1 Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. 2 Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.
3 Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? 4 Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? 5 Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.
6 Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.
7 Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa. 8 Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
9 Ni nde muri mwebwe yoha umwana wiwe ibuye yamusavye umukate, 10 canke akamuha inzoka yamusavye ifi? 11 Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, none So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye! 12 Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe, kuko ivyo ari vyo Ivyagezwe n’ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyigisha.
13 Muce mw’irembo ryaga. Kuko irembo ryagutse n’inzira yagutse bijana mu mahonero, kandi abantu benshi ni ho baca. 14 Ariko irembo ryaga n’inzira ntoya ni vyo bijana mu bugingo, kandi ababihitamwo ni bake.
15 Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi. 16 Muzobamenyera ku vyo bama, ari vyo bikorwa vyabo. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, canke insukoni ku mitobotobo. 17 Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, kandi igiti kibi cama ivyamwa bibi. 18 Nta giti ciza cokwama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cokwama ivyamwa vyiza. 19 Igiti cose cama ivyamwa bibi kiracibwa kigatererwa mu muriro. 20 Nuko rero, muzobamenyera ku bikorwa vyabo.
21 Abampamagara ngo: Mwami, Mwami, si bose bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba. 22 Ku musi w’urubanza, benshi bazombwira ngo: Mwami, Mwami, mbega ntitwavugishwa mw’izina ryawe, kandi ntitwirukana abadayimoni mw’izina ryawe bakava mu bantu, tugakora n’ibitangaza vyinshi? 23 Ariko, nzobishura nti: ‘Nta ho nigeze ndabamenya. Nimumve i ruhande mwa nkozi z’ibibi mwe!’
24 Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare. 25 Imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyose vyisuka kuri nya nzu, yamara ntiyasenyuka kuko umushinge wayo wari umase ku rutare. 26 Ariko umuntu wese yumva aya majambo yanje hanyuma ntayashire mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge buke yubatse inzu yiwe ku musenyi. 27 Imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyose vyisuka kuri nya nzu, hanyuma irasenyuka kandi isenyuka ryayo ryabaye irikomeye."
28 Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe; 29 kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe babo.