Publicidade

Isaías 28

Ivyago ku barongozi ba Efurayimu na Yuda

1 Ubonye ibara wa rugori rw’ubwibone imborerwa za Efurayimu zineganegana,

ubwiza bukayangana bwawe bubaye nk’ishurwe rikabiranye,

riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane,

igisagara ari co bwibone bw’abagwishwa hasi n’umuvinyu!

2 Ehe raba Imana yifitiye umunyenkomezi w’intwari.

Imeze nk’urubura canke igihuhusi gisambura,

nk’imyuzure isendanisha.

Izobakubitisha hasi inkomezi nyishi.

3 Maze urugori rw’ubwibone imborerwa za Efurayimu zineganegana,

ruzohonyangirwa hasi.

4 Iryo shurwe rikabiranye, ryahorana ubwiza n’icubahiro,

riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane,

rizomera nk’insukoni zihishiye imbere y’iyimbura.

Iyo abantu bazibonye, baca bazamura,

bakazitamira.

5 Kuri uwo musi Uhoraho Mushoboravyose

azoba urugori rw’ubwiza bwinshi,

urugori rwiza

ku masigarira y’ubwoko bwiwe.

6 Azobera impwemu y’ukugororoka

uwicaye aca imanza,

yongere abere isoko ry’inkomezi

abasubiza urugamba inyuma y’amarembo.

7 Ariko Isirayeli na we adandabagiranishwa n’umuvinyu,

ibiboreza biramuzungagije.

Abaherezi n’abavugishwa badandabagiranishijwe n’ibiboreza,

bazengerejwe n’umuvinyu,

bazungagijwe n’inzoga.

Iyo bariko barerekwa inzozi baradandabagirana,

bagatsitagurika iyo bafata ingingo.

8 Imeza zabo zuzuyeko ivyo badashwe,

umwanda ukwiragiye hose.

9 Barabazanya bati: "Mbega Yesaya yigira iki mu kugerageza kutwigisha?

Ni ba nde ariko arabwira ayo majambo yiwe?

Tubaye abana bagicuka,

canke bakiva kw’ibere rya ba nyina?

10 Kuko ivyiwe ari:

Kora ibi, kora birya,

itegeko ry’iki ni iri, itegeko rya kirya ni rirya;

dukeya aha, dukeya harya."

11 Aho ni vyiza ko biri uko, akanwa k’abanyamahanga, n’indimi zitazwi

ni vyo Imana izovuganiramwo n’aba bantu.

12 Abo yari yarababwiye ati:

"Iki ni co kibanza co kuruhukiramwo, abarushe nibaruhuke";

kandi ati: "Ubu ni bwo buruhukiro;"

ariko ntibamwumviye.

13 Ni co gituma kuri bo, ijambo ry’Uhoraho ryahindutse, rizoba:

kora ibi, kora birya,

itegeko ni iri kuri iki, ni iri kuri kirya,

dukeya aha, dukeya harya

kugira ngo nibatambuka bagwire umugongo,

bakomereke, bagwe mu mutego maze bafatwe.

14 None rero mwumve ijambo ry’Uhoraho mwa bacokoranyi mwe,

muganje i Yerusalemu.

15 Mwirata muvuga muti: "Twagiranye isezerano n’urupfu,

kandi imva twarumvikanye.

Icago gikukumura nicahaca,

ntikizodushikako,

kuko twarironkeye ubuhungiro mu binyoma,

ububeshi ni bwo bwihisho bwacu."

16 None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:

"Raba ndashira ibuye i Siyoni, ibuye ryageragejwe,

ibuye ry’igiciro rigumya imfuruka.

Uwuryizera

ntazokwigera anyiganyiga.

17 Guca imanza zibereye ni vyo nzogira igipimo;

kandi ubugororotsi ni bwo nzogira karisho

urubura ruzosambura ubuhungiro bwanyu, ari vyo binyoma,

kandi amazi azokwuzura ubwihisho bwanyu.

18 Isezerano mwagiraniye n’urupfu rizokurwaho;

umwumvikano mwumvikanye n’imva ntuzoramba.

Umwuzure ukomeye niwahaca,

uzobakubita hasi.

19 Uwo mwuzure, uko uje kwose, uzokwama ubatwara,

uko bukeye, ku murango no mw’ijoro

uzobatwara."

Kandi gutahura ubu butumwa

bizobatera guhinda agashitsi kenshi.

20 Uburiri ni bugufi, ntimuzoronka aho murambiriza,

n’uburengeti ni buto, ntimushobora kubwipfuka ngo bubakwire.

21 Uhoraho azohaguruka nk’uko yahagurutse ku musozi Perazimu,

arake nk’uko yarakiye ikiyaya c’i Gibeyoni,

akore igikorwa ciwe c’agatangaza,

igikorwa kitamenyerewe.

22 Nuko rero nimugeze ngaho ugushinyagura kwanyu,

ahandi hoho ibihano birongerekana.

Kuko Uhoraho Mushoboravyose yambwiye ivy’agatikizo,

ako yateguriye igihugu cose.

23 Nimuntege amatwi munyumve,

nimwumvirize ivyo ndiko ndavuga.

24 Mbega umurimyi iyo ariko ararima aho agomba guteragira,

yama ariko ararima gusa?

Yama ariko ararima ategura ubusize?

25 Iyo amaze gutegura neza aho yarimye,

ntaheza akamija imbuto, akabiba izitwa kumino,

akabiba ingano mu kibanza cazo,

akabiba izitwa sayiri uko zibibwa,

akabiba n’izitwa kusemati uko zibibwa?

26 Imana yiwe ni yo imwigisha

ikamwereka ingene abikora neza.

27 Uburo ntibabusekuza umuhini usongoye,

kumino ntibazisekuza ibigata vy’imikogote

Uburo bakabukubitisha ikibano,

kumino bakayikubitisha inkoni.

28 Ingano barazisya bakazicumbamwo umutsima.

Nta muntu yama ariko arazisya adaheza.

Amapine y’umukogote usekura yoshobora gukoreshwa,

ariko nta wukoresha ifarasi mu gusekura ingano.

29 Ubwo bumenyi bwose buva k’Uhoraho Mushoboravyose,

we mujenama w’igitangaza,

n’ubwenge bw’agahebuza.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-