1 Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani. 2 Amaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine ata co arya kandi ata co anywa, yumva arashonje. 3 Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: "Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate."
4 Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’"
5 Hanyuma wa mubi amujana i Yerusalemu, igisagara cera, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse, 6 amubwira ati: "Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo:
‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame.
Bazokurerura mu maboko yabo
kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’"
7 Yesu na we aramwishura ati: "Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’"
8 Hanyuma Satani yongera kumujana ku musozi muremure cane amwereka ubwami bwose bwo mw’isi n’ubwiza bwabwo. 9 Aramubwira ati: "Ivyo vyose ndabiguha niwapfukama ukansenga."
10 Yesu aramwishura ati: "Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’"
11 Kuva ako kanya Satani aca aramureka, maze abamarayika baraza baramukorera.
12 Yesu yumvise ko Yohana yashizwe mw’ibohero, aca aja i Galilaya. 13 Hanyuma ava i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali, 14 kugira ngo ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya bishike. Yavuze ati:
15 "Mu ntara ya Zabuloni n’intara ya Nafutali,
mu bice vyegereye ikiyaga, hakurya ya Yorodani,
i Galilaya haba Abanyamahanga benshi;
16 abantu bahora bicaye mu mwijima,
babonye umuco mwinshi,
kandi ababa mu gihugu c’igitutu c’urupfu,
umuco warabarasiye."
17 Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
18 Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu kiyaga kuko bari abarovyi. 19 Yesu arababwira ati: "Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu." 20 Ubwo nyene, baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
21 Abandanije, abona abavukana babiri, Yakobo na Yohana bene Zebedayo bari kumwe na se mu bwato, bariko barasana insenga zabo. Maze Yesu arabahamagara, 22 baca basiga ubwato na se baramukurikira.
23 Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose. 24 Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abagwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza. 25 Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi, i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.