Publicidade

Mateus 2

Abanyabwenge mu vy’inyenyeri

1 Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara yitwa Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu. 2 Barabaza bati: "Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga."

3 Umwami Herode yumvise iyo nkuru abura amahoro, eka n’ab’i Yerusalemu bose. 4 Aca akoranya abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe, ababaza ati: "Vyanditswe ko Kristo azovukira hehe?" 5 Baramwishura bati: "Ni i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, kuko ari ko vyanditswe n’uwavugishwa n’Imana ngo:

6 ‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yudaya,

nturi mutoya mu bisagara vya Yudaya,

kuko muri wewe hazokomoka umurongozi

azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’"

7 Hanyuma Herode ahamagaza mu mpisho ba banyabwenge agerageza kubabaza neza igihe iyo nyenyeri yabonekeye. 8 Nuko abarungika i Betelehemu, ababwira ati: "Genda mubaze neza ivyerekeye uwo mwana. Mumaze kumubona, muce mugaruka mumbwire kugira ngo nanje nje kumushengerera."

9 Bamaze kwumva ivyo umwami ababariye, baca babandanya urugendo. Ya nyenyeri babona mu buseruko ica ibaja imbere kugeza ihagaze hejuru y’aho uwo mwana yari ari. 10 Babonye ya nyenyeri ihagaze bagira umunezero mwinshi. 11 Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza. 12 Hanyuma, Imana imaze kubamenyesha mu nzozi ngo ntibasubire kwa Herode, baca bisubirira iwabo bajanye iyindi nzira.

Yesu ahungira muri Egiputa

13 Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na Yosefu mu nzozi, amubwira ati: "Fata umwana na nyina ubahungishirize muri Egiputa; uzogumeyo kugeza aho nzokubwirira kugaruka, kuko Herode ariko arondera umwana ngo amwice."

14 Yosefu avyuka hakiri mw’ijoro, afata umwana na nyina, abahungishiriza muri Egiputa, 15 agumayo kugeza Herode apfuye. Uko ni ko Umwami Imana yashikije ivyo yari yaravuze aciye ku wavugishwa na we ngo: "Nahamagaye umwana wanje ngo ave muri Egiputa."

16 Herode abonye ko ba banyabwenge mu vy’inyenyeri bamuhenze, arashavura cane, aca arungika abasoda kwica abana bose b’i Betelehemu no mu micungararo yaho bafise imyaka ibiri n’abatarayikwiza, akurikije igihe yabonaniye na ba banyabwenge. 17 Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yavuze vyashitse ati:

18 "I Rama humvikanye induru,

amarira n’amaborogo menshi:

Rasheli aririra abana biwe

kandi yanse guhozwa

kuko batakiriho."

Yesu asubira i Nazareti

19 Herode amaze gupfa, umumarayika w’Umwami Imana abonekera Yosefu mu ndoto ari muri Egiputa, 20 amubwira ati: "Haguruka ujane umwana na nyina usubire mu gihugu ca Isirayeli, kuko abahora barondera kwica uwo mwana bamaze gupfa."

21 Nuko Yosefu arahaguruka, afata umwana na nyina basubira mu gihugu ca Isirayeli. 22 Ariko amaze kwumva ko Arukelayo ari we atwara intara y’i Yudaya mu gishingo ca se Herode, aca aratinya kujayo, mu nyuma amaze kumenyeshwa n’Imana mu ndoto, aja mu ntara y’i Galilaya, 23 baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: "Azokwitwa Umunyanazareti."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-