Publicidade

Marcos 9

1 Maze abandanya ababwira ati: "Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze hano muri kano kanya ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana buza mu bushobozi buhambaye."

Ishusho ya Yesu ihinduka

2 Haheze imisi itandatu, Yesu ajana Petero, Yakobo na Yohana abadugana ku musozi muremure aho bagumanye bari ukwa bonyene. Bari ngaho ishusho ya Yesu ihinduka babona. 3 Impuzu ziwe zirera cane, zica ibibatsi. Nta muntu n’umwe kw’isi yozimesuye ngo zere nk’uko. 4 Hanyuma baja babona Eliya na Mose imbere yabo baganira na Yesu.

5 Petero abwira Yesu ati: "Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya." 6 Ntiyari azi ico avuga, kuko we na bagenziwe bari batekewe n’ubwoba.

7 Maze haza igicu kirabatwikira, hanyuma ijwi ryumvikanira muri nya gicu, rivuga riti: "Uwu ni Umwana wanje nkunda cane. Nimumwumvirize!"

8 Ako kanya nyene, baravye impande yabo, ntihagira uwundi babona atari Yesu gusa.

9 Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye kugeza Umwana w’Umuntu azutse mu bapfuye. 10 Nuko babigumya nk’ibanga mu mitima, ariko kenshi bakabazanya ico yagomba kuvuga igihe yababwira ivyo "kuzuka mu bapfuye".

11 Hanyuma baramubaza bati: "Ni kuki abigisha b’ivyagezwe bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza?"

12 Yesu arabishura ati: "Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. None ni kuki handitswe ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa cane akongera agasuzugurwa? 13 Ariko ndababwire, Eliya yaramaze kuza, kandi abantu bamukoreye ivyo bishakiye, nk’uko Ivyanditswe vyera bibivuga."

Yesu akiza umuhungu arimwo impwemu mbi

14 Bagarutse aho abandi bigishwa bari, babona abantu benshi babakikije kandi bamwe mu bigisha b’ivyanditswe ni ho bari bari, baharira na bo. 15 Abo bantu bose babonye Yesu aserutse baratangara cane, biruka baja kumuramutsa.

16 Yesu arababaza ati: "Mbega muriko muharira ku biki?"

17 Umwe muri ba bantu arishura ati: "Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga. 18 Ishobora kumufatira aho ari hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya amenyo, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara."

19 Yesu arabishura ati: "Mwa bantu b’iki gihe, ata kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana."

20 Nuko bamuzanira uwo mwana. Ya mpwemu mbi ikibona Yesu, itangura kumujegeza cane, agwa hasi, arikumbagaza, abira ifuro mu kanwa.

21 Yesu abaza se w’uwo mwana ati: "Ibi vyatanguye kumushikira ryari?"

Na we arishura ati: "Kuva akiri umwana muto cane. 22 Kenshi iyo mpwemu imuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe."

23 Yesu aravuga ati: "Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze’? Vyose bishobokera uwizera."

24 Ubwo nyene se w’uwo mwana arasemerera ati: "Ndizera! Ariko mfasha neshe ukutizera kwanje!"

25 Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: "Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wongere kumugarukamwo."

26 Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: "Arapfuye." 27 Ariko Yesu amufata ukuboko aramuhagurutsa, maze wa mwana arahagarara.

28 Mu nyuma y’ivyo, Yesu yinjiye mu nzu, abigishwa biwe baramubaza biherereye bati: "Ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?"

29 Arabishura ati: "Ugusenga kwonyene ni kwo gushobora kwirukana impwemu nk’irya."

Yesu asubira kuvuga ibijanye n’urupfu rwiwe

30 Nuko bava aho hantu baca i Galilaya. Yesu ntiyashaka ko hagira uwumenya aho bari, 31 kuko yashaka kugumana n’abigishwa biwe ngo abigishe. Arababwira ati: "Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. Bazomwica ariko ku musi ugira gatatu, azozuka." 32 Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.

33 Nuko bashika i Kaperinawumu. Ashitse mu nzu abaza abigishwa biwe ati: "Mbega mwariko muharira ku biki igihe twari mu nzira tuza?" 34 Ariko ntibamwishura, kuko mu nzira bariko babazanya umukuru muri bo uwo ari we.

35 Yesu amaze kwicara ahamagara bamwe cumi na babiri arababwira ati: "Umuntu wese ashaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose, n’umukozi wa bose."

36 Nuko afata umwana mutoya amuhagarika hagati yabo, aramuterura, ababwira ati: 37 "Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye n’uwantumye."

Uwutatugwanya aba ari ku ruhande rwacu

38 Yohana abwira Yesu ati: "Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe duca turamubuza kuko atari uwo muri twebwe."

39 Yesu aramwishura ati: "Ntimukamubuze, kuko nta muntu yokora igitangaza mw’izina ryanje hanyuma ngo agaruke amvuge nabi. 40 Kuko uwutatugwanya aba ari ku ruhande rwacu. 41 Ndababwire ukuri, umuntu wese abahaye igikombe c’amazi mw’izina ryanje kuko muri aba Kristo, ntazobura kubihererwa impera.

Kwirinda ibigwisha mu caha

42 Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agatererwa mu kiyaga. 43 Ukuboko kwawe nikwagutuma gucumura, nuguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaboko yompi, [ 44 aho

‘inyo zaho zidapfa,

n’umuriro waho utazima.’]

45 Kandi ukuguru kwawe nikwagutuma gukora icaha, nuguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuguru kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaguru yompi, [ 46 aho

‘inyo zaho zidapfa,

n’umuriro waho utazima.’]

47 Ijisho ryawe niryatuma ukora icaha, rinogore, urite kure. Vyokubera vyiza kwinjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi, 48 aho

‘inyo zaho ntizipfa,

n’umuriro waho ntuzima.’

49 Umuntu wese azosuzumwa n’umuriro.

50 Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Mugire uburyohe nka kurya kw’umunyu muri mwebwe kandi mubane amahoro."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-