1 Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo umusi mukuru wa Pasika n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro ishike. Kandi abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu mpisho kugira ngo bamwice. 2 Barumvikana bati: "Ntidukwiye kumufata mu gihe c’imisi mikuru kuko abantu bohava bagumuka."
3 Ico gihe Yesu yari i Betaniya mu nzu kwa Simoni yahoze ari umunyamibembe. Ariko arafungura, haza umugore afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada. Nuko yugurura rya cupa, asuka ya mavuta ku mutwe wa Yesu.
4 Bamwe mu bari aho bongorerana bababaye bati: "Ni kuki yononye ayo mavuta? 5 Iyo agurishwa yari kuvamwo idenariyo zirenga amajana atatu, maze ayo mahera agafasha aboro." Uwo mugore baramunebagura cane.
6 Yesu arababwira ati: "Mbega uwu mugore mumugorera iki? Ankoreye ikintu ciza. 7 Aboro muzokwamana, kandi murashobora kubafasha igihe cose mubishakiye. Ariko jewe ntimuzonyamana. 8 Akoze ivyo ashoboye. Asutse aya mavuta ku mubiri wanje hakiri kare, kugira ngo awutegurire guhambwa. 9 Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa, bitume yama yibukwa."
10 Hanyuma, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aja kurondera abaherezi bakurubakuru ngo bavugane ingene yobashikiriza Yesu. 11 Maze baranezerwa cane, baca bamwemerera amahera; na we aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza.
12 Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro, hari umugenzo wo gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama wa Pasika. Nuko abigishwa babaza Yesu bati: "Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?"
13 Nuko arungika bibiri mu bigishwa biwe, arababwira ati: "Nimugende mu gisagara, mu nzira muraja guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi, muce mumukurikira. 14 Ashitse aho agiye, mubwire nyene urugo ko Umwigisha ashaka kumenya ahari icumba c’abashitsi aja gusangiriramwo ivya Pasika n’abigishwa biwe. 15 Na we araja kubereka icumba kinini co hejuru, kirimwo ibikenewe vyose. Aho abe ari ho mudutegurira ivya Pasika."
16 Nuko ba bigishwa baragenda, baja mu gisagara basanga ibintu bimeze nk’uko Yesu yabibabwiye, baca bategura ivyokurya vya Pasika.
17 Hageze ku mugoroba, Yesu aca arashika ari kumwe n’abigishwa biwe cumi na babiri. 18 Bariko barafungura, Yesu avuga ati: "Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe turiko turasangira ahava angurisha."
19 Abigishwa baca barababara, umwe wese aramubaza ati: "Yoba ari jewe?"
20 Arabishura ati: "Ni umwe muri mwebwe cumi na babiri, uwo duhurije ukuboko mw’isahani. 21 Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!"
22 Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: "Nimwakire murye, uwu ni umubiri wanje."
23 Yongera afata igikombe, ahejeje kugishimira Imana, agiha abigishwa biwe, maze bose bakinywako.
24 Arababwira ati: "Aya ni amaraso yanje y’isezerano hagati y’Imana n’abantu bayo, asesetse ku bwa benshi. 25 Ndababwire ukuri, sinzosubira kunywa ku muvinyu w’imizabibu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwunywa ari mushasha mu Bwami bw’Imana."
26 Bahejeje kuririmba barasohoka baja ku Musozi wa Elayono.
27 Yesu arababwira ati: "Mwese muhava muhunga, munte jenyene. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo:
‘Nzokubita umwungere,
intama zisanzare.’
28 Ariko maze kuzuka, nzobitangira imbere kuja i Galilaya, ndabarindirireyo."
29 Petero aramubwira ati: "Naho bose boguta bagahunga, jewe sinzoguta."
30 Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, imbere yuko isake ibika kabiri, wewe nyene uzoba umaze kunyihakana gatatu kose uvuga ko utanzi."
31 Ariko Petero abisubiramwo ashimitse ati: "Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana nawe." N’abandi bigishwa bavuga gutyo nyene.
32 Nuko baja ahantu hitwa Getsemane, maze Yesu abwira abigishwa biwe ati: "Nimube muricaye ngaha nanje nje gusenga." 33 Nuko ajana na Petero, na Yakobo na Yohana, maze atangura kugira agahinda kenshi cane no guhagarika umutima. 34 Arababwira ati: "Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje."
35 Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga asaba ngo iyo saha imurengane. 36 Aravuga ati: "Aba, Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba."
