1 Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu; 2 aca abwira abagendanyi biwe ati: "Uwo ategerezwa kuba ari Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye! Ni co gituma afise ubushobozi bwo gukora ibitangaza."
3 Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Kandi ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, yahora ari umugore w’uwo bavukana yitwa Filipo. 4 Yohana yama abwira Herode ati: "Ntivyemewe ko urongora uwo mugore." 5 Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko babona Yohana nk’uwuvugishwa n’Imana.
6 Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane, 7 bituma amusezeranira ashizeko n’indahiro ko amuha ico amusaba cose. 8 Uwo mukobwa amaze kwoshwa na nyina wiwe, abwira Herode ati: "Ndasavye umpere kuri iyi siniya umutwe wa Yohana Umubatizi." 9 Maze umwami Herode arababara cane kubera ivyo yavuze, ariko kubera indahiro yari yarahiriye imbere y’abatumire biwe, avuga ko uwo mukobwa bamuha ico asavye. 10 Nuko arungika umuntu asanga Yohana Umubatizi mw’ibohero, amuca umutwe, 11 awuzana kw’isiniya, awuha wa mukobwa, na we awushira nyina. 12 Abigishwa ba Yohana baraza batora ikiziga ciwe baja kugihamba, hanyuma baragenda babwira Yesu ivyabaye.
13 Yesu amaze kuvyumva, aca ava ngaho agenda n’ubwato, aja ahantu hiherereye. Ariko abantu bamaze kumenya iyo yagiye, bava mu bisagara bagenda n’amaguru baramukurikira. 14 Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera akagongwe, aca abakiriza abagwaye.
15 Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari bamubwira bati: "Aha hantu turi ni mu gahinga kandi buriko burira. Rungika aba bantu bagende mu mihana bigurire ivyo barya."
16 Yesu arabishura ati: "Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira."
17 Baramwishura bati: "Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa."
18 Arababwira ati: "Nimubinzanire." 19 Hanyuma abwira abantu ngo bicare mu vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, vyose abihereza abigishwa biwe na bo babiha abo bantu. 20 Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye. 21 Abariye bari abagabo nk’ibihumbi bitanu, udashizemwo abagore n’abana.
22 Ubwo nyene Yesu abwira abigishwa biwe ngo baje mu bwato babe baragenda bamwitangire imbere mu kujabuka, na we asigare arasezera abantu. 23 Amaze gusezera abantu, aca aduga umusozi wenyene aja gusenga, maze burira akiri ngaho wenyene. 24 Ubwato bumaze kugenda urugendo rutari ruto buva ku nkengera, haza umuyaga ubaturutse imbere, ubwato buzungazungishwa n’imipfunda iteye ubwoba.
25 Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendera ku mazi. 26 Abigishwa biwe bamubonye agendagenda ku mazi, bagira ubwoba bwinshi, barataka bavuga bati: "Ni umuzimu."
27 Ariko Yesu arababwira ati: "Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba."
28 Petero aca avuga ati: "Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi."
29 Yesu aca amubwira ati: "Ingo."
Petero ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari. 30 Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: "Mwami, ntabara!"
31 Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: "Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?"
32 Maze baca batambukira mu bwato, umuyaga uca urahagarara. 33 Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: "Ni ukuri uri Umwana w’Imana."
34 Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti. 35 Abantu baho bamenye ko ari Yesu, baca babimenyesha abo muri ako karere bose, na bo bamuzanira ababo bagwaye. 36 Baramwinginga ngo yemerere abagwaye bapfume bakora no ku musozo w’impuzu yiwe, kandi abamukorako bose baca bakira.