Publicidade

Isaías 56

Agakiza ku bandi

1 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Nimuce iziroranye,

kandi mukore ibibereye,

kuko agakiza kanje kari hafi cane,

kandi ukugororoka kwanje kukaba kugira guhishurwe vuba.

2 Hahiriwe uwukora ivyo,

uwo muntu abifashe nkama,

yubahiriza Isabato ntayihumanye,

akarinda amaboko yiwe ntakore ikibi na kimwe."

3 Umunyamahanga yifatanije n’Uhoraho, ashobora kuvuga ati:

"Uhoraho azonca mu bantu biwe."

Kandi n’inkone ishobora kuvuga iti:

"Jeho ndi igiti cumye."

4 Uku ni ko Uhoraho avuze:

"Inkone zubahiriza Isabato,

zigahitamwo gukora ibimpimbara,

zikazigama isezerano,

5 nzoziha igihome c’icibutso mu nzu yanje,

icibutso hamwe n’izina

risumba iry’abahungu n’abakobwa;

nzoziha izina rizohoraho,

rizokwamaho ibihe bidashira.

6 Abanyamahanga bifatanya n’Uhoraho

kugira ngo bamukorere,

bakunde izina ry’Uhoraho

babe abakozi biwe,

hamwe n’abo bose bubahiriza Isabato ntibayihumanye,

bakagumya isezerano ryanje,

7 nzobazana ku musozi wanje wera,

ndabahere umunezero mu nzu yanje yo gusengeramwo.

Amashikanwa y’ibiturirwa bikamota neza hamwe n’ibimazi vyabo

bizokwakirwa ku gicaniro canje;

kuko Ingoro yanje izokwitwa

inzu isengerwamwo n’amahanga yose."

8 Uhoraho Nyeninganji,

we yegeranije Abisirayeli abakuye mu kinyago, avuze ati:

"Nzokwegeranya n’abandi,

ndabashire hamwe n’abamaze kwegeranywa."

Imana yagiriza inkozi z’ibibi

9 Nimuze, yemwe nyamaswa zo mu gahinga mwese,

nimuze mutabagure namwe bikoko vyo mw’ishamba!

10 Abateramyi ba Isirayeli ni impumyi,

bose ni imburabwenge;

ni imbwa z’ibiragi,

zidashobora gukuga;

bararyama bakarota,

bakunda gusinzira!

11 Ni imbwa zitigera zihaga,

zitigera zironka ibikwiye.

Ni abungere batagira ubwenge,

bazimirira mu nzira zabo,

umwe wese akironderera inyungu ziwe.

12 Umwe wese aravuga ati: "Nimuze, hinge nzane umuvinyu!

Reka tunywe iziboreza kugeza tuborewe!

Kandi ejo bizoba bimeze nk’uno musi,

canke mbere binarushirize kuba vyiza."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-