1 Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yari afise umurima w’uruzabibu, hanyuma azinduka kare aja kurondera abakozi bamukorera muri uwo murima. 2 Maze bumvikana ko aja kubahemba idenariyo imwe kuri uwo musi, hanyuma arabarungika mu ruzabibu rwiwe.
3 Nk’isaha zitatu zo mu gitondo, arongera aragenda abona abandi bahagaze mu mayirabiri ata co bariko barakora. 4 Arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje, ndabaha impembo mukwiranye.’ 5 Maze baja mu murima wiwe.
Nyene umurima yongera aragenda nk’isaha zitandatu n’isaha icenda, akora kwa kundi nyene. 6 Nk’isaha icumi n’imwe z’umugoroba, aragenda abona abandi bahagaze ata co bariko barakora. Ababaza ati: ‘Ni kuki umusi wose uheze muhagaze ngaho ata co muriko murakora?’
7 Baramwishura bati: ‘Ni kubera twabuze uwuduha ico dukora.’
Na we arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje.’
8 Bugorovye, nyene umurima abwira uwujejwe ubutunzi bwiwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahembe, uhereye ku baje ubwa nyuma, uhereze ku baje ubwa mbere.’
9 Abakoze kuva isaha icumi n’imwe z’umugoroba, bahembwa idenariyo imwe. 10 Maze abahawe igikorwa ubwa mbere baza guhembwa bazi ko baronka menshi kurusha. Ariko na bo nyene bahembwa idenariyo imwe. 11 Abo bamaze guhembwa baca bidodombera nyene umurima, 12 bavuga bati: ‘Abakoze isaha imwe ubahemba co kimwe natwe twiriwe turakora ku ruzuba ruri aho!’
13 Ariko nyene umurima abwira umwe muri bo ati: ‘Mugenzi, nakurenganije? Mbega ntiwari wemeye gukorera idenariyo imwe? 14 Akira rero ingero yawe utahe. Nahisemwo kugerera urya nahaye akazi ubwa nyuma ingero ingana n’iyawe. 15 Mbega simfise uburenganzira bwo gukoresha amahera yanje ico ngomba? Canke ubabajwe n’uko nagize umutima mwiza ku bandi?’
16 Abari inyuma bazoba ab’imbere, kandi abari imbere bazoba ab’inyuma."
17 Yesu ariko araduga aja i Yerusalemu, afata bamwe cumi na babiri arabihereranya, ababwira ati: 18 "Ehe, turaduze i Yerusalemu, kandi Umwana w’Umuntu azotangwa ku baherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa, 19 hanyuma bamushikirize abanyamahanga kugira ngo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!"
20 Hanyuma nyina wa Yakobo na Yohana bene Zebedayo, aza aho Yesu ari azananye n’abo bahungu biwe babiri, apfukama imbere yiwe amwubashe cane, amusaba.
21 Yesu aramubaza ati: "Wipfuza iki?"
Na we aramwishura ati: "Ndagusavye, wemeze ko mu Bwami bwawe, aba bahungu banje bazokwicarana nawe, umwe i buryo bwawe, uwundi i bubamfu bwawe."
22 Yesu arabishura ati: "Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ngiye kunywako?"
Baramwishura bati: "Egome twobishobora."
23 Yesu arababwira ati: "Ni ivy’ukuri ko muzonywa ku gikombe canje. Ariko, ku vyerekeye kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’abo Data yabiteguriye."
24 Bamwe cumi bandi bavyumvise, bashavurira abo bahungu babiri bavukana. 25 Yesu aca arabahamagara bose, ababwira ati: "Murazi ko abatware b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ko ababaganza babacinyiza. 26 Ariko muri mwebwe si ko bikwiye kumera. Ahubwo, uwushaka kuba umukuru muri mwebwe, ategerezwa kuba umukozi wanyu, 27 kandi uwushaka kuba uwa mbere akwiye kuba umugurano wanyu; 28 kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi."
29 Yesu n’abigishwa biwe bariko barava mu gisagara c’i Yeriko, abantu isinzi baramukurikira. 30 Hafi y’inzira, hari abantu babiri bahumye bicayeho. Bumvise ko Yesu azananye iyo nzira, batangura gusemerera n’ijwi rirenga bati: "Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!"
31 Abantu bari aho barabazibiza ngo bahore, ariko bo barushiriza gusemerera bati: "Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!"
32 Yesu aca arahagarara, arabahamagara, ababaza ati: "Mushaka ko ndabakorera iki?"
33 Baramwishura bati: "Mwami, twipfuza kubona."
34 Yesu abagirira impuhwe, aca abakora ku maso; ubwo nyene baca barahumuka baramukurikira.