Publicidade

Mateus 8

Yesu akiza umuntu agwaye imibembe

1 Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye. 2 Maze haza umuntu agwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: "Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka."

3 Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: "Ndabishatse, kira uhumanuke!" Ubwo nyene aca arakira ya mibembe. 4 Maze Yesu yongera amubwira ati: "Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse."

Ukwizera kw’umusoda mukuru w’Umuroma

5 Yesu ashitse i Kaperinawumu, intwazangabo mu basoda b’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe. 6 Amubwira ati: "Mwami, umukozi wanje aryamye i muhira, ntiyikoma kandi arababaye cane."

7 Yesu aramwishura ati: "Ndaje kumukiza."

8 Ariko, uwo musoda nawe aca amwishura ati: "Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira. 9 Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: ‘Kora iki,’ aca agikora."

10 Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: "Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku. 11 Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, na Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru; 12 mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze mu mwijima, aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo."

13 Hanyuma Yesu aca abwira wa musoda mukuru ati: "Genda bikubere uko nyene uvyizeye." Ako kanya nyene wa mukozi wiwe aca arakira.

Yesu akiza abandi bantu benshi

14 Yesu aca aja i muhira kwa Petero, asanga inabukwe wa Petero ari ku buriri, agwaye kandi ashushe cane. 15 Amukora ku kuboko, ako kanya nyene bwa bushuhe buca burahera, aca ava hasi aramuzimana.

16 Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abagwaye bose. 17 Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati:

"Yikoreye ubumuga bwacu,

yishirako ingwara zacu zose."

Ikiguzi co gukurikira Yesu

18 Yesu abonye isinzi ry’abantu baje kumushengerera, aca abwira abigishwa biwe ngo bajabuke, baje hakurya y’ikiyaga. 19 Umwe mu bigisha b’ivyagezwe aca aramwegera, amubwira ati: "Mwigisha, nditeguye kugukurikira aho uja hose."

20 Yesu aramwishura ati: "Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya."

21 Uwundi mu bigishwa amubwira ati: "Mwami, ndeka mbanze ngende mpambe data."

22 Yesu aramwishura ati: "Nkurikira, reka abapfuye mu mpwemu bahambe abapfuye babo."

Yesu ategeka igihuhusi kikamwumvira

23 Ivyo biheze, Yesu aca aja mu bwato, kandi abigishwa biwe bajana na we. 24 Ubwo nyene haza umuyaga w’igihuhusi mu kiyaga, ku buryo imipfunda yaza irisuka mu bwato; ariko Yesu yari asinziriye. 25 Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: "Mwami dukize, turapfuye!"

26 Yesu arabishura ati: "Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?" Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haba agahwekere.

27 Maze bose baratangara, barabazanya bati: "Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?"

Yesu akiza abantu babiri barimwo abadayimoni

28 Yesu ashitse hakurya y’ikiyaga, mu ntara ya Gadarene, abantu babiri baboshwe n’abadayimoni baza guhura na we, bavuye mw’itongo ry’abapfuye. Bari bateye ubwoba ku buryo ata muntu n’umwe yashobora guca muri iyo nzira. 29 Abo badayimoni bamubonye, baca barasemerera bati: "Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kudukubagura kandi igihe cacu kitaragera?"

30 Hafi y’aho hari umukuku munini w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. 31 Abo badayimoni binginga Yesu bati: "Ugomvye kutwirukana, twemerere tuje muri ziriya ngurube."

32 Yesu arababwira ati: "Nimugende!" Baca bava muri abo bantu, bitera muri za ngurube. Ubwo nyene wa mukuku wose w’ingurube uca wiruka umanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi. 33 Abari baragiye izo ngurube na bo baca bariruka barahunga; baja mu gisagara kuvuga ibibaye, n’ivyashikiye ba bantu babiri bahora baboshwe n’abadayimoni. 34 Hanyuma abantu bose bo muri ico gisagara, baja gutegera Yesu, bamubonye baramwinginga ngo abavire mu ntara.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-