1 "Muzobona ibara mwa bana badakurwa kw’ijambo,"
ni ko Uhoraho avuze,
"mugira imigabo ihushanye n’ugushaka kwanje,
mukagirana amasezerano n’abandi bantu,
mugabo atavuye kuri Mpwemu wanje,
mukirundaniriza ivyaha ku bindi.
2 Mwebwe mumanuka muri Egiputa
mutangishije inama,
mukarondera ubutabazi no gukingirwa kuri Farawo,
mu gitutu ca Egiputa akaba ari ho murondera ubuhungiro.
3 Ariko kwizigira guhungira kwa Farawo bizobabera agatetereza,
kandi igitutu ca Egiputa kizobamaramaza.
4 Naho bafise abatware bari i Zowani,
intumwa zabo zikaba zigeze i Hanesi,
5 bose bazomaramara,
kuko bazosanga bizigiye abantu b’imburakimazi,
ata co babafasha kandi ata n’akarusho na kamwe,
atari ukubateza isoni n’ibiteterwe gusa."
6 Imburi ku bikoko vy’i Negebu:
Mu gihugu c’amakuba n’imibabaro,
kibamwo intambwe z’ingabo n’iz’ingore,
kikabamwo inzoka z’ubumara bukaze n’iziguruka,
izo ntumwa ni ho zaciye zitwaye ubutunzi ku migongo y’indogoba,
n’ivy’agaciro ku mapfupfu y’ingamiya,
kandi ivyo vyose babirungitse mu gihugu ata co kizobamarira,
7 muri Egiputa, kidashobora kubakingira na gatoya.
Ni co gituma nahahaye izina
rivuga ngo Rahabu w’imburakimazi.
8 Nuko nimugende muvyandike ku bisate vy’amabuye
muvyandike mu gitabu,
kugira ngo mu misi izoza,
bizobabere ivyabona bizokwamaho.
9 Kuko aba bantu ni abagarariji, abana babesha,
batagomba kwumvira ivyo Uhoraho yihanikiririza.
10 Babwira aberekwa bati:
"Ntihagire ico musubira kwerekwa!"
Bakabwira abavugishwa bati:
"Ntihagire ikintu na kimwe c’ukugororoka musubira kutubwira!
Tubwire ibiryohera amatwi yacu,
nimuvugishwe ibinyoma!
11 Va muri iyo nzira,
iyo nzira reka kuyicamwo,
hanyuma mureke kuduhangara
mutubwira ivy’uwo Wera wa Isirayeli."
12 Ni co gituma Uwera wa Isirayeli avuze ati:
"Ko mwanse kwumva ubwo butumwa
mukizera agahahazo
mukishimikiza n’ibinyoma,
13 iki caha kizobabera
nk’igihome kirekire, case imigaga, kandi gihengamye,
kigiye gusenyuka mu kanya gato.
14 Kizosenyuka kivunguke kurya kw’inkono imenetse,
imenaguwe ata mbabazi,
gushika aho ata n’uworonka n’urujo,
rwo kurahurirako amakara yaka
canke urwo kudahisha amazi mw’iriba."
15 Ng’ibi ivyo Uhoraho Nyeninganji, Uwera wa Isirayeli, avuze ati:
"Mu kwihana no mu gutekana ni ho hari agakiza kanyu,
mu gutekana no mu kwizigira ni ho hari inkomezi zanyu.
Ariko ntimwabishatse.
16 Mwishuye muti: ‘Oya! Tuzohunga turi ku mafarasi.’
Kandi koko muzohunga!
Mwavuze muti: ‘Tuzogendera ku mafarasi anyaruka.’
Kubera ivyo ababahiga na bo nyene bazoba banyaruka cane!
17 Abantu igihumbi
bazokinagizwa n’umuntu umwe;
abantu batanu bazobatera ubwoba
muhunge mwese,
gushika musigaye
mumeze nk’igiti c’ibendera kigaragara gishinze ku musozi,
canke ibendera rishinze ku gasozi."
18 Ariko Uhoraho aripfuza kubagirira imbabazi;
ku bw’ivyo azohaguruka kugira ngo abereke impuhwe,
kuko Uhoraho ari Imana y’ukugororoka.
Hahiriwe abamwiteze.
19 Yemwe bantu b’i Siyoni, namwe ababa i Yerusalemu, ntimugisubira kurira. Azobagirira imbabazi nimwamuririra. Niyamara kubumva, azoca abishura. 20 Naho Imana ibagaburiye ivyokurya vy’amakuba n’amazi y’imibabaro, umwigisha wanyu ntazosubira guhishwa, muzomwibonera imbonankubone. 21 Naho mwohengamira i buryo canke i bubamfu, amatwi yanyu azokwumva ijwi ryiwe inyuma yanyu, ribabwira riti: "Inzira ni iyi, nibe ari yo mucamwo." 22 Maze muzomenagura ibishushanyo vyanyu mwometseko ifeza, hamwe n’ibibumbano mwometseko inzahabu. Muzobishibura nk’uwushibura ibiteye ishishi, muvuga muti: "Hogi, vaho wa mwanda we!"
23 Azosubira abarungikire imvura imeze ivyo mwarimye, kandi ivyo muzokwimbura bizoba vyiza, kandi vy’umusesekara. Ico gihe inka zanyu zizorisha mu matongo yagutse. 24 Inka n’indogoba zirima zizorya ivyatsi birunze umunyu, vyanikishijwe ikanya n’igipahu. 25 Ku musi w’agatikizo gahambaye, igihe iminara izosiduka, imigende y’amazi izotemba ku mitumba no ku misozi yose. 26 Ukwezi kuzokayangana nk’izuba, ugukayangana kw’izuba kuzokwigwiza incuro indwi, kungane n’umuco w’imisi indwi, umusi Uhoraho azopfuka ibisebe vy’abantu biwe, akabakiza inguma yabateye.
27 Ehe izina ry’Uhoraho rije rivuye kure,
rirurumbamwo uburake bwiwe, ritwikiriwe n’umwotsi mwinshi;
iminwa yiwe yuzuye uburakari,
ururimi rwiwe ni umuriro utongora.
28 Impwemu ziwe zimeze nk’umukuba w’amazi,
uduga ukagera mw’izosi.
Anyiganyije amahanga ayagosoresheje agatikizo,
ayambitse umujiginya,
ayakwegera mu mahonero.
29 Namwe muzoririmba
nk’abigina umusi mukuru wera.
Imitima yanyu izohimbarwa,
nko mu gihe abantu baduga bavuza imyironge
baja ku musozi w’Uhoraho,
baja ku Gitandara ca Isirayeli.
30 Uhoraho azotuma abantu bumva ijwi ryiwe ry’icubahiro,
atume babona ukuboko kwiwe kumanuka mu burake bwinshi,
kuzananye n’umuriro utongora, n’umuyaga w’igihuhusi,
hamwe n’imituragaro n’urubura.
31 Abashuri nibumva ijwi ry’Uhoraho bazocika ivutu.
Azobakubitisha inkoni yiwe.
32 Uhoraho niyakubita inkoni imwe nk’uko yabitegekanije,
izojana n’umudiho w’ingoma n’inanga
mu gihe azoba ariko arabagwanya,
abakubitisha ukuboko kwiwe.
33 Tofeti harateguye uhereye kera;
hateguriwe umwami.
Ikinogo co gutuririramwo caraguwe kiba kinini,
n’inkwi zo gucana ziragwizwa;
impwemu z’Uhoraho,
zimeze nk’amazuku yaka,
ni zo zizidometse.