Publicidade

Isaías 18

Imburi kuri Etiyopiya

1 Uragowe, yewe wa gihugu c’amababa ahinda,

kiri impande y’inzuzi za Etiyopiya,

2 kirungika intumwa zigaca mu kiyaga,

zigendera mu bwato bujishwe mu rufunzo.

Genda, mwa ntumwa zinyaruka cane,

mushikire bariya bantu barebare kandi b’umubiri woroshe,

ubwoko butinywa kuva aha gushika kure,

ihanga rikomeye, nivuga ururimi rutamenyerewe,

igihugu kigabanganywa n’inzuzi.

3 Yemwe bantu bose bo kw’isi,

mwebwe mwese muyibako,

ibendera niryaduzwa ku musozi,

murirabe,

kandi inzamba niyavuga,

muyumvirize.

4 Uku ni ko Uhoraho ambariye, ati: "Nzoguma nitekerereje,

nihweze nibereye iwanje,

meze nk’ubushuhe buva ku zuba ryaka mu gihe co mu ci,

meze nk’ikime co mu gihe c’ubushuhe bwo mw’iyimbura."

5 Kuko iyimbura ritaragera, amashurwe amaze guhunguruka,

akavamwo inzabibu zeze,

azotema iminago itama ayitemesheje umuhoro,

n’amashami yasanzaraye azoyaca ayakureho.

6 Bose bazotererwa ku misozi baribwe n’ibisiga

hamwe n’inyamaswa zo mw’ishamba.

Ibisiga bizobarya ici ryose,

ibikoko na vyo bibarye urushana rwose.

7 Ico gihe amashikanwa azozanirwa Uhoraho Mushoboravyose,

avuye mu gihugu c’abantu barebare b’umubiri woroshe,

avuye mu bantu batinywa uhereye aha ugashika kure,

ihanga rikomeye rivuga ururimi rutamenyerewe,

igihugu kigabuwe n’inzuzi.

Amashikanwa azohora azanwa ku musozi Siyoni, ahitirirwa Izina ry’Uhoraho Mushoboravyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-