Publicidade

Isaías 14

1 Uhoraho azogirira impuhwe aba Yakobo,

asubire atoranye Abisirayeli,

abasubize mu gihugu cabo.

Abanyamahanga bazokwifatanya na bo,

biyunge n’uruvyaro rwa Yakobo.

2 Amahanga ni yo azobarerura

abagarukane mu gihugu cabo.

Kandi igihugu ca Isirayeli kizokwigarurira amahanga

kiyahindure abagurano n’abaguranokazi mu gihugu c’Uhoraho.

Kizogira imbohe abari barakigize imbohe,

kiganze abari barakiganje.

3 Kuri uwo musi w’igitangaza, aho Uhoraho azobamarira imibabaro n’ubwoba vyo mu buja no mu minyororo, 4 umwami w’i Babiloni muzomwitamba ku muvyimba muvuga muti:

Mbega vyagenze gute ngo uwucinyiza azimangane?

Ubwicanyi bwiwe buheze gute?

5 Uhoraho yavunaguye ububasha bw’abanyakibi,

ari yo nkoni y’abaganza.

6 Ni yo yakubita abantu n’umujinya,

ikabakubita idahengeshanya;

yategekana amahanga uburake,

ikabatwaza umukazo ubudasiba.

7 Ubu isi yose iraruhutse, ihawe impore;

baraturikisha bakaririmba.

8 Mbere n’ibiti vy’amapinusi n’amasederi vy’i Libani

bizokwitamba ku muvyimba biti:

"Uhereye igihe bakwicira,

natwe nta wasubiriye kutwicira."

9 I kuzimu iwabo w’abapfuye harahagurutse

ngo hagusanganire ushitse,

hazuye imizimu y’abapfuye ngo ikuramutse;

bamwe bahoze ari abategetsi mw’isi bose;

hahagurukije ku ntebe zabo,

bamwe bahoze ari abami b’amahanga bose

10 Abo bose bazokwakira,

bakubwire bati:

"Ehe nawe ubaye umunyantegenke nkatwe!

Ubaye nk’umwe muri twebwe!"

11 Icubahiro cawe kimanuwe iwabo w’abapfuye,

kijanye n’amajwi y’inanga zawe.

Inyo ni zo ndava wisasiye,

kandi inyo ni zo burengeti wipfutse.

12 Mbega ukuntu uvuye mw’ijuru ugakoroka,

wa nyenyeri yo mu gaturuturu, mwana w’umutwenzi!

None bakujugunye kw’isi,

wewe wahora unesha amahanga!

13 Wahora wibwira mu mutima uti:

"Nzoduga nshike kw’ijuru;

nzoduza intebe yanje y’ubwami,

isumbe inyenyeri z’Imana.

Nzokwicara nganze ndi ku musozi mw’ikoraniro ry’imana,

hejuru cane ku masonga y’umusozi Zafoni.

14 Nzorenga aho ibicu bigarukira,

nzokwigira nk’Iyisumbavyose."

15 Ariko umanutse i kuzimu mu bwami bw’abapfuye

ugeze epfo i bwina mu nda y’urwobo.

16 Abakubona barakwihweza cane,

bakakwibazako bati:

"Uyu ni wa wundi yahindisha isi agashitsi,

akajugumiza ubwami bwose,

17 agahindura isi yose ubugaragwa,

agasenyura ibisagara vyo muri yo,

akabuza n’impfungwa gusubira iwabo?"

18 Abami b’amahanga bose basinziranye ivyubahiro vyabo,

umwe wese mu mva yiwe.

19 Ariko weho bagutesheje imva yawe

ubaye nk’ishami ritawe;

urengejweko imivyimba y’abishwe

iy’abacumiswe inkota,

itererwa ikamanuka ku mabuye yo mu rwobo.

Ubaye nk’umuvyimba bakandagira.

20 Ntuzohambanwa iteka,

kuko watikije igihugu cawe,

ukica ubwoko bwawe.

Uruvyaro rw’abanyakibi

ntiruzokwibukwa.

21 Nimutegure aho kwicira abana biwe,

bazira ivyaha vya ba sekuruza;

kugira ngo ntibahaguruke ngo batorane igihugu,

hanyuma ngo bacuzuzemwo ibisagara vyabo.

22 "Nzobahagurukira,"

ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

"Kandi nzosibanganya izina rya Babiloni n’abacitse kw’icumu,

abana biwe n’abamukomokako,"

ni ko Uhoraho avuze.

23 "Babiloni nzohahindura igihugu c’ibihuna n’ibidengeri vy’amazi;

nzoyikubuza umukubuzo w’agatikizo,"

ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

24 Uhoraho Mushoboravyose yararahiye ati:

"Ni ukuri, uko nabitegekanije ni ko nzobikora,

kandi bizorama nk’uko nabiteguye.

25 Nzovunagurira Abashuri mu gihugu canje,

kandi nzobahonyangira ku misozi yanje.

Ingogo yabo izova ku bantu banje,

n’umutwaro wabo uzova ku bitugu vy’abantu banje.

26 Uwo ni wo mugambi wateguriwe isi yose,

kandi ukwo ni kwo kuboko kuramvuriwe hejuru y’amahanga yose."

27 Kuko Uhoraho Mushoboravyose ari we yabiteguye.

Ukuboko kwiwe kurabanguye: mbe ni nde yogusubiza inyuma?

Imburi ku Bafilisitiya

28 Mu mwaka Ahazi yapfuyemwo, ni ho haza iyi mburi:

29 Yemwe Bafilisitiya,

ntimunezerezwe n’uko inkoni yabakubita yavunitse.

Kuko ku gishitsi c’iyo nzoka hazovamwo imvuvyi,

kandi uruvyaro rwayo ruzoba inzoka iguruka,

y’ubumara bw’inkazi.

30 Abakene kurusha abandi bantu bose bazogaburirwa,

n’aboro bazoryama basinzire.

Ariko uruvyaro rwawe nzorumarisha inzara,

n’abazocika kw’icumu nzobica.

31 Boroga, yewe wa rembo we!

Namwe Bafilisitiya, nimurire!

Kuko igicu c’umwotsi giturutse mu buraruko,

kandi nta musoda n’umwe asigaye adatonze urugamba.

32 Mbega intumwa z’iryo hanga bazozishura iki?

"Uhoraho ni we ashinze Siyoni,

kandi abantu biwe barenganywa,

ni ho bazohungira."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-