Publicidade

Mateus 5

Yesu yigishiriza hejuru ku musozi

1 Yesu abonye abantu baje ari benshi, aca aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera, 2 aca atangura kubigisha.

Abahirwe abo ari bo

Arababwira ati:

3 "Hahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu,

kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.

4 Hahiriwe abarira,

kuko ari bo bazohozwa.

5 Hahiriwe abaciye bugufi,

kuko bazoragwa isi.

6 Hahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka,

kuko bazohazwa.

7 Hahiriwe abagira imbabazi,

kuko na bo bazozigirirwa.

8 Hahiriwe abafise imitima itanduye,

kuko bazobona Imana.

9 Hahiriwe abaharanira amahoro,

kuko bazokwitwa abana b’Imana.

10 Hahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka,

kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.

11 Namwe muzoba muhiriwe abantu nibabatuka, bakabahama, bakabavugako bababeshera ibibi vyinshi babampora. 12 Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.

Abizera ni umunyu n’umuco

13 Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawuhonyanga.

14 Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa. 15 Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose. 16 Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.

Yesu avuga ibijanye n’Ivyagezwe

17 Ntimwibaze ko nazanywe no gukuraho Ivyagezwe canke ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana. Oya sinazanywe no kubikuraho, ahubwo nazanywe no kubishitsa. 18 Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu Vyagezwe kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo. 19 Ni co gituma umuntu wese atazokurikiza ayo mabwirizwa naho ryoba ritoya ryo muri yo kandi akigisha abandi kutayakurikiza azoba uwa nyuma mu Bwami bw’ijuru. Ariko uwo wese azoyakurikiza akigisha n’abandi kuyakurikiza azoba mukuru mu Bwami bw’ijuru. 20 Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’ivyagezwe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.

21 Mwarumvise ko ba sogokuruza bari barigishijwe ngo: ‘Ntukice, uwica wese azotsindwa n’urubanza’ ; 22 ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.

23 Mu gihe rero uriko urashikanira Imana ikimazi ku gicaniro, ukibuka ko hariho ikintu upfa na mugenzawe, 24 siga ikimazi cawe ngaho imbere y’igicaniro, ubanze ugende wiyuzuze na mugenzawe hanyuma ugaruke utange ico kimazi.

25 Nihagira umuntu aja kukwitwarira mu rubanza, wihutire kwiyuzuza na we mukiri mu nzira, kugira ngo ntagushikirize umucamanza hanyuma na we akagutanga ku mukuru w’ibohero, uwo na we akaguta mw’ibohero. 26 Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye.

Wopfuma utakaza igihimba kimwe c’umubiri hako ubura ijuru

27 Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntugasambane.’ 28 Ariko jeho ndababwira nti umuntu wese araba umugore akipfuza gusambana na we aba yamaze gukora ico caha mu mutima. 29 Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu. 30 Ukuboko kwawe kw’i buryo nikwatuma ucumura, uguce ugute kure yawe, kuko vyokubera vyiza, kubura igihimba kimwe c’umubiri hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.

Kwahukana ntikwemewe

31 Vyaravuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Umuntu niyirukana umugore wiwe, ategerezwa kumuha urwandiko rwemeza ko bahukanye.’ 32 Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amutumye gusambana kandi uwurongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.

Ntukarahire

33 Kandi, mwarumvise ko ba sogokuruza babwiwe ngo: ‘Ntukivuguruze ku vyo warahiye, ariko ushitse ivyo wemereye Uhoraho.’ 34 Ariko jeho ndababwiye nti, ntimukarahire na rimwe: ntimukarahire ijuru kuko ari yo ntebe y’Imana; kandi 35 ntimukarahire isi kuko ari yo ntebe y’ibirenge vyayo; ntimukarahire Yerusalemu kuko ari co gisagara c’Imana, Umwami asumba bose. 36 Kandi ntukarahire umutwe wawe kuko udashobora gutuma n’agashatsi na kamwe kawo kera canke kirabura. 37 Muvuge ngo ‘ego’ iyo ari ego canke ‘oya’ iyo ari oya, ibindi vyose wongerako biba bivuye kuri wa mubi.

Ntukihore abakugirira nabi

38 Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi.’ 39 Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu. 40 Kandi umuntu niyagomba kukuburanya kugira ngo akunyage ishati yawe, umuhebere n’ikoti na yo. 41 Umuntu niyagutegeka kugenda ikilometero n’amaguru umutwaje ibintu, ugende ibilometero bibiri. 42 Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, kandi uwugomba ko umugurana ntumwirengagize.

Gukunda abansi

43 Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ukunde mugenzawe ariko wanke umwansi wawe.’ 44 Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi, 45 kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse. 46 Nimwakunda ababakunda gusa, n’igiki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza? 47 Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo? 48 Nuko rero nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-