Publicidade

Mateus 9

Yesu akiza umuntu amugaye

1 Maze Yesu atambukira mu bwato, arajabuka aja hakurya y’ikiyaga mu gisagara c’iwabo. 2 Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye bamureruye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo amugaye ati: "Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe."

3 Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe baravugana bati: "Uwo mugabo atutse Imana!"

4 Yesu amenye ivyo vyiyumviro vyabo, aca ababwira ati: "Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu? 5 Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’? 6 Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha." Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: "Haguruka, ikorere inderuzo yawe, witahire." 7 Uwo muntu aca arahaguruka arataha. 8 Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.

Yesu ahamagara Matayo

9 Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho atoreza ikori, amubwira ati: "Nkurikira." Matayo aca ava hasi, aramukurikira.

10 Maze Yesu acicaye mu nzu kwa Matayo ngo bamuzimane, haza abatozakori n’abanyavyaha benshi basangira na Yesu n’abigishwa biwe. 11 Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: "Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?"

12 Yesu avyumvise aca avuga ati: "Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye. 13 Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha."

Babaza Yesu ivyerekeye kwisonzesha

14 Abigishwa ba Yohana Umubatizi baraza baramubaza bati: "Ni kuki twe n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?"

15 Yesu arabishura ati: "Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.

16 Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose. 17 Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urusato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha, ni ho vyompi biramba."

Yesu azura umwana, akiza n’umugore agwaye

18 Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: "Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira kuba muzima." 19 Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.

20 Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. 21 Kuko yari yiyumviriye ati: "Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira."

22 Yesu arahindukira, amubonye amubwira ati: "Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije." Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.

23 Yesu ashitse mu nzu kwa wa mukuru w’isinagogi, abona abantu bavuza imyironge yo gucura intimba n’abandi benshi bakoma induru. 24 Arababwira, ati: "Nimusohoke. Umwana ntiyapfuye, arasinziriye." Ariko, abo bantu baramutwenga. 25 Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka. 26 Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.

Yesu akiza impumyi zibiri n’ikiragi

27 Yesu avuye aho, abantu babiri bahumye baramukurikira basemerera, bati: "Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!"

28 Ashitse mu nzu, izo mpumyi ziramwegera; hanyuma arababaza ati: "Murizeye ko nobahumura?"

Bati: "Egome Mwami, turavyizeye."

29 Nuko abakora ku maso avuga ati: "Bibabere nk’uko mwizeye." 30 Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: "Mwirinde, ntihagire umuntu n’umwe abimenya." 31 Ariko bo, basohotse baca bakwiragiza inkuru z’ivyo yabakoreye muri iyo ntara yose.

32 Abo bamaze gusohoka, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi. 33 Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: "Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli."

34 Ariko Abafarisayo bo bavuga bati: "Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni."

Yesu aterwa ikigongwe n’abantu

35 Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ingwara zose n’ubumuga bwose. 36 Abonye abantu, bamutera ikigongwe; kuko bari bagowe, batagira uwubatabara, mbere bari bameze nk’intama zitagira umwungere. 37 Aca abwira abigishwa biwe ati: "Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake. 38 Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-