Publicidade

Isaías 5

Indirimbo y’uruzabibu

1 Reka ndirimbire umukunzi wanje,

indirimbo y’umurima wiwe w’imizabibu:

Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu

ku musozi umera cane.

2 Uwo musozi yarawurimye, akuraho amabuye,

atoranya imizabibu myiza kurusha iyindi, ayitera kuri wo.

Awubakako umunara,

ashiramwo n’ubwato baganiramwo.

Mu nyuma aja kuraba ko yoronka inzabibu nziza yokwimbura,

ariko asanga huzuyeyo ibihumbwa gusa.

3 None rero yemwe ababa i Yerusalemu, namwe bagabo b’i Buyuda,

nimuducire urubanza twe n’uwo murima wanje.

4 Ni igiki kirengeye ivyo

nari gukorera uwo murima wanje w’imizabibu?

Ni kuki wamye ibihumbwa,

kandi nari niteze ko unyamira inzabibu nziza?

5 Hinge ndababwire

ico ngiye gukorera uwo murima wanje w’imizabibu:

Nzosambura inzitiro zawo,

kugira ngo wonwe.

Nzosenyura impome ziwukikuje,

kugira ngo uze uhonyangwe.

6 Nzowuhonya,

ntuzotuturirwa, ntuzonabagarirwa,

amahwa n’ibitovu ni vyo bizowumeramwo.

Nzotegeka ibicu,

ntihagire imvura iwugwamwo.

7 Umurima w’imizabibu w’Uhoraho Mushoboravyose

ni inzu ya Isirayeli,

abantu b’i Buyuda na bo ni bo murima wamuhimbara.

Uhoraho yari abitezeko imanza zigororotse,

ariko abona ugusesa amaraso,

yabarondeyeko ukugororoka,

ariko abumvamwo amarira n’imibabaro.

Amagorwa n’imanza

8 Muragowe mwebwe mwomeka amazu ku yandi,

amatongo ku yandi mukifataniriza,

igihugu mukaciganzira,

ngo mukibemwo mwenyene.

9 Uhoraho Mushoboravyose yabivuze numva, ati:

"Ndababwije ukuri, amazu mezameza azosambuka,

kandi n’amazu maninimanini azosigara ata wuyabamwo.

10 Ihegitari zitatu z’imizabibu zizovamwo ingero batu imwe gusa y’umutobe,

ingero homeru y’imbuto z’ingano izovamwo ingero efa imwe gusa y’umwimbu."

11 Muragowe

mwebwe muzindukira kunywa ibiboreza

mukarara mwicaye,

mwishusha mu kunywa umuvinyu.

12 Ibirori vyabo birimwo inanga, amakembe,

ingoma, imyironge n’umuvinyu,

ariko nta wubabara ibikorwa vy’Uhoraho,

nta wuha agaciro ibikorwa vy’amaboko yiwe.

13 Ni co gituma abantu banje bazoja mu kinyago,

kuko batigeze bagira ugutahura.

Abashizwe hejuru bo muri bo bazokwicwa n’inzara,

abaciye bugufi bicwe n’inyota.

14 Ni co gituma i kuzimu haguye umuhogo waho,

hagataburura umunwa cane.

Abubashwe n’amasinzi hazobamira,

bajane n’amasinzi y’imborerwa zaho.

15 Abantu bazosubizwa hasi,

kandi n’umwana w’umuntu acishijwe bugufi,

amaso y’abibone amaramare.

16 Ariko Uhoraho Mushoboravyose azoshirwa hejuru mu bugororotsi bwiwe,

kandi Imana Yera izokwerekanwa ko ari iyera n’ibikorwa vyayo vy’ubugororotsi.

17 Ico gihe intama zizorisha nk’iziri mu buragiro bwazo,

imyagazi na yo izorisha ahahora amazu y’abatunzi.

18 Bazobona ibara abakwegesha ivyaha imigozi y’ububeshi.

Bakwegana n’ivyaha vyabo nk’uko umuntu akwega umukogote.

19 Ni bo bavuga bati: "Uhoraho nanyaruke;

nanyarutse igikorwa ciwe,

natwe tukibone.

Integuro y’Uwera wa Isirayeli

nitwegere, nishike aho tuyibona

kugira ngo tuyimenye."

20 Bazobona ibara abafata ibibi bakavyita ivyiza,

ivyiza na vyo bakavyita ibibi.

Umuco bawita umwijima,

umwijima bakawita umuco.

Kuri bo, ikirura kirasosa,

igisosa na co kirarura.

21 Baragowe abigira abanyabwenge mu mitima,

bakibona ko bafise ubumenyi bukomeye.

22 Baragowe abigira abahizi mu kunywa umuvinyu,

no mu kugana inzoga zikaze,

23 bakarya ibiturire kugira beze uwatsinzwe n’icaha,

bagatsindisha uwutagira ico azira.

24 Ni co gituma, bazozimangana nk’ubwatsi buturirwa n’umuriro,

imizi yabo izobora, n’amashurwe yabo azokabirana;

kuko bataye Ivyagezwe vy’Uhoraho Imana Mushoboravyose,

birengagiza ijambo ry’Uwera wa Isirayeli.

25 Ni co gituma uburake bw’Uhoraho bururumvye ku bantu biwe,

ukuboko kwiwe akakubangurira kubahonya.

Imisozi izonyiganyiga,

imivyimba y’abapfuye izokwandagara ku mabarabara nk’imyanda.

Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,

ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.

26 Azorungikira amahanga ikimenyetso ari kure.

Azovuza uruhwa ahamagare abo ku mpera z’isi,

maze bose bazosiganwa baja i Yerusalemu.

27 Nta n’umwe muri bo azoruha canke ngo atsitare.

Nta wuzohunyiza canke ngo asinzire.

Imikanda yabo ntizokenyuruka,

n’imigozi y’ibirato vyabo ntizocika.

28 Imyampi yabo irasongoye,

n’imiheto yabo irabanze.

Ibinono vy’ifarasi zabo bimeze nk’amabuye y’amasare,

imikogote yabo yiruka nk’agashururu.

29 Ukwivuga kwabo ni nk’ukw’intambwe,

bivuga nk’imikangara y’intare.

Ziraroha iyo zigize ico zubura,

zikagitwara ata gitabara.

30 Muri ico gihe, hazoba imituragaro hejuru

kandi abazoterera amaso mu gihugu,

bazobona ukwiraburanirwa kuvuye ku mibabaro,

n’umuco uzozimanganywa n’ibicu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-