Publicidade

Isaías 55

Uwunyotewe naze

1 Nimuze yemwe abafise inyota,

nimuze mwironkere amazi;

na mwebwe mudafise amahera nimuze,

nimuze, musume kandi murye!

Nimuze, mugure umuvinyu n’amata,

ata mahera, ata kiguzi.

2 Ni kuki muta amahera yanyu ku bitari indya,

mukaruhira ibitabahaza?

Nimunyumvirize kugira ngo mubone kurya ivyiza,

ni ho muzonezerererwa ivyokurya biryoshe.

3 Nimutege amatwi, muze aho ndi,

mwumvirize, kugira ngo mubone kubaho.

Nzogirana namwe isezerano ry’intahava,

ari ryo sezerano ry’urukundo rudahera nasezeraniye Dawidi.

4 Ehe raba, namugize icabona co gushingira intahe abantu,

ndamugira umutware wo kubarongora.

5 Ni ukuri nawe uzotegeka amahanga utazi,

kandi amahanga utigeze umenya azokwihuta aza aho uri,

abitewe n’Uhoraho Imana yawe,

Uwera wa Isirayeli,

kuko azoba yakwambitse ubwiza.

6 Nimurondere Uhoraho bigishoboka ko mumubona,

mumuhamagare akiri hafi.

7 Umunyakibi nareke inzira ziwe,

umunyavyaha ave mu vyiyumviro vyiwe bibi.

Bagaruke k’Uhoraho, na we azobagirira imbabazi,

bagaruke ku Mana yacu, na yo izobaharira ku buntu.

8 "Kuko ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu,

kandi n’inzira zanyu atari zo nzira zanje,"

ni ko Uhoraho avuze.

9 "Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi,

ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu,

kandi ni ko n’ivyiyumviro vyanje biri hejuru cane y’ivyanyu.

10 Nk’uko imvura na shelegi

bimanuka bivuye mw’ijuru,

hanyuma ntibisubire inyuma

bitavomeye isi,

bigatuma itota igashobora kumera,

kugira ngo ihe umubivyi umwimbu n’umuryi ivyokurya,

11 ni ko n’ijambo riva mu kanwa kanje riri:

ntirizosubira inyuma uko ryaje,

ariko rizoshitsa intumbero yanje,

rishitse intumbero yatumye ndarituma.

12 Namwe muzovanayo umunezero,

murongowe mu mahoro;

imisozi n’imitumba

bizoturika bibaririmbire,

n’ibiti vyo ku misozi

bibakomere amashi.

13 Ahahora imibambangwe hazomera amasederi,

ahari imikere hamere imiriteli

Ivyo bizotuma Uhoraho aba rurangiranwa

kubera ico kimenyetso gihoraho,

kitazigera gikurwaho."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-