1 Ehe Uhoraho agira ahindure isi umusaka.
Agira ayisambure,
asibanganye ubwiza bwayo
abayibako bashwiragire:
2 ibizoba kuri umwe ni vyo bizoba no ku wundi
yaba umuherezi canke umuntu asanzwe,
yaba umukoresha canke umukozi wiwe,
yaba inabuja canke incoreke yiwe
yaba uwushora canke uwugura,
yaba uwugurana canke uwuguranwa,
yaba uwugurana yunguka canke uwishura,
yaba uwuheraniwe canke uwuheranye.
3 Isi izocika umusaka,
inyagwe ibiri kuri yo vyose,
ni ko Uhoraho avuze.
4 Isi iragandaye, kandi irakabiranye,
isi iraburaniwe, irakabiranye,
mbere n’amajuru ashiranye na yo.
5 Isi irahumanye kandi ihumanijwe n’abantu bayibako:
bataye ivyagezwe,
barenga ku mabwirizwa,
bica isezerano ry’ibihe vyose.
6 Ni co gituma umuvumo utongoye isi,
abantu bayo bashitsweko n’ingaruka z’ivyo bakoze.
Ni co gituma abayibako batongowe bagashira,
hasigaye inkehwa gusa.
7 Umuvinyu mushasha urabuze, n’uruzabibu rurakabiranye,
abahorana umunezero barijiriwe.
8 Umunezero uvuye ku dushako tw’ingoma urahagaze,
urwamo rw’abanezerewe ruraheze,
inanga zihimbaye kwumva zirahagaze.
9 Ntibazosubira kunywa umuvinyu baririmba,
inzoga ihindukiye umururazi abayinywa.
10 Igisagara c’imivurungano kirasenyutse,
inzugi z’amazu yose zirugawe.
11 Baririra mu mabarabara barondera umuvinyu,
ahari umunezero habaye ukwihebura,
amajwi yose y’umunezero akuwe mw’isi.
12 Igisagara gisigaye ari umusaka,
inzugi z’amarembo yaco baziciye ubunywenywe.
13 Ni ko bizogenda kw’isi
no mu mahanga,
bizomera kurya igiti c’umwelayo cazungagijwe kimera,
canke kurya bimera iyo hasigaye uduhumbwa inzabibu zimaze kwimburwa.
14 Abazorokoka bazoduza amajwi, bavuze akamo k’umunezero,
bave mu buseruko baririmba icubahiro c’Uhoraho.
15 None rero nimuhimbaze Uhoraho, yemwe abo mu buseruko,
mushire hejuru izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli,
yemwe abo mu mazinga yo mu kiyaga.
16 Twumvise indirimbo ziva ku mpera z’isi zivuga ziti:
"Icubahiro kibe ic’umwe agororotse!"
Ariko nanje mvuga nti: "Ndageseye, ndageseye!
Ewe jewe ndagowe!
Abahemu barahemukiye abandi,
mbere barahemutse cane."
17 Ibiteye ubwoba, urwobo n’umutego birabarindiriye,
yemwe bantu bo kw’isi.
18 Uwuzohunga urwamo rw’ibiteye ubwoba
azogwa mu rwobo,
uwuzosimba urwobo
azogwa mu mutego.
Ingomero zo mw’ijuru ziragomorowe,
kandi amatanguriro y’isi aranyiganyize.
19 Isi iramenetse,
isi irasenyutse,
iranyiganyijwe cane.
20 Isi iradandabagiranye nk’imborerwa,
inyiganyizwa nk’akazu k’ivyatsi kanyiganyizwa n’umuyaga.
Iremerewe no gutsindwa n’ubugarariji bwayo,
ni co gituma itemvye kandi ntizokwongera kuvyuka.
21 Kuri uwo musi, Uhoraho azohana
ingabo zo hejuru mw’ijuru,
n’abami bo hasi kw’isi.
22 Bazokwegeranirizwa hamwe
nk’uko imbohe zegeranirizwa mu rwobo,
bugaranirwe mw’ibohero,
maze bazocirwa urubanza haciye igihe kirekire.
23 Ukwezi kuzogira isoni,
izuba na ryo rizomaramara.
Kuko Uhoraho Mushoboravyose azoganza
ku Musozi Siyoni n’i Yerusalemu,
ari imbere y’abatware baho kandi ari mu bwiza bwinshi.