Publicidade

Isaías 37

Ugutabarwa kwa Yerusalemu

1 Umwami Hezekiya avyumvise yitaburirako impuzu, yambara amagunira, aja mu Ngoro y’Uhoraho. 2 Aca arungika Eliyakimu umukuru w’ikirimba, Shebuna umunyamabanga hamwe n’abaherezi bakurira abandi, baja kuraba umuvugishwa Yesaya mwene Amozi, kandi bose bagenda bambaye amagunira. 3 Baramubwira bati: "Umwami Hezekiya avuze ati: Uwu ni umusi w’amagorwa, ibihano n’ibiteterwe, tumeze nka kurya umwana ageze kuvuka ariko nyina akabura inkomezi zo kumuvyara. 4 Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amajambo y’uwo mukuru w’ingabo, ayo yarungikanywe na shebuja umwami w’i Ashuri, yo gucokora Imana nzima; maze Uhoraho Imana yawe akabimuhanira. None rero udusengere twebwe abagisigaye."

5 Abatware b’umwami Hezekiya baja kwa Yesaya, 6 na we aca ababwira ati: "Gende mubwire shobuja muti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ntimugire ubwoba kubera ivyo mwumvise, ari yo majambo yo kuntuka y’umwami w’i Ashuri. 7 Umviriza! Ngiye kumushiramwo impwemu izotuma yumva inkuru z’ibihuha, azoca afata ingingo yo gusubira mu gihugu ciwe, aho nzotuma yicwa n’inkota.’ "

8 Wa mukuru w’ingabo yumvise ko umwami w’i Ashuri yavuye i Lakishi, aca ahamagara ingabo ziwe baja kuraba umwami, basanga ariko agwanira i Libuna.

9 Ico gihe nyene Senakeribu aca aronka inkuru zimubwira ko Tiruhaka umwami wa Etiyopiya azananye n’ingabo ziwe baje kumutera. Imbere yo gusubira inyuma, asigira ubutumwa Hezekiya, avuga ati: 10 "Mubwire Hezekiya umwami w’i Buyuda muti: Iyo Mana wishimiye ntiguhende ngo izobuza ko Yerusalemu hafatwa n’umwami w’i Ashuri. 11 Ndazi ko wumvise ivyo abami b’i Ashuri bakoreye ayandi mahanga, ingene babaranduye bakabamara. None wibaza ko wewe uzorokoka? 12 Mbega imana z’ayo mahanga yatikijwe na ba sogokuruza zarayakingiye? Za mana za Gozani, Harani, Rezefu n’abantu bo muri Edeni baba i Teli Asari, zarashoboye kubakiza? 13 Mbega umwami w’i Hamati ari hehe canke umwami w’i Arupadi? Abami b’ibisagara vya Sefaruvayimu, Hena na Iwa bari hehe?"

Hezekiya yambaza Uhoraho

14 Maze Hezekiya yakira ikete ahawe n’intumwa ararisoma, aca aduga mu Ngoro y’Uhoraho, arizingururira imbere y’Uhoraho. 15 Asenga Uhoraho avuga ati: 16 "Uhoraho Mushoboravyose, Mana ya Isirayeli, wewe wicaye ku ntebe y’inganji hagati y’abakerubi, ni wewe Mana wenyene mu bwami bwose bwo kw’isi. Ni wewe waremye ijuru n’isi. 17 Tega ugutwi Mana yanje, wumve. Utereze inyonga zawe urabe, ewe Uhoraho; wumve amajambo Senakeribu yarungitse yo gucokora Imana nzima.

18 Uhoraho we, ni ivy’ukuri ko abami b’i Ashuri batikije ayo moko yose n’ibihugu vyayo. 19 Bataye imana zabo mu muriro barazitikiza, kuko zitari imana, vyari ibiti n’amabuye, vyakozwe n’amaboko y’abana b’abantu. 20 None rero Uhoraho Mana yacu, dukize udukure mu maboko yiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo kw’isi buzomenye ko wewe wenyene, Uhoraho, ari wewe Mana."