37 Nuko agaruka aho abigishwa biwe bari asanga basinziriye. Abaza Petero ati: "Simoni, urasinziriye? Ntiwashoboye kubana maso nanje n’isaha n’imwe? 38 Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Umutima urabikunze, ariko umubiri ufise intege nke."
39 Asubira kwigira imbere, asenga asubiramwo ya majambo nyene. 40 Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro, maze babura ico bamubwira.
41 Agarutse aho bari ubugira gatatu, arababaza ati: "Mbega n’ubu muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha. 42 Nimuvyuke tugende. Nguwo uwangurishije arashitse!"
43 Yesu akiriko aravuga, Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe n’abatware.
44 Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: "Uwo nja gusoma azoba ari we. Muce mumufata mumujane, kandi mumucunge cane!" 45 Babashikiriye, Yuda agenda atumbereye Yesu, avuga ati: "Rabi!" Aca aramusoma. 46 Nuko ba bantu bashorera amaboko kuri Yesu baramufata. 47 Umwe mu bari hafi ya Yesu asokora inkota yiwe ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
48 Yesu aravuga ati: "Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje amahiri? 49 Imisi yose namana namwe mu rusengero nigisha, ariko ntimwigeze mumfata. Ariko ibi bibaye kugira ngo Ivyanditswe bishike." 50 Nuko bose baramuta barahunga.
51 Ariko umusore umwe agerageza gukurikira Yesu yambaye umutamana wonyene, na we nyene baza kumufata, 52 aca abatana wa mutamana ahunga ari gusa.
53 Nuko bafata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru, ahari hakoraniye abaherezi bakurubakuru, abatware, n’abigisha b’ivyagezwe. 54 Petero aguma amukurikira agendera inyuma kure, maze ashika mu rugo rw’umuherezi mukuru, aca yicarana n’abarinzi b’urugo, yota umuriro.
55 Abaherezi bakurubakuru n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda, bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa, ariko ntibaronka na kimwe. 56 Bamwe mu bamwagiriza bagerageza kumubeshera, ariko ntibahuza ku vyo bamurega.
57 Nuko bamwe barahaguruka bamwagiriza ibinyoma bati: 58 "Twamwumvise avuga ngo: ‘Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’abantu, hanyuma mu misi itatu nubake urundi, rutubatswe n’abantu.’ " 59 Ariko n’ivyo birego na vyo ntibabihurizako.
60 Hanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka imbere ya bose, abaza Yesu ati: "None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?" 61 Ariko Yesu arihorera ntiyagira ico amwishura.
Wa muherezi mukuru arongera aramubaza ati: "Uri Kristo, Umwana w’Iyihezagiwe?"
62 Yesu arishura ati: "Ndi we! Kandi muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi azananye n’ibicu vyo kw’ijuru."
63 Wa muherezi mukuru yitaburirako impuzu, avuga ati: "None hari ibindi vyabona dukeneye? 64 Ubu naho ntimwiyumviye ingene atutse Imana? Nimugire ico mubivuzeko."
Bose baca bamucira urubanza ko akwiye gupfa! 65 Bamwe batangura kumucirako; bamupfunga amaso, bamukubita ingumu, bavuga bati: "Vugishwa, utubwire uwugukubise!" Hanyuma ba barinzi baca baramujana, bamukubita amakofe.
66 Petero akiri hepfo mu rugo, umwe mu bakobwa bakorera umuherezi mukuru aza aho ari. 67 Abonye Petero ariko arota, aramwihweza cane.
Maze amubwira ati: "Na wewe wari kumwe na Yesu Umunyanazareti."
68 Ariko Petero arabihakana ati: "Sinzi kandi sintahura ivyo uriko uravuga!" Nuko aca ava mu rugo aja kw’irembo.
69 Wa mukobwa abonye ko Petero ahagaze kw’irembo, aca abwira abari ngaho ati: "Uwu mugabo ni umwe mu bigishwa biwe!" 70 Petero yongera kubihakana.
Haheze akanya, abari bahagaze hafi ya Petero baramubwira bati: "Ni ivy’ukuri uri umwe muri bo, kuko uri Umunyagalilaya."
71 Petero atangura kurahira yisiba ati: "Ndabarahiye, uwo mugabo sindamuzi."
72 Uwo mwanya nyene isake ica ibika ubugira kabiri. Nuko Petero na we aca aribuka ijambo Yesu yari yamubwiye ati: "Isake itarabika kabiri, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi." Maze aca araturikisha ararira.