ku munara.
Amajoro yose mba ndi ku kirindiro canje.
9 None raba haje umugabo ari ku mukogote,
ari kumwe n’umugwi w’amafarasi.
Wa muteramyi arongera avuga ati:
‘Babiloni harasenyutse, harasenyutse!
Ibibumbano vy’ibigirwamana vyabo vyose
bisenyukiye hasi biramenaguritse.’ "
10 Mwa bantu banje,
musekuriwe ku mbuga nk’ingano,
ndababwiye ivyo numvanye Uhoraho Mushoboravyose,
ivyo nakuye ku Mana ya Isirayeli.
11 Imburi kuri Duma.
Hari uwumpamagaye ari i Seyiri,
ambaza ati: "Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?
Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?"
12 Umuteramyi yishura ati:
"Bugira buce, ariko buca bwongera bwire.
Nimba ugomba gusubira kumbaza,
uze kugaruka umbaze."
13 Imburi kuri Arabiya:
Yemwe mwa ngenzi z’i Dedani mwe,
nimwinyegeze mu bugaragwa bwa Arabiya,
14 Yemwe ababa i Tema,
nimuzanire amazi abanyotewe,
abahunga nimubasanganize ivyokurya.
15 Bariko barahunga inkota
kuko yakuwe mu rwubati,
n’imiheto ikaba yafowe,
batewe ubwoba n’intambara.
16 Uku ni ko Uhoraho yambwiye: "Mu mwaka umwe, nk’uko umukozi akorera impembo ku kwezi awuharura, icubahiro c’i Kedari kizorangira. 17 Abarashi b’intwari bake ni bo bazosigara i Kedari." Uko ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze.