Publicidade

Mateus 15

Ibihumanya n’ibidahumanya

1 Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati: 2 "Ni kuki abigishwa bawe batubahiriza imigenzo ya ba sogokuruza? Ntibakaraba imbere yo gufungura!"

3 Yesu arabishura ati: "None mwebwe ni kuki mutubahiriza ibwirizwa ry’Imana mwitwaje imigenzo yanyu? 4 Kuko Imana yavuze iti: ‘Wubahe so na nyoko,’ yongerako iti: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina aze yicwe.’ 5 Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu avuze kw’ivyo yari gufashisha se canke nyina ari inyegu y’Imana 6 ataba agikwiye kubibafashisha. Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa kubera imigenzo yanyu. 7 Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:

8 ‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo,

ariko imitima yabo iri kure yanje.

9 Ukunsenga kwabo ntikugira ikimazi;

inyigisho zabo ni amabwirizwa abantu bishingiye.’ "

10 Yesu aca ahamagara isinzi ry’abantu bari ngaho, arababwira ati: "Nimwumvirize kandi mutahure: 11 Icinjira mu kanwa k’umuntu, si co kimuhumanya. Ariko ikiva mu kanwa kiwe, ni co kimuhumanya."

12 Hanyuma abigishwa biwe baza aho ari, baramubaza bati: "Mbega urazi ko Abafarisayo bababaye bumvise ivyo uhejeje kuvuga?"

13 Yesu arabishura ati: "Igiterwa cose Data wo mw’ijuru atateye kizorandurwa. 14 Nimubareke; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, bompi bagwa mu kinogo."

15 Petero aramubwira ati: "Dusigurire uwo mugani."

16 Yesu arababaza ati: "Namwe ntimurashobora gutahura? 17 Ntimuzi ko ikintu cose cinjira mu kanwa kija mu nda hanyuma kigasohoka? 18 Ariko igisohoka giciye mu kanwa k’umuntu kiba kivuye mu mutima, kandi ni co kimuhumanya. 19 Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi. 20 Ivyo ni vyo vyanduza umuntu. Ariko kurya udakaravye, ntibishobora kwanduza umuntu."

Ukwizera kw’Umunyakananikazi

21 Yesu avuye ngaho, aja mu ntara ya Tiro na Sidoni. 22 Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: "Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!"

23 Ariko Yesu ntiyamwishura n’ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baraza barambwira bati: "Mwirukane kuko aguma avugiriza induru inyuma yacu."

24 Nuko Yesu abwira wa mugore ati: "Natumwe ku ntama zazimiye za Isirayeli gusa."

25 Wa mugore aca araza apfukama imbere yiwe, aramubwira ati: "Mwami, ntabara!"

26 Yesu aramwishura ati: "Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubwa."

27 Na we aramwishura ati: "Ni vyo, Mwami, ariko n’utubwa na two turemerewe kurya utuvunguka dukoroka tuva ku meza ya ba shebuja."

28 Yesu aca amubwira ati: "Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe." Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira.

Yesu ahaza abantu ibihumbi bine

29 Nuko Yesu ava ngaho, agendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya. Hanyuma aduga umusozi, yicaraho. 30 Maze abantu isinzi baza aho ari, bazanye abacumbagira, impumyi, ibimuga, ibiragi n’abandi barwayi benshi. Babashira imbere yiwe, na we arabakiza. 31 Abantu baratangara cane babonye abaragi bavuga, abacumbagira bagenda neza, abamugaye bamuguruka, n’abahumye bahumuka. Maze bahimbaza Imana ya Isirayeli.

32 Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: "Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye. Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira."

33 Abigishwa biwe baramubaza bati: "None twokura hehe ivyokurya bikwiye abantu bangana gutya muri kano gahinga?"

34 Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe?"

Na bo baramwishura bati: "Dufise imikate indwi hamwe n’udufi dukeya."

35 Aca abwira abantu ngo bicare hasi. 36 Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, maze abiha abigishwa biwe na bo babigaburira abo bantu. 37 Bose bararya barahaga, hanyuma abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. 38 Abariye uwo musi bari ibihumbi bine, udashizemwo abagore n’abana. 39 Yesu amaze gusezera abantu, atambukira mu bwato, aja mu ntara ya Magadani.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-