1 Yesu ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye no gukiza ubumuga bwose n’ingwara zose.
2 Aya ni yo mazina y’intumwa ziwe cumi na zibiri:
uwa mbere ni Simoni, ari we yitwa Petero, na mwene nyina Andereya,
hagakurikira Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana;
3 hanyuma Filipo na Baruteremi;
hagasubira Toma na Matayo umutozakori;
Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;
4 Simoni Umuzelote, na Yuda Isikariyote umwe yamugurisha.
5 Abo cumi na babiri Yesu arabarungika, ababwiye ati: "Ntimuje mu banyamahanga canke ngo mwinjire mu bisagara vy’i Samariya. 6 Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli. 7 Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’ 8 Mukize abagwaye, muzure abapfuye, muhumanure abagwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.
9 Ntimwitwaze inzahabu canke amahera mu mifuko yanyu. 10 Ntimutware amasakoshi y’impuzu canke ibirato vyo gukuranya, mbere ntimwitwaze n’inkoni yo kwishimikiza; kandi ntimwanke ko babaha indaro, kuko umukozi wese aberwa n’impembo. 11 Igisagara cose canke umuhana muzokwinjiramwo, muze murondere uwubereye kwakira abantu, hanyuma mugume mu nzu iwe kugeza mugiye. 12 Nimwinjira muri iyo nzu, muze muyiramutse muyihezagira. 13 Niyaba ibikwiye, umuhezagiro wanyu uzoguma kuri yo; niyaba itabikwiye, umuhezagiro wanyu uzobagarukako. 14 Aho bazokwanka kubakira no kwumviriza amajambo yanyu, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, maze muve muri iyo nzu canke muri ico gisagara. 15 Ndababwire ukuri, ku musi w’imanza, ibisagara vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.
16 Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mukerebuke nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma. 17 Mumenye neza ko bazobashengeza imbere y’abacamanza kandi ko bazobakubitira mu masinagogi yabo. 18 Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’abanyamahanga. 19 Ariko nibabafata, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga n’uburyo muzobivuga. Ako kanya nyene, muzohabwa ivyo mukwiye kuvuga, 20 kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.
21 Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe. 22 Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokizwa. 23 Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.
24 Umwigishwa ntaruta umwigisha, n’umukozi ntaruta shebuja. 25 Umwigishwa akwiye kugera aho amera nk’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera aho amera nka shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!
26 Nuko rero, ntimubatinye, kuko ata cagizwe ibanga kitazomenyekana kandi ata canyegejwe kitazoshirwa ahabona. 27 Ivyo ndababwirira ahatabona, mubivugire ahabona; ivyo ndabongorera mu matwi, mubivugire hejuru ku mazu. 28 Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, kuko yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu. 29 Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So wo mw’ijuru atavyemeye. 30 Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. 31 None rero, mweho ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
32 Umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, nanje nzomwemanga imbere ya Data wo mw’ijuru. 33 Ariko umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.
34 Ntimwiyumvire ko naje ngo nzane amahoro kw’isi! Haba na mba! Sinazanye amahoro, ahubwo nazanye intambara; 35 kuko naje gutuma
‘umuhungu agwanya se,
umukobwa agwanya nyina,
umukazana agwanya inabukwe.
36 Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo iwe.’
37 Umuntu wese akunda se canke nyina akabandutisha ntankwiye; uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akamundutisha, uwo na we nyene ntankwiye. 38 Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiye. 39 Umuntu wese agerageza kwigumiriza ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.
40 Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye. 41 Umuntu wese yakiriye umuvugishwa kuko ari umuvugishwa n’Imana, azohabwa ingero ihwanye n’iy’umuvugishwa. Kandi umuntu azokwakira umugororotsi w’Imana kuko agororotse, azohabwa ingero nk’iy’umugororotsi. 42 Nihaba uwugira ico aha umuntu mutoya mu bigishwa banje, naho coba igikombe c’amazi apfutse kuko ari umwigishwa wanje, ndababwije ukuri ko atazobura kubihererwa impera."