1 Ikindi gihe Yesu yinjira mw’isinagogi ahasanga umuntu akongataye ukuboko. 2 Bamwe mu bari aho bamuhanga amaso ngo barabe ko amukiza, kuko barondera ico bofatirako kugira ngo bamwagirize ko yakoze ku musi w’Isabato kandi kizira. 3 Yesu abwira wa muntu akongataye ukuboko ati: "Haguruka uhagarare hano imbere y’aba bantu bose."
4 Arababaza ati: "Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?" Ntihagira n’umwe amwishura.
5 Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Maze aca abwira uwo muntu ati: "Gorora ukuboko kwawe." Akugoroye guca kurakira. 6 Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, y’ingene bokwica Yesu.
7 Yesu n’abigishwa biwe bava aho hantu baja ku kiyaga, maze abantu isinzi baramukurikira bavuye i Galilaya, i Yudaya, 8 i Yerusalemu, muri Idumaya, hakurya y’uruzi Yorodani no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni. Abo bose bamukurikiye kuko bumvise ibitangaza yakoze. 9 Nuko abwira abigishwa biwe ngo bamutegurire ubwato kugira ngo abantu ntibamugunde, 10 kuko yari yakijije abantu benshi bituma abagwaye bandi barondera kumukorako. 11 Abantu baboshwe n’impwemu mbi bamukubise ijisho, izo mpwemu mbi zaca zibakubita hasi zigasemerera ziti: "Uri Umwana w’Imana!" 12 Ariko we yaca azikankamira ngo zihore, ntizisubire kuvuga uwo ari we.
13 Hanyuma Yesu aduga ku musozi ahamagara abo agomvye, na bo baza aho ari. 14 Maze atoranyamwo cumi na babiri, abita intumwa, kugira ngo babane na we yongere abatume kuvuga Ubutumwa Bwiza; 15 abaha n’ububasha bwo kwirukana abadayimoni.
16 Aya ni yo mazina y’abo cumi na babiri yatoranije:
Simoni (uwo yise Petero);
17 Yakobo na Yohana bene Zebedayo (na bo abita Bowanerige, bisigura "abana b’inkuba"),
18 Andereya,
Filipo,
Baruteremi,
Matayo,
Toma,
Yakobo mwene Alufayo,
Tadeyo,
Simoni Umuzelote,
19 na Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha.
20 Hanyuma Yesu aja i muhira, maze abantu benshi basubira gukoranira aho ari, ku buryo we n’abigishwa biwe bitashoboka ko bafungura. 21 Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bavuga bati: "Yasaze."
22 Abigisha b’ivyagezwe bari baje bava i Yerusalemu bavuga bati: "Akoreshwa n’ububasha bwa Beyelizebuli! Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni."
23 Yesu arabahamagara ababwira mu migani ati: "Mbega Satani yokwirukana Satani gute? 24 Iyo ubwami bwiciyemwo ibice, buba bugiye gusenyuka. 25 Kandi iyo umuryango wiciyemwo ibice, ntushobora kurama. 26 Iyo Satani yigwanije akicamwo ibice, ntashobora guhagarara, ivyiwe biba biheze. 27 Nta muntu yokwinjira mu nzu y’umunyenkomezi ngo amunyage ivyo atunze atabanje kumuboha. Aho ni ho honyene ashobora kwinjira mu nzu akamunyaga ivyiwe. 28 Ndababwire ukuri, ivyaha vyose abana b’abantu bakora n’ibitutsi vyose batuka Imana barashobora kubibabarirwa. 29 Ariko umuntu wese atuka Mpwemu Yera ntazokwigera abiharirwa, icaha ciwe kizohoraho ibihe bidashira."
30 Ivyo yabivuze kuko bariko bavuga ngo arimwo impwemu mbi.
31 Nyina wa Yesu na bene nyina baraza bahagarara hanze, batuma umuntu kumuhamagara. 32 Abantu bari bamukikije baramubwira bati: "Nyoko na bene nyoko bari hanze kandi barakurondera."
33 Arababaza ati: "Mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?"
34 Nuko yihweza abari bamukikije, avuga ati: "Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama. 35 Uwukora ivyo Imana ishaka wese ni we mwene mama kandi ni we mama."