Yesaya avugishwa ivyo gutabarwa kwa Yuda

21 Yesaya mwene Amozi arungikira ubutumwa Hezekiya avuga ati: "Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: Numvise ugusenga kwawe ku vyerekeye Senakeribu umwami w’i Ashuri. 22 Aya ni yo majambo Uhoraho amurungikiye:

Umukobwa w’i Siyoni

aragukengereye kandi aragutwenze.

Umukobwa w’i Yerusalemu

akuzungurije umutwe akuraba ingene uhunga.

23 Mbega wibaza ko uwo watutse ukongera ukamucokora ari nde?

Ni nde warengeje urwamo,

ukamurabisha amaso yawe y’agakengerwe?

Ni Uwera wa Isirayeli.

24 Watumye intumwa zawe

ziza kuntuka jewe Imana.

Uravuga uti:

‘Naduganye imikogote yanje myinshi

nshika hejuru ku misozi,

ndetse nshika no kw’isonga rya Libani.

Niciye amasederi asumvya ayandi uburebure,

n’ubujwari busumvya ubundi ubwiza.

Narahagendagenze nshika no mu bibanza vyaho vya kure,

ngenzura n’amashamba yaho atotahaye cane.

25 Nimvye amariba mu yandi mahanga,

nywa n’amazi yaho.

Mponyangisha ibirenge vyanje

inzuzi za Egiputa, gushika aho zikama.’

26 Mbega ntiwari bwavyumve?

Ivyo vyose ni jewe nagenye ko bizoba kuva kera.

Nabiteguye kera cane,

none ubu ndabishikije,

ntuma ufata ibisagara bifise inzitiro zikomeye

ubihindura ibirundo vy’amabuye.

27 Abantu bo muri vyo wabamaze amanyama,

bacika ivutu, baramaramara.

Bameze nk’ivyatsi vyo mu gahinga,

nk’ubwatsi bukimera.

Bameze nk’utwatsi twimeza ku nzu hejuru,

dukabirana tutarakura.

28 Ariko ndakuzi neza,

ndazi aho uri, ndazi amaja n’amaza yawe;

ndazi n’ingene wandakiye.

29 None rero ko wandakiye,

amajambo yawe atagira indero agashika mu matwi yanje,

nzogutungira igera mu zuru,

ndagushire umunyororo mu kanwa,

ndagusubize inyuma,

uciye mu nzira wazananye.

30 Yewe Hezekiya, iki ni co kimenyetso uhawe:

Uwu mwaka uzorya ivyimejeje,

umwaka ukurikira uzorya ibizonaga kuri vyo.

Ariko ku mwaka ugira gatatu, uzobiba wimbure,

utere imizabibu, urye ku vyamwa vyayo.

31 Nayo amasigarira y’abacitse kw’icumu yo mu muryango wa Yuda

azokwongera amere nk’igiti gishora imizi mu kuzimu,

maze hejuru amashami na yo akama ivyamwa.

32 Kuko i Yerusalemu hazokwamuka amasigarira,

no ku musozi Siyoni have abacitse kw’icumu.

Ishaka ry’Uhoraho Mushoboravyose

ni ryo rizoshitsa ivyo.

33 Ku bw’ivyo, uku ni ko, Uhoraho avuze ku mwami w’i Ashuri:

Ntazokwinjira mu gisagara c’i Yerusalemu

canke ngo araseyo umwampi.

Ntazokwegera inzitiro yitwaje inkinzo yiwe,

canke ngo azubakeko ivyo kwuririrako ngo ahatere.

34 Inzira yazananye ni yo izomusubiza inyuma;

ntazokwinjira iki gisagara,"

ni ko Uhoraho avuze.

35 "Nzogwanira iki gisagara ndakirokore,

ku bwanje no ku bw’umusavyi wanje Dawidi."

36 Maze umumarayika w’Uhoraho araza, atera insago z’Abashuri, yica ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu. Abantu bavyutse mu gitondo basanga imivyimba irambikanze ahantu hose. 37 Maze Senakeribu umwami w’i Ashuri aca asubira inyuma, aja kuba i Ninewe agumayo.

38 Umusi umwe, Senakeribu ari mu ngoro ya Nisuroki imana yiwe ariko arasenga, abahungu biwe Adurameleki na Sharezeri baraza bamwicisha inkota, bahungira mu gihugu c’i Ararati. Umuhungu wiwe Esaruhadoni aca amusubirira ku ngoma.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-