1 Umusi w’Isabato urangiye, mu mutwenzi wo ku musi wa mbere utangura iyinga, Mariya Magadalena na Mariya wundi baja kuraba imva ya Yesu.
2 Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yari yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako. 3 Mu maso hiwe hasa n’umuravyo, kandi impuzu ziwe zarera derere. 4 Ba bararirizi b’imva ya Yesu bagira ubwoba bwinshi ku buryo bamera nk’abapfuye.
5 Umumarayika abwira abo bagore ati: "Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe. 6 Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye. 7 Nuko rero, nimugende mwihuta mubwire abigishwa biwe ko yazutse kandi ko agiye kubarindirira i Galilaya; ni ho muzomubonera. Ubwo ni bwo butumwa nari ndabafitiye."
8 Abo bagore baca bava ku mva, bagenda bihuta, bafise ubwoba ariko kandi n’akanyamuneza kenshi. Nuko bariruka baja kubwira abigishwa biwe iyo nkuru. 9 Ubwo nyene, Yesu aca ahura na bo arabaramutsa. Na bo baramwegera bamufata ku birenge baramusenga. 10 Yesu aca ababwira ati: "Ntimutinye; nimugende mubwire bene Data baje i Galilaya, aho ni ho tuzobonanira."
11 Ba bagore bakiri mu nzira bagenda, bamwe mu barinzi b’imva binjira mu gisagara, babwira abaherezi bakurubakuru ingene ibintu vyagenze. 12 Abo baherezi bakurubakuru baca bagirana inama n’abakuru b’Abayuda, baha amahera menshi ba barinzi b’imva, 13 bababwira bati: "Muze muvuge muti: ‘Abigishwa biwe baraje mw’ijoro dusinziriye, biba ikiziga ciwe.’ 14 Pilato niyavyumva, tuzomwumvisha nta ngorane muzogira." 15 Abo barinzi bakira ayo mahera hanyuma bakora nk’uko babwiwe. Inkuru yabo ikwira hose mu Bayuda, kugeza n’uno musi.
16 Nuko ba bigishwa cumi n’umwe baja i Galilaya, ku musozi Yesu yari yarabarangiye. 17 Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo bari bagifise ugukekeranya. 18 Maze Yesu arabegera, ababwira ati: "Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi. 19 Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera, 20 mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi."