Publicidade

Bom ânimo

Por Bíblia Online

Tende bom ânimo! Jesus repetiu estas palavras aos seus discípulos em meio às tempestades. No mundo tereis aflições, mas Ele já venceu o mundo — e nos dá coragem para enfrentar tudo.

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."

None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."

Yosuwa abwira abantu biwe ati: "Ntimuze mwigere mugira ubwoba canke ngo mucike intege. Mushikame mwambare inkomezi. Uku ni ko Uhoraho azokorera abansi bose mugiye kuzogwanya."

Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;

ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.

Nzogukomeza, nzogutabara,

nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.

Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.

Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.

Nimukomere mureme mu mitima,

yemwe mwese abizigira Uhoraho.

Igihe nahamagara, waranyishuye;

maze urandemesha mu kunyongera inkomezi.

Ni iya Dawidi.

Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje;

none notinya nde?

Uhoraho ni igihome kinkingira;

none ni nde yontera ubwoba?

Ariko Yesu arababwira ati: "Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba."

kuko bose bari bagize ubwoba bwinshi.

Aca arababwira ati: "Humura! Ni jewe. Ntimugire ubwoba."

Yesu aca aramubwira ati: "Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro."

Nuko rero twama twumva turemye, naho tuzi ko tukiri muri iyi mibiri, tuba turi kure y’aho Umwami ari.

Ku musi ugira mirongo ibiri na gatatu w’ukwezi kw’indwi arungika abantu iwabo, bataha banezerewe cane, imitima yabo inezerejwe n’ivyo Uhoraho yakoreye Dawidi na Salomo n’abantu biwe b’Abisirayeli.

"Mukomere kandi mureme. Ntimutinye canke ngo mwihebure kubera umwami w’i Ashuri n’ingabo nyinshi ziri kumwe na we; kuko hari ubushobozi bwinshi buri kumwe natwe kuruta uburi kumwe na we.

Umugani wa 25

Niwiyonjorora rukamvye,

uzoba wari ufise inkomezi nke.

Nuko rero bagenzi, nimugumye imitima, kuko ndizera ko Imana izobishitsa nk’uko yabimbwiye.

Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.

Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi.

Agakiza k’abagororotsi kava kUhoraho;

ni we gihome kibakingira mu bihe vy’amagorwa.

Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire ziva kuri Mpwemu, zibakomeze mu Mwami. Ico ngomba ni ukubonana namwe kugira ngo ndabatere intege mu kwizera, maze nanje nterwe intege n’ukwizera kwanyu.

Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.

None rero muremeshanye mwongere mukomezanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.

None rero bene Data, mu mibabaro n’ihamwa vyacu, turaremeshwa n’ukwo kwizera kwanyu.

Maze abantu bose bishura bati: "Guheba Uhoraho tugakorera izindi mana ntibikatubeko! Uhoraho Imana yacu ni we yatwikuriye muri Egiputa twe na ba sogokuru bacu, mu gihugu c’ubuja, akorera ibitangaza n’ibimenyetso mu maso yacu. Yaturinze urugendo rwose atuzigamira mu mahanga yose twaciyemwo.

Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-