1 "Haguruka ukayangane, kuko umuco wawe washitse,
kandi n’ubwiza bw’Uhoraho bukaba buri kuri wewe.
2 Ehe raba, umwijima utwikiriye isi,
umwijima w’umuzitanya utwikiriye amahanga,
ariko Uhoraho ahagurutse ku bwawe,
kandi umuco wiwe uragukayanganiye.
3 Amahanga azoza akurikirana umuco wawe,
abami bazoza kuraba ugukayangana kwawe.
4 Unamura amaso yawe urabe hirya no hino:
bose barakoranye baje aho uri,
abahungu bawe baje bava kure,
abakobwa bawe na bo baje bateruwe mu maboko.
5 Mu maso hawe hazokayangana,
umutima wawe na wo udidagizwe kubera umunezero;
ibidandazwa vyo ku kiyaga bizozanwa kuri wewe,
ubutunzi bw’amahanga yose buzozanwa iwawe.
6 Ingamiya zizokwuzura igihugu cawe,
inyana zazo zizozanwa zivuye i Midiyani no muri Efa.
Ab’i Sheba bazoza,
bazanye inzahabu n’ibiturirwa bikamota neza,
baze bavuga amatazirano y’Uhoraho.
7 Ibitungwa vy’i Kedari bizokwegeranirizwa iwawe;
intama z’i Nebayoti zizanwe ku gicaniro cawe;
zizokwemerwa nk’ibimazi,
nanje nzokwuzuza ubwiza Ingoro yanje.
8 Mbega abo mbona baguruka nk’ibicu ni ba nde,
bameze nk’inuma zitashe mu vyari vyazo?
9 Ni ukuri amazinga ni jewe yipfuza;
n’amato y’i Tarushishi arafashe inzira,
azanye abana bawe, bavuye kure,
bazanye inzahabu n’ifeza zabo,
gusenga Uhoraho Imana yawe,
Uwera wa Isirayeli,
kuko yakwambitse ugukayangana.
10 Abanyamahanga bazosanura inzitiro zawe,
abami bayo na bo bagukorere.
Naho nagukubise kubera uburake,
mu buntu bwanje nkugiriye impuhwe.
11 Amarembo yawe azokwama yuguruye,
ntazokwigera akingwa, haba ku murango, haba mw’ijoro,
kugira ngo abantu bazokwame bazana ubutunzi bw’ayandi mahanga,
abami bayo bazanwe bashorewe mu birori.
12 Kuko ihanga canke ubwami butazogukorera buzotikizwa,
buzosenyurwa burangire.
13 Ubwiza bw’i Libani buzoza kuri wewe,
ibiti vy’amasederi, imitidari n’amapinusi vyose hamwe
bizoza gushariza Ingoro yanje;
nanje nzokwubahisha aho nshira ibirenge vyanje.
14 Abana b’abagutwaza umukazo bazoza bakwunamire,
abakugaya bazoza bikubite imbere y’ibirenge vyawe,
bakwite Igisagara c’Uhoraho,
Siyoni h’Uwera wa Isirayeli.
15 Naho wari waratawe, ukankwa,
ata wukugendera,
nzoguha ubwiza butazokwigera buvaho,
nkugire umunezero w’urunganwe rwose.
16 Uzonywa amata y’amahanga,
wonke amabere y’ubwami.
Ni ho uzomenya ko jewe Uhoraho, ndi Umukiza wawe,
Umucunguzi wawe, Umunyenkomezi wa Yakobo.
17 Mu gishingo c’umwakaka nzokuzanira inzahabu,
nkuzanire ifeza mu gishingo c’ivyuma.
Mu gishingo c’imbaho nzokuzanira imyakaka,
nkuzanire n’ivyuma mu gishingo c’amabuye.
Abategetsi bawe bazoba abanyamahoro,
co kimwe n’abatware bawe.
18 Nta muryano uzosubira kwumvikana mu gihugu cawe,
nta gusenyura n’ugutikiza bizovugwa aho imbibe zawe zigera,
ariko inzitiro zawe uzozita Gakiza,
amarembo yawe na yo uyite Mashimwe.
19 Ku murango ntuzoba ukibonesherezwa n’izuba,
kandi ugukayangana kw’ukwezi si kwo kuzokumurikira mw’ijoro,
kuko Uhoraho ari we azokubera umuco wamaho,
Imana yawe izokubera ubwiza.
20 Izuba ryawe ntirizoba rikirenga,
n’umuco w’ukwezi kwawe ntuzigera ugabanuka.
Uhoraho azoba umuco wawe uzohoraho,
kandi imisi y’umubabaro wawe izorangira.
21 Hanyuma abantu bawe bose bazoba abagororotsi,
kandi bazoragwa igihugu ibihe vyose.
Ni bo giterwa nitereye,
ni bo gikorwa c’amaboko yanje,
kigaragaza ubwiza bwanje.
22 Uwa nyuma muri mwebwe azogwira abemwo ibihumbi,
umuto muri mwebwe avemwo ihanga rikomeye.
Ndi Uhoraho,
ivyo nzobishitsa mu kanya gato cane, igihe cavyo kigeze."