Publicidade

Isaías 51

Agakiza kadashira ka Siyoni

1 "Nimuntege amatwi, yemwe abakurikirana ukugororoka,

namwe abarondera Uhoraho:

Nimwitegereze igitandara mwasatuweko,

n’icobo mwimbwemwo.

2 Nimurabe sogokuruza Aburahamu,

na Sara yabavyaye.

Igihe namuhamagara yari wenyene,

hanyuma ndamuhezagira, ndamugwiza.

3 Uhoraho nta gukeka azohumuriza Siyoni,

kandi azorabana impuhwe imisaka yaho;

ubugaragwa bwaho azobugira nka Edeni,

n’isi itamera yaho azoyigira nk’itongo ry’Uhoraho.

I Siyoni hazorangwa umunezero n’agahimbare,

amashimwe n’amajwi y’indirimbo.

4 Nimunyumve yemwe bantu banje,

ntega ugutwi wa hanga ryanje we:

Icagezwe kizova muri jewe,

kandi uguca iziroranye kwanje kuzobera amahanga umuco.

5 Ubugororotsi bwanje buriko buraza bwihuta,

agakiza kanje kari mu nzira kaza,

kandi ukuboko kwanje kuzozanira amahanga ubutungane.

Amazinga azonyitegana igishika,

andindire yizigiye ukuboko kwanje.

6 Nimwunamure amaso yanyu murabe amajuru,

murabe no kw’isi;

amajuru azokamangana nk’umwotsi,

isi na yo ihere nk’impuzu,

abayibako na bo bazopfa nk’imibu.

Ariko agakiza kanje kazokwamaho ibihe vyose,

kandi ubugororotsi bwanje ntibuzogira iherezo.

7 Nimunyumve yemwe abazi ivy’ukugororoka,

namwe mwashize imitima yanyu ku nyigisho zanje:

Ntimutinye ivyo abantu bapfa babagiriza,

canke ngo murandurwe imitima n’ivyo babatuka.

8 Kuko imiswa izobarya ibamare nk’uko imara impuzu,

n’inyo zizobarya nk’uko zirya ubwoya.

Ariko ukugororoka kwanje kuzokwamaho ibihe vyose,

kandi agakiza kanje kazokwamaho uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi."

9 Kanguka, kanguka wa kuboko kw’Uhoraho,

wambare inkomezi!

Kanguka nko mu misi yaheze,

nko mu runganwe rw’aba kera.

Mbega si wewe waciye ubunywenywe Rahabu,

ugasogota ca gisizimwe?

10 Mbega si wewe wakamije ikiyaga,

n’amazi yo mw’ibenga rinini,

ugaca inzira i bwina mu kiyaga,

kugira ngo abo wicunguriye bashobore kujabuka?

11 Abacunguwe n’Uhoraho bazogaruka;

bazokwinjira i Siyoni baririmba,

umunezero udashira ni wo uzoba urugori ku mitwe yabo.

Akamwemwe n’umunezero bizobuzura, kandi

umubabaro no gusuhuza umutima bizohunga.

12 "Jewe ubwanje ni jewe ndabahumuriza,

none uri nde, wewe utinya umuntu apfa,

utinya umwana w’umuntu ameze nk’ubwatsi,

13 ukibagira Uhoraho Umuremyi wawe,

uwagaranzuye amajuru,

agashiraho amatanguriro y’isi,

ku buryo umusi ku wundi ubayeho uri mu bwoba,

utinya uburake bw’uwugucinyiza,

kandi agerewe kuranduka?

Mbega none uburake bw’uwucinyiza buri hehe?

14 Abo wagize imbohe bagiye kubohorwa;

ntibazogwa mu vyobo barimwo,

kandi ntibazokwicwa n’inzara.

15 Kuko ndi Uhoraho Imana yawe,

ntera ikiyaga gusuriranya, imipfunda ikabomborana

Uhoraho Mushoboravyose, ni ryo zina ryanje.

16 Nashize amajambo yanje mu kanwa kawe,

ngutwikiriza igitutu c’ukuboko kwanje,

jewe nashize amajuru mu kibanza cayo,

nshiraho amatanguriro y’isi,

nkabwira Siyoni nti: ‘Muri abantu banje.’ "

Igikombe c’uburake bw’Uhoraho

17 Kanguka, kanguka!

Haguruka, yewe Yerusalemu,

wewe wanywereye ku gikombe kiri mu kuboko kw’Uhoraho,

igikombe c’uburake bwiwe,

ukaciranguza gushika kw’ima rya nyuma,

ca gikombe gituma abantu bazungurirwa.

18 Mu bana yavyaye bose,

nta wurimwo wo kumuja imbere ngo amurongore

mu bana yareze bose,

nta wurimwo wo kumufata ukuboko.

19 Ibi vyago bigwijwe kabiri bije kuri wewe;

mbega ni nde azokuremesha?

Gusamburwa no kurandurwa, inzara n’inkota.

Ni nde azoguhoza?

20 Abana bawe bararabiranye,

barambaraye mu mahwane yose y’inzira,

bameze nk’impongo yafashwe n’umutego.

Buzuweko n’uburake bw’Uhoraho,

ari kwo guhana kw’Imana yawe.

21 Kubera ivyo, nimwumve ibi, mwebwe mubabaye,

mwebwe muborewe ariko mutaborewe umuvinyu.

22 Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji,

Imana yanyu igwanira abantu bayo, avuze:

"Ehe raba, nkuye mu kuboko kwawe

igikombe catuma udandabagirana;

ico gikombe ni co burake bwanje,

ntuzosubira kukinywerako.

23 Nzogishira mu biganza vy’ababacinyiza,

bamwe bavuga bati:

‘Rambarara hasi tuguceko.’

Maze umugongo wawe ukawugira nk’imbuga,

canke nk’inzira yo gucako."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-