1 Yesu n’abigishwa biwe begereje i Yerusalemu, bashika ahitwa Betifage ku Musozi wa Elayono. Yesu aca atuma babiri mu bigishwa ngo babitangire imbere, 2 arababwira ati: "Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo, murahasanga indogoba n’inyana yayo ziziritse. Muce muzizitura muzinzanire. 3 Nihagira uwugira ico ababaza, mumwishure muti: Umwami arazikeneye, aca abareka muzizane."
4 Ivyo vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana rishike; ryavuga ngo:
5 "Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti:
Raba Umwami wawe arakugendeye,
aciye bugufi, agendera ku ndogoba,
mbere aje ku nyana yayo."
6 Abo bigishwa baragenda, babikora nk’uko Yesu yabibabariye. 7 Bazana ya ndogoba n’inyana yayo, bazisasako impuzu zabo, hanyuma Yesu yicara kuri ya nyana. 8 Abantu benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti, bayasasa mu nzira. 9 Maze abantu bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati:
"Hozana Mwana wa Dawidi!"
"Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!"
"Hozana hejuru mw’ijuru!"
10 Yesu yinjiye i Yerusalemu, mu gisagara cose haba uruhagarara. Abantu baja barabazanya bati: "Uwo ni nde?"
11 Abandi bakishura bati: "Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya."
12 Maze Yesu yinjira mu rusengero, yirukana abadandaza n’abariko barabagurira bose. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma. 13 Arababwira ati: "Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’ ariko mweho mwayihinduye ubwihisho bw’ibisuma!"
14 Maze impumyi n’abacumbagira baraza baramwegera mu rusengero, arabakiza. 15 Ariko, abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: "Hozana mwana wa Dawidi!" Baca barashavura cane.
16 Babaza Yesu bati: "Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?"
Na we abishura ati: "Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo:
‘Mu kanwa k’abana bato n’inzoya,
wahironkeye amashimwe’?"
17 Maze aca abasiga ngaho, ava mu gisagara aja kurara i Betaniya.
18 Kare mu gitondo, Yesu ariko arasubira i Yerusalemu, yumva arashonje. 19 Nuko abona umusukoni uri hafi y’inzira, arawegera ariko asanga ata kintu na kimwe wamye, kiretse amababi gusa. Hanyuma aca arawubwira ati: "Ntugasubire kwama na rimwe." Ubwo nyene uwo musukoni uca uruma.
20 Abigishwa biwe babibonye, baratangara cane. Baca babaza Yesu bati: "Ko uwo musukoni wumye ningoga?"
21 Yesu arabishura ati: "Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda. 22 Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa."
23 Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abaherezi bakurubakuru n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: "Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?"
24 Yesu arabishura ati: "Reka nanje ndababaze ikibazo kimwe; nimwanyishura, nca ndababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva. 25 Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Mw’ijuru ku Mana canke ku bantu?"
Baravugana hagati yabo bati: "Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’ 26 Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana."
27 Nuko bishura Yesu bati: "Ntituzi aho wavuye."
Na we aca ababwira ati: "Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.
28 Mbega ibi muvyibazako iki? Habaye umuntu yari afise abahungu babiri, hanyuma abwira umwe ati: ‘Mwana wanje, uno musi genda ukore mu murima w’uruzabibu.’
29 Aramwishura ati: ‘Oya, singenda,’ mugabo mu nyuma arisubirako, aragenda.
30 Hanyuma, se aragenda abwira umuhungu wiwe wa kabiri nk’uko yabwiye uwa mbere. Na we aramwishura ati: ‘Egome, muvyeyi, ndagiye,’ ariko ntiyajayo.
31 Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?"
Baramwishura bati: "Uwa mbere."
Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana. 32 Kuko Yohana yaraje abereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.
33 Umviriza uwundi mugani. Habaye umuntu yari afise itongo hanyuma aririmamwo imizabibu. Ararizitirira, yimba ahantu ho kuganira imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure. 34 Hageze igihe co kwimbura, arungika abakozi biwe ngo baje gutora igice c’umwimbu kimwegukira.
35 Abo barimyi bafata abo bakozi, uwa mbere baramukubita, uwa kabiri baramwica, uwa gatatu bamutera amabuye. 36 Hanyuma arungika abandi bakozi barusha aba mbere ubwinshi, na bo nyene abo barimyi babagira nk’uko bagize aba mbere. 37 Ubwa nyuma, arungika umuhungu wiwe, yibwira ati: Umuhungu wanje we bazomusonera.
38 Ariko ba barimyi babonye uwo muhungu, baca baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’ 39 Nuko baca baramufata, bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu, bamwicirayo.
40 None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza, azokorera iki abo barimyi?"
41 Baramwishura bati: "Azobica rubi hanyuma iryo tongo arizeze abandi barimyi bazohora bamuha umwimbu umwegukira uko iyimbura rigeze."
42 Yesu aca ababwira ati: "Nta ho murasoma mu Vyanditswe ahavuga ngo:
‘Ibuye abubatsi bagaye
ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;
ibi Uhoraho ni we yabikoze,
kandi ni igitangaza mu maso yacu’?
43 Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo. 44 Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, kandi uwo rizogwako, rizomusya."
45 Abaherezi bakurubakuru n’Abafarisayo bumvise iyo migani ya Yesu, bamenya ko ari bo yariko aravuga. 46 Baca barondera ingene bomufata, ariko batinya abantu kuko kuri bo Yesu yari uwuvugishwa n’Imana.