1 Yewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje;
nzogushira hejuru nongere ntazire izina ryawe,
kuko mu bwizigirwa butagira agasembwa
wakoze ibitangaza,
ivyo wari warateguye kuva kera.
2 Wahinduye igisagara ibirundo vy’isakamburira,
igisagara kizitiriwe ukigira umusaka.
Ibirimba vyiza vyo mu mahanga ya kure bikuweho,
kandi ntibizosubira kwubakwa.
3 Ni co gituma ibihugu bikomeye bizokwubaha,
ibisagara vy’amahanga ateye ubwoba bikagutinya.
4 Wabereye aboro ubuhungiro,
ubuhungiro bw’abakene mu kuburanirwa kwabo,
ubabera ubwugamo mu gihuhusi,
n’igitutu mu gihe c’indugumba.
Kuko uburake bw’inkozi z’ibibi,
bumeze nk’igihuhusi cisuka ku gihome,
5 canke nk’ubushuhe bwo mu bugaragwa.
Uzibiza urwamo rw’abanyamahanga;
nk’uko ubushuhe bugabanurwa n’igitutu kizanywe n’igicu,
uko ni ko uzivya n’indirimbo z’inkozi z’ibibi.
6 Kuri uwu musozi Uhoraho Mushoboravyose azohategurira
abantu bose amazimano aryoshe,
banywe umuvinyu wa kera,
barye inyama zinuze bongere banywe n’umuvinyu umiminye neza.
7 Kuri uwo musozi ni ho azotabagurira
igihuzu co kugandara cipfutswe n’abantu bose,
ari wo mwambaro utwikiriye amahanga yose.
8 Urupfu azorumira ataruhekenye!
Uhoraho Nyeninganji azobahanagura amarira yose
ayakure ku maso yose;
azokura agakengerwe kose ku bantu biwe
iyo bari kw’isi hose.
Uko ni ko Uhoraho avuze.
9 Kuri uwo musi ni ho bazovuga bati:
"Vy’ukuri iyi ni yo Mana yacu,
turayizeye, ni yo yaturokoye.
Uwu ni Uhoraho, turamwizeye;
reka duhimbarwe, tunezerererwe agakiza kiwe."
10 Ukuboko kw’Uhoraho kuri kuri uwu musozi,
ariko Mowabu bazohonyangirwa iwabo,
nk’uko ivyatsi bihonyangirwa mu nyabarega.
11 Bazokwaya amaboko bari muri ivyo,
nk’uko aboga baya amaboko yabo mu kwoga.
Ariko Uhoraho azobamara ubwibone,
ntazokangwa n’ububangutsi bwabo.
12 Uhoraho azosenyura inzitiro zanyu ndende,
aziryamike hasi;
azozihenura zigwe zishike hasi,
mu mukungugu.