Publicidade

Marcos 1

Yohana Umubatizi ategurira inzira Yesu

1 Iyi ni yo ntango y’Ubutumwa Bwiza bwa Yesu Kristo, Umwana w’Imana. 2 Bwatanguye nk’uko vyari vyaranditswe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya ngo:

"Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe,

igutegurire inzira":

3 Uwo ni "Ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa, ati:

‘Nimutegurire Uhoraho aho aca,

mugorore inzira agenderamwo.’ "

4 Uko ni ko Yohana Umubatizi yaserutse mu bugaragwa yigisha umubatizo wo kwihana ngo abantu baharirwe ivyaha. 5 Abantu benshi baragenda bavuye mu ntara ya Yudaya no mu gisagara ca Yerusalemu bakaja iyo ari. Bamaze kwatura ivyaha vyabo, yaca ababatiza mu ruzi Yorodani. 6 Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. 7 Yigisha avuga ati: "Uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi ku buryo bitanambereye kwunama ngo mpfundurure utugozi tw’ibirato vyiwe. 8 Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza muri Mpwemu Yera."

Ukubatizwa kwa Yesu n’ukugeragezwa kwiwe

9 Muri ico gihe, Yesu ava i Nazareti mu ntara y’i Galilaya, aja ku ruzi Yorodani, abatizwa na Yohana. 10 Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma. 11 Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: "Uri Umwana wanje nkunda, akampimbara."

12 Muri ako kanya nyene, Mpwemu Yera aca ajana Yesu mu bugaragwa, 13 ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Satani. Yabana n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi abamarayika bakaza bakamukorera.

Yesu ahamagara abigishwa biwe ba mbere

14 Yohana amaze gutabwa mw’ibohero, Yesu aca aja i Galilaya avuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana, 15 ati: "Igihe kirashitse, Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwihane mwizere Ubutumwa Bwiza."

16 Umusi umwe, Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, abona Simoni na mwene nyina Andereya, bariko baterera urusenga mu kiyaga, kuko bari abarovyi. 17 Arababwira ati: "Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu." 18 Ubwo nyene baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.

19 Yigiye imbere gato, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo bariko barasana insenga zabo mu bwato. 20 Ubwo nyene aca arabahamagara, na bo basiga se Zebedayo n’abakozi biwe mu bwato baramukurikira.

Yesu yirukana impwemu mbi mu muntu

21 Nuko Yesu ajana na bo i Kaperinawumu. Umusi w’Isabato ushitse, yinjira mw’isinagogi arigisha. 22 Abamwumviriza batangazwa n’inyigisho ziwe, kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe. 23 Ako kanya nyene, muri iyo sinagogi, umuntu yarimwo impwemu ihumanye, atangura gusemerera ati: 24 "Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!"

25 Yesu arayizibiza ati: "Hora! Muvemwo!" 26 Ya mpwemu mbi ica iramujegeza hanyuma imuvamwo ivuza induru nyinshi.

27 Abantu bose baratangara, barabazanya bati: "Mbega ibi ni ibiki? Ni inyigisho nshasha kandi zirimwo ububasha! N’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira!" 28 Maze inkuru ziwe zica zikwira mu ntara yose ya Galilaya.

Yesu akiza abantu benshi

29 Bavuye mw’isinagogi, Yesu aca ajana na Yakobo na Yohana i muhira kwa Simoni na Andereya. 30 Bahashitse, baca babwira Yesu ko inabukwe wa Simoni ari ku buriri, agwaye kandi ashushe cane. 31 Nuko Yesu yegera aho ari, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.

32 Ku mugoroba izuba rimaze kurenga, bazanira Yesu abagwaye benshi n’ababoshwe n’abadayimoni. 33 Abantu bose bo muri ico gisagara bakoranira imbere y’umuryango yari arimwo. 34 Nuko Yesu akiza abantu benshi bari bagwaye ingwara zitandukanye. Yirukana n’impwemu mbi nyinshi, ntiyazemerera kugira ico zivuga kuko zari zamenye uwo ari we.

Yesu avuga Ubutumwa Bwiza

35 Mu gitondo ca kare butaraca, Yesu aravyuka, arasohoka aja gusengera ahantu hiherereye. 36 Maze Simoni n’abari kumwe na we baja kumurondera. 37 Bamubonye baramubwira bati: "Abantu bose bariko barakurondera."

38 Na we arabishura ati: "Nimuze tuje mu yindi mihana yo hafi nje kwigishayo, kuko ari co canzanye." 39 Nuko agendagenda mu ntara yose ya Galilaya, avuga Ubutumwa Bwiza mu masinagogi, yirukana n’abadayimoni.

Yesu ahumanura umuntu agwaye imibembe

40 Umuntu agwaye imibembe araza apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: "Ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka."

41 Yesu aterwa ikigongwe n’uwo muntu maze aramvura ukuboko amukorako, aramubwira ati: "Ndabishatse, kira uhumanuke!" 42 Ubwo nyene ya mibembe ica iramuvako arahumanuka.

43 Yesu aca aramurungika, aramwihanikiriza ati: 44 "Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse." 45 Aho guhora, wa muntu aca aragenda atangura kuvuga no gukwiragiza iyo nkuru. Ivyo vyatumye Yesu adasubira kuja mu gisagara ku mugaragaro, ahubwo aca aguma inyuma yaco ahantu hihishije. Ariko na ho nyene abantu barahamusanga bavuye mu mihingo myinshi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-