Publicidade

Mateus 11

Gukekeranya kwa Yohana

1 Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.

2 Yohana ari mw’ibohero, yumva ibikorwa Kristo akora, hanyuma amutumako abigishwa biwe kumubaza bati: 3 "Mbega woba uri umwe yategerezwa kuza, canke twitege uwundi?"

4 Yesu abishura ati: "Subira inyuma, mugende mubwire Yohana ivyo mwumvise n’ivyo mubonye: 5 abahumye barahumuka, abamugaye baragenda, abanyamibembe barahumanuka, abatumva barumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza. 6 Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje!"

7 Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: "Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga? 8 Nimba atari uko, mwari mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini baba mu ngoro z’abami. 9 None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Ego cane, mbere ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana. 10 Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo:

‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe

igutegurire inzira.’

11 Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wigeze kubaho ahambaye kuruta Yohana Umubatizi. Ariko, umuntu muto musi y’abandi mu Bwami bw’ijuru arahambaye kumuruta. 12 Uhereye igihe Yohana Umubatizi yatangura kwigisha kugeza n’ubu, Ubwami bw’ijuru bagenda babugwanira kandi abahizi ni bo babwinjiramwo. 13 Kuko ivyanditswe n’abavugishwa bose n’Ivyagezwe vyavuga ivyabwo gushika mu gihe ca Yohana. 14 Kandi nimba mushaka kwemera ivyo ndiko ndavuga, ni we Eliya abavugishwa bari baravuze ko azoza. 15 Uwufise amatwi niyumve.

16 Mbega abantu ba kino gihe nobagereranya n’iki? Bameze nk’abana bicaye mu mayirabiri hanyuma bagahamagara abandi bana, bati:

17 ‘Twabavugirije umwironge,

ariko ntimwatamba;

hanyuma tubaririmbira iz’ikigandaro

ntimwarira.’

18 Kuko Yohana yaje atarya kandi atanywa, baca bavuga ngo: ‘Arimwo dayimoni.’ 19 Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga ngo: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana aho ubwenge buri ni ibikorwa biva kuri bwo."

Ibara rizoba ku bisagara vyanse kwihana

20 Maze Yesu aca atangura kuburira ibisagara yakoreyemwo ibitangaza vyinshi kuko abantu baho banse kwihana, avuga ati: 21 "Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abantu baho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota. 22 Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe. 23 Nawe Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa ugashika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba hakiriho kugeza n’uwu musi. 24 Ni co gituma ndakubwiye ko ku musi w’imanza i Sodomu hazogira agahengekerezo kurusha wewe."

Data yihishuye muri Mwana

25 Uwo mwanya Yesu aravuga ati: "Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abanyabwenge n’abize, ukabihishurira abameze nk’abana bato. 26 Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.

27 Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.

28 Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura. 29 Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. 30 Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-