1 Imburi kuri Damasiko.
"Ehe raba i Damasiko ntihazokwongera kuba igisagara,
hazoba ikirundo c’ivyabomaguritse.
2 Ibisagara vya Aroweri bizohebwa, bihebewe ibitungwa. Bizorisha vyiryamire,
ata muntu n’umwe abikomakoma.
3 Ibisagara bizitiye vya Efurayimu bizosenyurwa,
n’ububasha bw’ubwami bw’i Damasiko buzohera.
Amasigarira y’i Siriya azoherengetera,
nk’icubahiro ca Isirayeli,"
ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
4 "Uwo musi icubahiro ca Yakobo kizokabirana,
n’ukuvyibuha kwiwe kuzohera.
5 Bizoba bimeze nka kurya umwimbuzi agenya ingano,
akegeraniriza imikama y’ingano mu maboko,
canke nk’abashwabura amasaka
mu kiyaya ca Refayimu.
6 Ariko hazosigaramwo uduhumbwa
nk’udusigara ku giti c’umwelayo bamaze gukubitisha inkoni bimbura,
hagasigara tubiri canke dutatu mu bushorishori,
na tune canke dutanu mu mashami yama cane,"
ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze.
7 Ico gihe abantu bazohanga amaso Umuremyi wabo,
maze bahindukirire Uwera wa Isirayeli.
8 Ntibazoba bagihindukiriza amaso yabo ku bicaniro,
vyubatswe n’amaboko yabo,
kandi ntibazoba bacunamira inkingi za Ashera,
canke ngo baturirire ibimota neza ku bicaniro vyubatswe n’intoke zabo.
9 Uwo musi, ibisagara bizitiye vya Isirayeli bizotabwa, bimere nk’ibisagara vy’Abahiwi n’Abamori, vyatawe igihe Abisirayeli babishikamwo. Hazosigara ari mu gahinga.
10 Ko wibagiye Imana yo Mukiza wawe,
ntiwibuke igitandara, ari co bwihisho bwawe,
naho warobanuye imbuto nziza,
ugatera imizabibu y’imvamahanga,
11 umusi uzitera zigaca zimera,
mu gatondo ugasanga zanaze,
umwimbu wazo uzobura ku musi w’amagorwa
n’umubabaro udakira.
12 Aragowe amahanga menshi yuzuye ubushangashirwe!
Babomborana nk’amazi y’ikiyaga.
Baragowe abantu bahinda!
Basuma nk’amazi yo mw’isumo rinini.
13 Naho abantu basuma nk’amazi yo mw’isumo rinini,
Imana ibakankamiye barahunga,
umuyaga ukabagurura nk’umuguruka wo ku mpinga z’umusozi,
bakaguruka nk’umukungugu wo mu gashururu.
14 Ku mugoroba haza ibitera ubwoba,
ariko butaraca bikaba vyaheze!
Uwo ni wo mugabane w’abatunyaga,
kandi ni yo ngero y’abatwambura.