Publicidade

Isaías 7

Ikimenyetso ca Emanuweli

1 Ku ngoma ya Ahazi mwene Yotamu, Yotamu mwene Uziya umwami w’i Buyuda, Rezini umwami w’i Siriya hamwe na Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli bagiye gutera i Yerusalemu, ariko biranka ko bahafata.

2 Abo mu nzu ya Dawidi babwirwa ngo: "Siriya yifatanije na Efurayimu." Umwami Ahazi n’abantu bose baranduka imitima, bahinda agashitsi kurya kw’ibiti bihuye n’umuyaga w’igihuhusi.

3 Maze Uhoraho abarira Yesaya ati: "Sohoka ujane n’umuhungu wawe Sheyari-Yashubi, muje guhura na Ahazi muhurire aho umugende ujana amazi kw’itangi yo haruguru ugarukira, ku nzira ija aho bamesurira. 4 Umubwire uti: ‘Tekana ugumye umutima, ntugire ubwoba. Ntucike ivutu kubera uburake bwa Rezini na Siriya hamwe na mwene Remaliya. Bameze nk’ibiti biri mu ziko bifumba umwotsi gusa. 5 Abana ba Siriya, Efurayimu na Remaliya bagiye inama yo kukugwanya, bavuga bati: 6 "Reka dutere i Buyuda, tuhagabangane hagati yacu maze mwene Tabeyeli tumugire umwami waho." 7 Ariko uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

Ivyo ntibizoba,

ntibizokwigera biba,

8 kuko Siriya ntihakomeye gusumvya umugwa mukuru waho, Damasiko.

Kandi Damasiko ntihakomeye gusumvya umwami waho, Rezini.

Nayo mu myaka mirongo itandatu n’itanu,

aba Efurayimu bazoherengetezwa ntibabe bacitwa ihanga.

9 Umugwa mukuru wa Efurayimu ni Samariya,

kandi uwuganza Samariya ni mwene Remaliya.

Nimba mudashikamye mu kwizera,

ntimuzohagarara na gatoya.’ "

10 Uhoraho arasubira atuma kuri Ahazi, 11 ati: "Saba Uhoraho Imana yawe aguhe ikimenyetso, caba ikiri kure i kuzimu, canke kure hejuru mu kirere."

12 Ariko Ahazi avuga ati: "Nta kimenyetso nsaba, sinokwubahuka kugerageza Uhoraho."

13 Maze Yesaya aca avuga ati: "Nimwumve rero yemwe abakomoka kuri Dawidi! Mbega ntibihagije kugerageza ukwihangana kw’abantu? None mugomba no kugerageza ukwihangana kw’Imana yanje na kwo? 14 Ko bimeze uko Imana izokwitangira ikimenyetso yo nyene: inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli. 15 Azotungwa n’amata avuze hamwe n’ubuki gushika amaze kumenya gutandukanya ikibi n’iciza. 16 Ariko imbere yo kumenya gutandukanya ivyo, ibihugu vy’abo bami babiri utinya cane bizoba bisigaye ari ubugaragwa ata muntu akihaba. 17 Uhoraho azozana ivyago bikomeye kuri mwebwe no ku bwoko bwanyu no ku muryango wanyu. Muzoterwa n’ubwoba mutigeze mugira kuva Abefurayimu bitandukanije n’Abayuda. Azorungika umwami wa Ashuri abatere."

Ashuri, igikoresho c’Uhoraho

18 Uwo musi Uhoraho azovuza uruhwa gusa, maze isazi zizanane kw’isesero ry’uruzi Nili, inzuki na zo zizanane mu gihugu ca Ashuri. 19 Zizozira icarimwe zisagaze ku mimanuko ihanamye, mu masenga yo mu bitandara, ku bisaka vy’amahwa yose no ku binogo vy’amazi vyose. 20 Uwo musi Uhoraho azokota urwembe akuye hakurya y’uruzi Efurate ari rwo mwami wa Ashuri, arukoreshe mu kubamwa ahantu hose: imitwe yanyu, ahari ubwoya hose, hamwe n’ubwanwa. 21 Inyuma y’ivyo bihe, umuntu atunze azoba afise inyana y’inka imwe hamwe n’impene zibiri gusa. 22 Ariko hazoba umusesekara w’amata zizokamwa, kuko igihugu kizoba casigayemwo abantu bake cane. Amasigarira azoba yasigaye mu gihugu azonywa amata avuze arye n’ubuki. 23 Uwo musi ahahora hari umurima w’imizabibu igihumbi wogurwa shekeli igihumbi z’ifeza nyene, hazosigara hari imikere n’ibitovu gusa. 24 Abahigi bazokwinjirayo bitwaje imyampi n’imiheto, kuko igihugu cose kizoba cuzuye amahwa n’ibitovu. 25 Nayo imitumba yahora irimishwa amasuka, ntimuzoba mukiyishikako kubera gutinya amahwa n’ibitovu. Hazohinduka uburagiro ibitungwa bizorishamwo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-