1 Uwo musi nyene, Yesu arasohoka ava mu nzu, aja ku nkengera y’ikiyaga, yicaraho. 2 Maze abantu isinzi baza aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo; abantu na bo bahagarara ku musenyi. 3 Maze abigisha vyinshi mu migani, avuga ati: "Umubivyi yagiye kubiba imbuto ziwe. 4 Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura. 5 Izindi na zo zigwa ku rutare, ahantu hatagira ivu ryinshi; zica zimera ningoga, kuko ivu ryari rike. 6 Ariko izuba ryatse, za mbuto zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure. 7 Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha. 8 Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu. 9 Uwufise amatwi niyumve!"
10 Abigishwa biwe baramwegera baramubaza bati: "Ni kuki wigisha abantu ukoresheje imigani?"
11 Yesu arabishura ati: "Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe. 12 Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise. 13 Ni co gituma ndabigishiriza mu migani,
kugira ngo naho boraba ntibabone;
n’aho bokwumviriza ntibumve canke ngo batahure.
14 Ivyo bishitsa kuri bo ivyo Yesaya yavugishijwe, aho yavuga ati:
‘Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimuzokwigera mutahura;
kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.
15 Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye;
amatwi yabo ntashobora kwumva,
kandi amaso yabo barayahumiriza.
Ahandi ho bobonesheje amaso yabo,
bakumvisha amatwi yabo,
bagatahurisha imitima yabo,
maze bagahindukira nanje nkabakiza.’
16 Ariko hahiriwe amaso yanyu kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva. 17 Kuko ndababwire ukuri, abavugishwa n’Imana n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ariko ntibavyumva.
18 Nimwumvirize ico umugani w’umubivyi usigura: 19 Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akanyakura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira. 20 Imbuto zabibwe ku rutare zerekana ukuntu abantu bumva ijambo ry’Imana hanyuma bagaca baryakirana umunezero mu mitima yabo. 21 Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa kubw’iryo jambo ry’Imana, baca bata ukwizera. 22 Imbuto zaguye mu mahwa, zerekana umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama. 23 Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana akaritahura. Uwo ni we aheza akama; bamwe bakama incuro ijana, abandi incuro mirongo itandatu, abandi incuro mirongo itatu z’ivyabibwe."
24 Yesu abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe. 25 Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira. 26 Uburo bumaze gukura, no kuyangika, urwamfu na rwo rutangura kwibonekeza.
27 Abakozi ba nyene umurima baca baramubaza bati: ‘Nyakwubahwa, mbega ntiwari wabivye imbuto nziza; none uru rwamfu rwavuye hehe?’
28 Arabishura ati: ‘Umwansi ni we yakoze ivyo.’
Baramubaza bati: ‘None urashaka ko tuja kururandura?’
29 Arabishura ati: ‘Oya, kuko mu kurandura urwamfu mwohava murandurana n’uburo. 30 Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ "
31 Abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe. 32 Naho ari gatoya kurusha izindi mbuto zose, iyo kameze karakura, kakaruta ibindi biterwa vyose vyo mw’itongo, maze kagahinduka igiti kinini, ku buryo n’inyoni zo mu kirere ziza zikarika mu mashami yaco."
33 Yongera abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ingero zitatu , uwo mwambiro muke utuma igikandu cose c’umukate gikakama."
34 Ivyo vyose Yesu yabibwira abantu mu migani; nta kintu na kimwe yababwira adakoresheje imigani. 35 Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana yavuze vyashitse, ngo:
"Nzokwugurura akanwa kanje mu migani,
mvuge ivyagizwe amabanga kuva isi ikiremwa."
36 Hanyuma Yesu asiga abantu ngaho, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: "Dusigurire umugani w’urwamfu mu murima."
37 Arabishura ati: "Uwabivye imbuto nziza ni Umwana w’Umuntu. 38 Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi. 39 Umwansi yabivye urwamfu ni Satani. Iyimbura ni umuhero w’isi; abimbuzi ni abamarayika.
40 Nk’uko begeranya urwamfu kugira ngo baruturire, ni ko bizomera ku muhero w’isi. 41 Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe; 42 babaterere mw’itanure ryaka umuriro; ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro. 43 Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi niyumve.
44 Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’ubutunzi buhishijwe mw’itongo. Umuntu umwe yabuserutseko, aca yongera arabuhisha. Hanyuma kubera umunezero mwinshi, aragenda ashora ivyo yari afise vyose, agura iryo tongo.
45 Kandi Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umudandaza yagiye kurondera amabuye y’agaciro. 46 Abonye irirusha agaciro ayandi, aca aragenda ashora ivyo yari afise vyose, ararigura.
47 Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose. 48 Rumaze kwuzura, abarovyi barukwegera i musozi, baricara batoranya ifi nziza bazishira mu masandugu, ifi mbi na zo barazita. 49 Uko ni ko bizogenda ku muhero w’isi. Abamarayika bazosobanura abanyakibi mu bagororotsi, 50 babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro."
51 Yesu abaza abigishwa biwe ati: "Mbega ivyo murabitahura?"
Na bo bati: "Egome."
52 Na we arababwira ati: "Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa w’Ubwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha bibitsweyo hamwe n’ivya kera."
53 Yesu ahejeje kwigishiriza muri iyo migani, aca ava ngaho. 54 Ashitse mu gisagara yakuriyemwo, atangura kwigishiriza abantu mw’isinagogi yabo. Abamwumvirije bose baratangara, barabazanya bati: "Mbega ubwo bwenge n’ubwo bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he? 55 Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda? 56 Bashikiwe bose ntitubana? None ivyo vyose yabikuye hehe?" 57 Maze ivyiwe birabatsitaza, bituma batamwizera.
Yesu arababwira ati: "Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe."
58 Aho hantu Yesu ahakorera ibitangaza bike kuko abantu baho ata kwizera bari bafise.