1 Yesu ariko arasohoka ava mu rusengero, abigishwa biwe baramwegera, bamwereka ingene urusengero rwubatse. 2 Na we arabishura ati: "Murabona ibi vyose? Ndababwira ukuri ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi, yose azosamburirwa hasi."
3 Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: "Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?"
4 Yesu arababwira ati: "Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abazimiza 5 kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi bazozimiza benshi. 6 Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika. 7 Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazotera ikigoyi n’ukunyiganyiga kw’isi. 8 Ivyo vyose bizoba ari nk’intango y’ibise.
9 Hanyuma bazobafata babahame, ndetse banabice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje. 10 Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane. 11 Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi. 12 Kuko ikibi kizogwira, urukundo rwa benshi na rwo ruzotimba. 13 Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokizwa. 14 Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.
15 Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ cavugwa n’uwavugishwa n’Imana Daniyeli gihagaritswe Ahera; uwusoma natahure, 16 abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi. 17 Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntaze asubire mu nzu kurondera ivyo ahungana. 18 Uwuzoba ari mu murima ntaze asubire i muhira gutora impuzu. 19 Ese ukuntu iyo misi izoba ari iy’umubabaro utagira uko ungana ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa! 20 Musenge kugira ngo uguhunga kwanyu ntikuze kube mu gihe c’imbeho nyinshi cane canke ku musi w’Isabato. 21 Kuko muri iyo misi hazobaho umubabaro mwinshi utigeze kubaho kuva isi iremwa kugeza ubu, kandi ntuzosubira kubaho.
22 Kandi iyo misi iyo itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa. 23 Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: ‘Ehe Kristo ari hano!’ canke ngo: ‘Ehe ng’uriya!’ ntimuze muvyemere. 24 Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe. 25 Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.
26 Nihagira uwubabwira ati: ‘Erega, Kristo ari mu bugaragwa,’ ntimuze muje kumuronderayo. Canke ati: ‘Raba ari hano mu vyumba,’ ntimuze muvyemere. 27 Kuko nk’uko umuravyo urabiriza mu buseruko ukabonekera no mu burengero, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza. 28 Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibisiga vy’amero bizokoranira.
29 Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi,
‘izuba rizocura umwijima,
n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,
inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru,
n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
30 Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana ukugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro. 31 Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba zisamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.
32 Nimwigire ku giti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye gutoha, amababi na yo agatutuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi. 33 Nuko namwe, nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo. 34 Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika. 35 Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
36 Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene. 37 Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu. 38 Kuko imbere y’uko umwuzure uza, bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika ku musi Nowa yinjiriye mu bwato. 39 Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira. 40 Abagabo babiri bazoba bari mu murima, umwe azojanwa uwundi asigare. 41 Abagore babiri bazoba bariko barasya ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi asigare.
42 Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako. 43 Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizirako, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe. 44 Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.
45 Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye. 46 Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka. 47 Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose. 48 Ariko vyogenda gute hamwe yoba ari umukozi mubi, maze akibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ 49 hanyuma agatangura gukubita abakozi bagenziwe, kurya no kuborerwa hamwe n’izindi mborerwa? 50 Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi. 51 Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo ku bw’umubabaro mwinshi."