1 Muragowe mwebwe mushinga amategeko y’akarenganyo,
mugashinga amategeko acinyiza abantu.
2 Munyaga abakene utwabo,
mukareka gucira imanza zibereye abacinyijwe bo mu bwoko bwanje,
abapfakazi mubagira iminyago yanyu,
impfuvyi mukazisahura utwazo.
3 Mbega ku musi w’imanza muzogira gute,
igihe amakuba azobashikako avuye kure?
Muzohungira kwa nde ngo abatabare?
Mbega ubutunzi bwanyu muzobunyegeza he?
4 Nta kindi muzoba musigaje atari ukuburanirwa muri mu banyagano,
canke imivyimba yanyu ikagwa mu basogoswe.
Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,
ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.
5 "Uragowe, yewe Ashuri, wewe nkoni y’ishavu ryanje,
inkoni witwaje ni yo burake bwanje.
6 Nzogutuma gutera ihanga ritubaha Imana,
nzokurungika mu bwoko buntera ishavu,
ubasahure wongere ubatware nk’iminyago,
ubahonyangishe ibirenge nk’uwuhonyanga ivyondo mu nzira.
7 Ariko umwami wa Ashuri ntazoba atahura ko ari igikoresho canje,
ivyo si vyo azoba afise mu mutwe;
intumbero yiwe ni uguhonya,
ashire iherezo ku mahanga menshi.
8 Kuko avuga ati: umwe wese mu baganwa banje azoba umwami vuba.
9 Tuzosangangura Kalino nk’uko twabikoreye Karikemishi,
Hamati hazogwa mu maboko yacu nk’uko vyagendeye Arupadi.
Kandi tuzosangangura Samariya nk’uko twabikoze i Damasiko.
10 Ko ukuboko kwanje kwashoboye gufata ubwami bufise ibigirwamana,
ubwami bwasumvya ibigirwamana Yerusalemu na Samariya,
11 mbega sinzomara amanyama Yerusalemu n’ibigirwamana vyaho,
nk’uko namaze amanyama Samariya n’ibigirwamana vyaho?"
12 Uhoraho niyamara gushitsa ivyago yateguriye umusozi Siyoni na Yerusalemu, azovuga ati: "Ngiye guhana umwami wa Ashuri, kuko yuzuye ubwibone n’ukwishira hejuru. 13 Kuko azovuga ati:
‘Narabikoze jewe ubwanje,
ndabikoresheje inkomezi z’ukuboko kwanje n’ubwenge bwanje,
kuko ndi umunyabwenge.
Nakuyeho imbibe hagati y’amahanga, nanyaze ubutunzi bwaho;
mu butwari bwinshi,
nakuye ku ngoma abami benshi.
14 Nk’uko umuntu yaruza icari,
ni ko ukuboko kwanje kwatwaye ubutunzi bw’amahanga.
Nk’uko umuntu yegeranya amagi,
ni ko negeranije ibihugu vyo kw’isi vyose.
Nta n’umwe yakubise n’ibaba,
nta n’uwaryogoye.’ "
15 Mbega incabiti yokwirata ku wuyikoresha?
Canke umusumeno wokwishima ku wuwukoresha?
Mbega inkoni yokubita ata wuyikubitishije,
canke inkoni yokwigendagendesha ata wuyishimikije?
16 Ni co gituma Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,
azoteza ingwara abasoda bawe bakomeye,
amagara abashiremwo,
kandi musi y’ubwiza bwiwe, hazocanwa umuriro
umuriro utongora.
17 Uhoraho, Umuco wa Isirayeli, azohinduka umuriro;
kandi Uwera azohinduka nk’urubeya.
Ku musi umwe, azotongora
ayo mahwa n’imikere.
18 Ubwiza bw’amashamba yiwe n’amatongo yiwe amera,
bizotikizwa bihere,
bimere nk’umugwayi acikanye.
19 Ibiti bizosigara muri ayo mashamba yaho bizoba ari bike,
ku buryo n’umwana yobiharura.
20 Kuri uwo musi amasigarira ya Isirayeli,
abazoba barokotse ba Yakobo,
ntibazoba bakimwisunga
ntibazisunga uwabakubise,
ahubwo bazokwizigira Uhoraho,
Uwera wa Isirayeli.
21 Amasigarira azogaruka, amasigarira ya Yakobo
azogaruka ku Mana Ikomeye.
22 Isirayeli we, naho abantu bawe ari nk’umusenyi wo ku kiyaga,
inkehwa gusa ni zo zizogaruka.
Agatikizo karamaze gutegurwa,
Uhoraho yahisemwo kubatikiza kuko ari co babereye.
23 Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,
azoshitsa ako gatikizo ku gihugu cose,
nk’uko yabiteguye.
24 None rero uku ni ko Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, avuze:
"Yemwe bwoko bwanje buba i Siyoni,
ntimutinye Abashuri,
babakubita inkoni, bakababangurira ibibando,
nk’uko Abanyegiputa babigira.
25 Hasigaye igihe gito, uburake nari mfitiye mwebwe bugahera,
uburake bwanje buzoba agatikizo k’Abashuri."
26 Uhoraho Mushoboravyose azobakubitisha ikimoko,
nk’uko yakubitiye Abamidiyani ku gitandara c’i Horebu,
kandi azoramvurira inkoni yiwe hejuru y’amazi,
nk’uko yabigize muri Egiputa.
27 Kuri uwo musi imitwaro yabo izokurwa ku bitugu vyanyu,
ingogo zabo zikurwe ku mazosi yanyu;
ingogo izovunika
kuko muzoba mwaravyibushe cane.
28 Ehe raba Abashuri bageze muri Ayiyati;
baciye i Miguroni,
i Mikimashi bahagize ububiko bw’ibikoresho vyabo.
29 Bariko barajabuka,
bavuga bati: "Tuza gucumbika ijoro ryose i Geba."
Ab’i Rama barajugumiye,
ab’i Gibeya kwa Sawuli barahunze.
30 Semerera yewe Mukobwa w’i Galimu!
Umviriza yewe Layisha,
nawe Anatoti wigorewe!
31 Ab’i Medimena bariko barahunga,
ab’i Gebimu barinyegeje.
32 Ariko uwo musi bazogira ikambi i Nobu,
baforere ingumu umukobwa w’i Siyoni,
ku musozi wa Yerusalemu.
33 Ehe raba, Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,
azotemaguza amashami inkomezi ziwe zihambaye.
Ibiti birusha ibindi uburebure bizotemwa,
birebire na vyo bicishwe bugufi.
34 Azotemesha incabiti amashamba akomeye,
Libani hazokubitwa hasi n’Umunyenkomezi.